ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/1 rup. 10-15
  • Kirisitu ni we ubuhanuzi bushimikirako

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kirisitu ni we ubuhanuzi bushimikirako
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu ubwiwe atanga ikimenyamenya
  • Barakomejwe n’ibintu vy’ubuhanuzi beretswe nko mu ndoto
  • Abagumyabanga b’Imana bongera kumurikirwa
  • Barazigamwe mu gihe c’umwiza n’amarushwa
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Kubera iki batemeye Mesiya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Igihe Yezu Aza mu Buninahazwa bw’Ubwami
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/1 rup. 10-15

Kirisitu ni we ubuhanuzi bushimikirako

“Ugushingira intahe Yezu ni kwo gutuma havugwa ubuhanuzi”.​—Ivyahishuriwe 19:10, NW.

1, 2. (a) Guhera mu mwaka wa 29 G.C., ihanga rya Isirayeli ryabwirizwa gufata iyihe ngingo? (b) Ni ibiki tugiye kwihweza muri iki kiganiro?

TURI mu mwaka wa 29 G.C. Muri Isirayeli baguma bavugana akamwemwe ivy’umwe Mesiya yasezeranywe. Ubusuku bwa Yohani Umubatizi bwatumye abantu barushiriza kwitega Mesiya (Luka 3:15). Yohani arahakana yuko atari we Kirisitu. Ahubwo riho, yerekana Yezu w’i Nazareti, maze akavuga ati: “Narabishingiye intahe yuk’uyo ar’Umwana w’Imana” (Yohana 1:20, 34). Amasinzi y’abantu baciye bakurikira Yezu kugira bumvirize inyigisho ziwe no kugira abakize.

2 Mu mezi akurikira, Yehova aratanga ibimenyamenya injojo vyerekeye Umwana wiwe. Abize Ivyanditswe maze bakibonera ibikorwa Yezu akora, barafise ishingiro ryumvikana ryo kumwizera. Ariko rero, abasavyi b’Imana bagiraniye na yo isezerano, muri rusangi berekana ko batagira ukwizera. Ubiravye, ni bake bemera yuko Yezu ari we Kirisitu, Umwana w’Imana (Yohana 6:60-69). Wari gukora iki iyo uza kuba ari ho uri ico gihe? Woba wari kuvyurirwa umutima wo kwemera ko Yezu ari we Mesiya maze ukaba umuyoboke wiwe w’intahemuka? Reka twihweze ikimenyamenya Yezu ubwiwe atanga cerekana akaranga kiwe igihe bamwagiriza ko ariko arenga kw’Isabato, twongere turabe n’ibindi bimenyamenya atanga mu nyuma kugira akomeze ukwizera kw’abigishwa biwe b’abagumyabanga.

Yezu ubwiwe atanga ikimenyamenya

3. Ni ibiki bishika bigatuma Yezu yumva atogenda adatanze ikimenyamenya c’akaranga kiwe?

3 Ni mu kiringo ca Pasika yo mu 31 G.C., Yezu akaba ari i Yeruzalemu. Ahejeje gukiza umuntu yari amaze imyaka 38 arwaye. Ariko rero, Abayuda baramuhama kubera akoze ico kintu kw’Isabato. Bamwagiriza kandi yuko arogota, bakarondera no kumwica kubera yuko yita Imana Se (Yohana 5:1-9, 16-18). Mu kwiregura, Yezu ashikiriza ivyiyumviro bitatu bikomakomeye bifasha kuzirikana, vyari bikwiye kujijura Umuyuda wese atagira uburyarya, akabona akaranga nyakuri ka Yezu.

4, 5. Ubusuku bwa Yohani bwari bufise intumbero iyihe, kandi bwayishikije ku rugero rungana iki?

4 Ubwa mbere, Yezu yerekeza ku ntahe yashinzwe n’integuza yiwe, ari we Yohani Umubatizi, akavuga ati: “Mwebge mwatumye kuri Yohana, ashingira ukuri intahe. Uwo yar’itara ryaka rikabonesha, kandi namwe mwamaze igihe muhimbawe n’ukwaka kwiwe”.​—Yohana 5:33, 35.

