Ikigabane ca 17
Yezu Yigisha Nikodemu
MU GIHE Yezu ahimbaza Pasika yo mu 30 G.C., arahakorera ibitangaro. Kubera ico, abantu benshi baramwizera. Nikodemu, umwe mu bagize Ikombe, ari yo sentare nkuru y’Abayuda, biramukora ku mutima agashaka kumenya n’ibindi. Ni kwo kugendera Yezu mu mwijima w’ijoro, kumbure atinya yuko yohava atakaza icubahiro yari afise mu zindi ndongozi z’Abayuda baramutse bamubonye.
Avuga ati: “Mwigisha, turazi yuk’ur’umwigisha yavuye ku Mana, kukw ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk’ivyo ukora, shit’Imana iri kumwe na we.” Mu kwishura, Yezu abwira Nikodemu yuko kugira ngo umuntu yinjire mu Bwami bw’Imana, ategerezwa ‘kuvyarwa ubwa kabiri.’
Ariko bishoboka bite ko umuntu asubira kuvyarwa? Nikodemu abaza ati: “Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?”
Oya, ico si co gusubira kuvyarwa bishaka kuvuga. Yezu arasigura ati: ‘Iy’umuntu atavyawe n’amazi n’impwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana.’ Igihe Yezu yabatizwa impwemu yera ikamanuka kuri we, gutyo yari avyawe ‘n’amazi n’impwemu.’ Biciye kuri rya tangazo rindi ryava mw’ijuru, ngo “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara,” Imana yari yamenyesheje yuko ivyaye umwana wo mu vy’impwemu afise icizigiro c’ukwinjira mu Bwami bw’ijuru. Mu nyuma, kuri Pentekote yo mu 33 G.C., abandi bantu babatijwe bararonka impwemu yera, gutyo na bo nyene babe bavyawe ubwa kabiri, babe abana b’Imana bo mu vy’impwemu.
Ariko uruhara rw’Umwana adasanzwe w’Imana rurahambaye cane. Yezu abarira Nikodemu ati: “Uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni k’Umwana w’umuntu akwiye kumanikwa, ng’umwizera wese ahabge ubu[zima] budashira.” Egome, nk’uko ba Bisirayeli bakomorwa n’inzoka z’ubumara babwirijwe kuraba ku nzoka y’umuringa ngo bakire, ni ko abantu bose bakeneye kugaragaza ukwizera Umwana w’Imana kugira bakizwe ugupfa kubahanze.
Mu gushimika ku ruhara ndangarukundo Yehova arangura muri ivyo, Yezu ubukurikira abwira Nikodemu ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.” Gutyo rero, aho i Yeruzalemu inyuma y’amezi atandatu gusa Yezu atanguye igikorwa ciwe, atomoye yuko ari we buryo Yehova Imana yashizeho kugira ngo akize abantu.
Yezu abandanya gusigurira kandi Nikodemu ati: “Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza,” ni ukuvuga, ntiyazanywe no kubacira rubi, ngo acire abantu urwo kurandurwa. Ahubwo, nk’uko Yezu abivuga, yarungitswe “ngw abari mw isi bakizwe na we.”
Nikodemu yaje kuri Yezu afise ubwoba, yikinze umwijima. Biri n’ico bivuze rero kubona Yezu arangiza ikiyago ciwe na we mu kuvuga ati: “Uku ni kwo gutsindwa, kuk’umuco [uwo Yezu we nyene yagereranya mu buzima bwiwe no mu nyigisho ziwe] waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi. Kuk’ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe. Arik’ūkora ivy’ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.”
Yohana 2:23–3:21; Matayo 3:16, 17; Ivyakozwe 2:1-4; Guharūra 21:9.
▪ Ni igiki gituma Nikodemu agendera Yezu, kandi ni kuki aza mw’ijoro?
▪ ‘Kuvyarwa ubwa kabiri’ bishaka kuvuga iki?
▪ Yezu atangira gute ikigereranirizo uruhara afise mu vy’ugukizwa kwacu?
▪ Ivy’uko Yezu ataje gucira isi urubanza bishaka kuvuga iki?