Ikigabane ca 18
Yohani Aja Hasi, Yezu Akaja Hejuru
INYUMA ya Pasika yo mu rushana rwo mu 30 G.C., Yezu n’abigishwa biwe bava i Yeruzalemu. Ariko rero, ntibasubira i muhira iwabo i Galilaya, ahubwo baja mu gihugu c’i Yudaya aho babatiriza. Yohani Umubatizi ubu amaze nk’umwaka akora ico gikorwa nyene, kandi akaba agifise abigishwa bifatanije na we.
Mu vy’ukuri, Yezu ubwiwe ntabatiza namba, ariko bikorwa n’abigishwa biwe ari we abayoboye. Ibatisimu batanga ifise ya nsobanuro nyene ya batisimu Yohani atanga ifise, ikaba ari ikimenyetso c’uko Umuyuda yigaye ivyaha yakoze mu kurenga isezerano ry’Ivyagezwe vy’Imana. Yamara, Yezu inyuma y’izuka ryiwe abwiriza abigishwa biwe gutanga ibatisimu ifise iyindi nsobanuro. Ibatisimu ya gikirisu ubu ni ikimenyetso c’uko umuntu yiyeguriye Yehova Imana ngo amukorere.
Ariko rero muri ico gihe c’intango y’igikorwa ca Yezu, Yohani hamwe na we bompi, naho badakorana, barigisha bongera babatiza abigaye. Ariko abigishwa ba Yohani bagira ishari bamwidodombako ku biraba Yezu, bati: “Mwigisha, . . . erega na we arikw arabatiza, kandi bose baza kuri we.”
Aho kugira ishari, Yohani aranezerezwa n’uko Yezu aroranirwa, kandi ashaka ko n’abigishwa biwe nyene banezerwa. Arabibutsa ati: “Ni mwebge ubganyu munshingira intahe yuko navuze, nti Si jewe Kristo, ariko natumwe kumwitangira imbere.” Maze akoresha ikigereranirizo ciza, avuga ati: “Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.”
Yohani, kubera ko ari umugenzi w’umukwe, haraciye amezi nk’atandatu agize umunezero igihe yazana abigishwa biwe kuri Yezu. Hari bamwebamwe muri bo bacitse abogiye mu mugwi w’abagize umugeni wo mw’ijuru wa Kirisitu, uwobaye ugizwe n’Abakirisu basizwe impwemu. Yohani ashaka ko abigishwa afise na bo nyene bakurikira Yezu, kubera ko ico arondera ari ugutegura inzira y’igikorwa ca Kirisitu ngo kiroranirwe. Yohani Umubatizi abisigura ati: “Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto.”
Yohani umwigishwa mushasha wa Yezu, uwari na we nyene yahoze ari umwigishwa wa Yohani Umubatizi, arandika ibiraba amamuko ya Yezu hamwe n’uruhara ruhambaye afise mu gukizwa kw’abantu, ati: “Uwavuye hejuru ni we asumba bose, . . . Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe. Uwizeye Umwana arafise ubu[zima] budashira, arik’ūtumvira Umwana ntazobona ubu[zima], arik’uburake bg’Imana buguma kuri we.”
Ata gihe kinini kihaciye inyuma y’aho Yohani Umubatizi avugiye ivy’ukugabanuka kw’umurimo wiwe bwite, afatwa n’Umwami Herode. Herode yatwaye Herodiya, umugore wa mwenewabo Filipo, amugira umugore wiwe, maze aho Yohani ashiriye ku kabarore ivyo Herode yakoze ko ari ibitabereye, Herode amushirisha mu mvuto. Yezu yumvise ivy’ugufatwa kwa Yohani, ava i Yudaya ari kumwe n’abigishwa biwe, baja i Galilaya. Yohana 3:22–4:3; Ivyakozwe 19:4; Matayo 28:19; 2 Ab’i Korinto 11:2; Mariko 1:14; 6:17-20.
▪ Amabatisimu yatangwa biyobowe na Yezu imbere y’uko azuka yasobanura iki? Ayotanzwe inyuma y’izuka ryiwe na yo?
▪ Yohani yerekana gute ko abigishwa biwe bidodomba bidakwiriye?
▪ Yohani ashirwa mu mvuto ahorwa iki?