5 Yohani Umubatizi yari “itara ryaka rikabonesha” kubera yuko imbere y’uko Herode amuta mw’ibohero ku karenganyo, yari yashikije igikorwa yashinzwe n’Imana co gutegurira inzira Mesiya. Yohani yavuze ati: ‘Ariko kugira ngo Mesiya yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi. . . . Nabonye impwemu imanuka iva mw’ijuru isa n’inuma, iguma kuri we; kandi jewe sinaribwamumenye, ariko Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye, ati Uwo uzobona impwemu imanuka ija kuri we, ikamugumako, ni we abatiza mu mpwemu yera. Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuko uyo ari Umwana w’Imana’a (Yohana 1:26-37). Yohani yaratomoye neza yuko Yezu ari Umwana w’Imana, umwe Mesiya yari yarasezeranywe. Intahe Yohani yashinze yari irashe ku buryo n’inyuma y’amezi nk’umunani Yohani amaze gupfa, Abayuda benshi batagira uburyarya biyemereye bati: “Ivyo Yohana yavuze vyose kur’uyu vyar’ivy’ukuri”.​—Yohana 10:41, 42.

6. Ni kubera iki ibikorwa vya Yezu vyari bikwiye gutuma abantu bajijuka yuko yari ashigikiwe n’Imana?

6 Ubukurikira, Yezu ashikiriza ikindi ciyumviro gifasha kuzirikana cemeza ibiranga ko ari we Mesiya. Yerekeza ku bikorwa vyiza we nyene akora bwa kimenyamenya c’uko ashigikiwe n’Imana. Avuga ati: “Mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye” (Yohana 5:36). Mbere n’abansi ba Yezu ntibashoboye guhakana ico kimenyamenya carimwo n’ibitangaro umuyoro. Mu nyuma, bamwe babajije bati: “Mbega, tugire dute? K’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi”? (Yohana 11:47). Ariko hariho abavyakiriye neza maze bavuga bati: “Kristo ni yaza, mugira ngw azokora ibimenyetso vyinshi birengeye ivyo uyu akora?” (Yohana 7:31). Abumviriza Yezu bari bafise akaryo keza ko kwibonera kamere za Data zigaragarira mu Mwana.​—Yohana 14:9.

7. Ivyanditswe vy’igiheburayo bishingira intahe Yezu gute?

7 Ubwa nyuma, Yezu arakwegera ivyiyumviro ku ntahe itobeshuzwa namba. Avuga ati: “Ivyanditswe . . . [ni] vyo binshingira intahe”, agaca yongerako ati: “Iyo mwizera Mose, nanje muba m[wara]nyizeye, kukw ar’ivyanje yanditse” (Yohana 5:39, 46). Ariko ntiwumve, Musa yari umwe gusa mu vyabona b’imbere y’ubukirisu banditse ivyerekeye Kirisitu. Mu vyo banditse harimwo ubuhanuzi amajana be n’inkuru zerekana ido n’ido ingene imiryango yagiye irakurikirana, vyose bikaba vyerekeza kuri Mesiya (Luka 3:23-38; 24:44-46; Ivyakozwe 10:43). Bite ho ku bijanye n’Ivyagezwe vya Musa? Paulo yanditse ati: “Ivyagezwe vyatubereye umurezi aturera akadushikiriza Kristo” (Ab’i Galatiya 3:24). Emwe, “ugushingira intahe Yezu ni kwo gutuma [canke, ni yo mpengamiro nyayo, ni yo ntumbero nyayo, kandi ni ryo hangiro nyaryo rituma] havugwa ubuhanuzi”.​—Ivyahishuriwe 19:10, NW.

8. Ni kubera iki Abayuda benshi batizeye Mesiya?

8 None ivyo bimenyamenya vyose: uri intahe irashe Yohani yashinze, uri ibikorwa vy’ububasha Yezu ubwiwe yakoze be na kamere z’Imana zagaragariye muri we, tutibagiye intahe ikomeye yashingiwe n’Ivyanditswe, wewe ntivyari kukujijura yuko Yezu ari we Mesiya? Umuntu wese yakunda Imana be n’Ijambo ryayo ata buryarya yari guca abibona, maze akizera yuko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Ariko rero, muri Isirayeli urukundo nk’urwo nta rwariho. Yezu yabwiye abamurwanya ati: “Ndabazi yuko mutagira urukundo rw’Imana mu mitima yanyu” (Yohana 5:42). Aho “[kurondera] icubahiro kiva ku Mana imwe nsa”, bariko ‘barubahana’ ari kwo gushimagizanya. Ntibitangaje kubona batumvikana na Yezu, we yanka urunuka ico kintu nk’uko Se wiwe acanka!​—Yohana 5:43, 44; Ivyakozwe 12:21-23.

