Ikigabane ca 38
Yohani Yoba Yari Abuze Ukwizera?
YOHANI Umubatizi, uwumaze nk’umwaka mw’ibohero, aronse inkuru ivuga izurwa rya wa muhungu w’umupfakazi i Nayini. Ariko Yohani ashaka kwumva ivyo Yezu ubwiwe yivugiye ku vyerekeye insobanuro y’ivyo, ni kwo guca atuma babiri mu bigishwa biwe kubaririkiriza bati: “Mbeg’uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?”
Ico womenga ni ikibazo kitumvikana, canecane kubera ko Yohani yabonye impwemu y’Imana imanuka kuri Yezu, akumva n’ijwi ry’Imana rishima Yezu igihe yariko aramubatiza imyaka nk’ibiri imbere yaho. Ikibazo Yohani abajije gishobora gutuma bamwe biyumvira yuko ukwizera kwiwe kwari kwahororokewe. Ariko si uko biri. Yezu ntiyovuze neza cane Yohani nk’uko abigira ico gihe, mu gihe Yohani yoba atanguye gukekeranya. None ni kuki Yohani abaza ico kibazo?
Yohani ashobora gusa kuba ashaka igihinyuza kivuye kuri Yezu ubwiwe c’uko ari We Mesiya. Ivyo vyokomeje Yohani narirya ariko arananukira mw’ibohero. Mugabo biboneka ko ikibazo ca Yohani kitarimwo ivyo gusa. Bisa n’uko ashaka kumenya yuko hoba hariho uwundi ariko araza, nk’uwokwitwa umusubirizi, azononosora iranguka ry’ibintu vyose vyamenyeshejwe ko vyoranguwe na Mesiya.
Dukurikije ubuhanuzi bwa Bibiliya, ubwo Yohani atayobewe, Uwasizwe w’Imana yobaye umwami, umukiza. Yamara Yohani aracari imbohe, n’inyuma nyene y’amezi atari make kuva aho Yezu abatirijwe. Yohani rero bisa nuko ariko abaza Yezu ati: ‘Woba uri umwe azosasagaza Ubwami bw’Imana bw’ububasha buboneka, canke hoba hariho uwundi, umusubirizi, dukwiye kurindira ngo ashitse ubuhanuzi butangaje bwose bujanye n’ubuninahazwa bwa Mesiya?’
Aho kubwira abigishwa ba Yohani ati ‘Cane nyene ni jewe nari kuza!’ Yezu kuri iyo saha nyene agira ikintu gitangaje kibigaragaza mu gukiza abantu benshi, abakiza ubwoko bwose bw’indwara n’ubumuga. Maze abwira ba bigishwa ati: “Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.”
Mu yindi mvugo, ikibazo ca Yohani gishobora kandi kuba kirimwo ivy’uko yiteze ko Yezu agira ibiruta ivyo ariko aragira, kumbure agakuza Yohani mu mvuto. Ariko rero, Yezu ariko abwira Yohani kutigera arindira ibindi kiretse ivyo bitangaro ariko arakora.
Abigishwa ba Yohani bahavuye, Yezu ahindukirira rya shengero hanyuma aribwira yuko Yohani ari we “ntumwa” ya Yehova yamenyeshejwe muri Malaki 3:1, akaba na we muhanuzi Eliya yamenyeshejwe muri Malaki 4:5, 6. Maze rero ashimagiza Yohani ko aringaniye n’umuhanuzi uwo ari we wese yabayeho imbere yiwe, mu gusigura ati: “Ndababgire ukuri: Mu bāvyawe n’abagore ntihigeze kuboneka umuntu aruta Yohana Umubatizi. Arik’umutoya mu bgami bgo mw ijuru aramuruta. Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru.”
Yezu ngaha ariko yerekana yuko Yohani atazoba mu Bwami bwo mw ijuru, kubera ko umutoyi wo muri bwo amusumba. Yohani yarateguriye inzira Yezu, ariko apfa imbere y’uko Kirisitu adoma ikimangu kw’isezerano, ari wo mwumvikano yogiranye n’abigishwa biwe, ry’uko bobaye abategekana na we mu Bwami bwiwe. Ico ni co catumye Yezu avuga yuko Yohani atazoba mu Bwami bwo mw’ijuru. Ahubwo Yohani azoba umutwarwa wo kw’isi w’Ubwami bw’Imana. Luka 7:18-30; Matayo 11:2-15.
▪ Ni kuki Yohani abaza niba Yezu ari Umwe yari kuza canke niba bakwiye kwitega uwundi?
▪ Ni ubuhanuzi ubuhe Yezu avuga ko Yohani yashikije?
▪ Ni kuki Yohani Umubatizi atazoba mw’ijuru kumwe na Yezu?