Barakomejwe n’ibintu vy’ubuhanuzi beretswe nko mu ndoto

9, 10. (a) Ni kubera iki igihe abigishwa ba Yezu bahereweko ikimenyetso cari igihe kibereye? (b) Ni ikintu kidasanzwe ikihe Yezu yasezeraniye abigishwa biwe?

9 Haraciye umwaka urenga Yezu atanze ico kimenyamenya duhejeje kuvuga cerekana ko ari we Mesiya. Pasika yo mu mwaka wa 32 G.C. yamaze kurengana. Benshi mu bari bizeye Yezu baretse kumukurikira, kumbure bitewe n’uruhamo, uguhahamira amaronko, canke bivuye ku myitwarariko yo mu buzima. Abandi na bo bashobora kuba babuze ico bafata n’ico bareka canke bavunywe umutima n’uko Yezu yamiriye kure utwigoro abantu bagize two kumugira umwami. Igihe yageragezwa n’abakuru b’idini ry’Abayuda, yaranse kubaha ikimenyetso kivuye mw’ijuru kimuninahaza ubwiwe (Matayo 12:38, 39). Ivyo bishobora kuba vyarazazaniye bamwebamwe. Vyongeye, Yezu yatanguye guhishurira abigishwa biwe ikintu cabagora rwose gutahura, kikaba cari ic’uko “akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa”.​—Matayo 16:21-23.

10 Mu mezi nk’icenda canke icumi ari imbere, “igihe [ca Yezu] co kuva mw isi ngw aje kwa Se” cobaye gishitse (Yohana 13:1). Kubera yuko Yezu arajwe ishinga cane n’abigishwa biwe b’abagumyabanga, asezeranira bamwe muri bo ca kintu nyene yankira Abayuda batagira ukwizera, na co kikaba ari ikimenyetso kivuye mw’ijuru. Yezu avuga ati: “Ndababgire ukuri: Mur’aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe” (Matayo 16:28). Birumvikana yuko Yezu atariko avuga ko bamwebamwe mu bigishwa biwe bazoramba gushika Ubwami burongowe na Mesiya bushinzwe mu 1914. Yezu ashaka kuba arereka gatoyi batatu mu bigishwa biwe somambike ubuninahazwa yogize ari mu bubasha bw’Ubwami, akabibereka mu buryo bw’agatangaza. Ico kintu abereka nko mu ndoto citwa uguhinduka ukundi.

11. Dondora ingene iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi ryagenze.

11 Hashize imisi itandatu, Yezu ajana Petero, Yakobo na Yohani, abadugana ku musozi muremure, bigasa n’uko ari ku mpinga y’Umusozi Herumoni. Ngaho, Yezu “ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco”. Umuhanuzi Musa na Eliya na bo nyene barababonekera, bariko bavugana na Yezu. Bishoboka ko ico kintu giteye akoba kiba mw’ijoro, bigatuma kiboneka mu buryo budasanzwe. Nkako, ivyo bintu biraboneka nk’ibibaye koko ku buryo Petero asaba guca insago zitatu, rumwe rukaba urwa Yezu, urundi rukaba urwa Musa, urundi na rwo rukaba urwa Eliya. Petero akiriko aravuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu, maze ijwi riva muri nya gicu riti: “Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve”.​—Matayo 17:1-6.

12, 13. Iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi ryakoze iki ku bigishwa ba Yezu, kandi kubera iki?

12 Ni ivy’ukuri yuko Petero yari aherutse kuvuga ata kwihenda yuko Yezu ari “Kristo, Umwana w’Imana nzima” (Matayo 16:16). Ariko ibaze nawe ingene yiyumvise aho yumviye Imana ubwayo ishingira intahe Umwana wayo yasizwe, ikemeza akaranga kiwe be n’igikorwa yoranguye! Ese ukuntu iryo yerekwa ryo guhinduka ukundi ari ikintu gikomeza ukwizera kwa Petero, ukwa Yakobo n’ukwa Yohani! Kubera yuko ukwizera kwabo kwakomejwe cane gutyo, ubu rero bariteguriye guhangana n’ibiraririye gushika, no kurangura uruhara ruhambaye bazogira mw’ishengero rigiye kuvuka.

13 Izo ntumwa ntizigera zibagira ukwo guhinduka ukundi. Haciye imyaka irenga 30, Petero yandika ati: “[Yezu] yahawe n’Imana Data wa twese ishimwe n’ubgiza, ah’ijwi rivuzwe n’ubgiza bukomeye cane ryamushikako, rikavuga, ngo Nguyu Umwana wanje nkunda akampimbara. Iryo jwi twaryumvise rivuye mw ijuru, aho twari kumwe na we kuri wa musozi wera” (2 Petero 1:17, 18). Yohani na we nyene arakorwa ku mutima cane n’ico kintu. Haciye imyaka irenga 60 ivyo bibaye, biboneka ko yerekeza kuri ico kintu igihe avuga ati: “[Twaritegereje] ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’Umwana w’ikinege ava kwa Se” (Yohana 1:14). Ariko ntiwumve, ukwo guhinduka ukundi si ryo yerekwa rya nyuma rihishurirwa abigishwa ba Yezu.

Abagumyabanga b’Imana bongera kumurikirwa

14, 15. Ni mu buryo ubuhe intumwa Yohani yogumyeho gushika Yezu agarutse?

14 Yezu amaze kuzuka, ariyereka abigishwa biwe hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya. Aho ni ho abaririra Petero ati: “Namba ngomba [ko Yohani] azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki?” (Yohana 21:1, 20-22, 24). Ayo majambo yoba yerekana ko intumwa Yohani yoramvye gusumba izindi ntumwa? Biboneka ko ari co yerekana, kubera yuko Yohani amara iyindi myaka yababa 70 akorera Yehova adahemuka. Ariko rero, ayo majambo ya Yezu arafise n’iyindi nsobanuro.

15 Imvugo ngo “kugeza aho nzozira” iratwibutsa igihe Yezu yavuga ivy’“Umwana w’umuntu a[za] mu bgami bgiwe” (Matayo 16:28). Yohani agumaho gushika Yezu aje mu buryo bw’uko mu nyuma yerekwa ibintu vy’ubuhanuzi bijanye n’ukuza kwa Yezu ari mu bubasha bw’Ubwami. Igihe Yohani yegereje kurangiza ubuzima bwiwe, akaba yatwawe inyagano mw’izinga rya Patimo, arahishurirwa ibintu ushizemwo n’ibimenyetso vyavyo vyose bitangaje vy’ubuhanuzi bwerekeye ivyobaye mu “musi w’Umukama” (UB). Yohani arakorwa ku mutima cane n’ivyo bintu vy’akataraboneka yeretswe nko mu ndoto ku buryo igihe Yezu avuze ati: “Ego me, ndaza vuba”, Yohani na we aca yitabira ati: “Amen, urakaza, Mwami Yesu”!​—Ivyahishuriwe 1:1, 10; 22:20.

16. Ni kubera iki bihambaye ko tuguma dukomeza ukwizera kwacu?

16 Abantu b’imitima nziraburyarya bo mu kinjana ca mbere baremera ko Yezu ari we Mesiya, maze bakamwizera. Uravye ukuntu abizeye bakikujwe n’abantu batagira ukwizera, ukaraba igikorwa bategerezwa gukora be n’ibigeragezo biraririye kubashikira, barakeneye gukomezwa. Yezu yatanze ibimenyamenya umuyoro vyerekana ko ari we Mesiya, yongera arahishura ibintu vy’ubuhanuzi bituma batahura, kugira aremeshe abayoboke biwe b’abagumyabanga. Muri kino gihe tugeze kure mu “musi w’Umukama”. Vuba, Kirisitu agiye gusangangura urunkwekwe rubi rw’ibintu rwa Shetani iyo ruva rukagera hanyuma arokore abasavyi b’Imana. Na twebwe nyene dutegerezwa gukomeza ukwizera kwacu mu kwungukira bimwe bishitse ku bintu vyose Yehova adushiriraho kugira tumererwe neza mu vy’impwemu.

Barazigamwe mu gihe c’umwiza n’amarushwa

17, 18. Mu kinjana ca mbere, ni itandukaniro irihe riboneka ryari hagati y’abayoboke ba Yezu n’abarwanya imigambi y’Imana, kandi umwumwe wose muri iyo migwi vyahavuye biwugendera gute?

17 Inyuma y’urupfu rwa Yezu, abigishwa baragamburuka n’umutima rugabo itegeko yabahaye ryo kumushingira intahe “i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi” (Ivyakozwe 1:8). Naho iryo shengero rya gikirisu rihura n’igihuhusi c’uruhamo kuva rikimara kuvuka, Yehova ararihezagira mu kurimurikira mu buryo bw’impwemu no mu kuryongeramwo abigishwa bashasha benshi.​—Ivyakozwe 2:47; 4:1-31; 8:1-8.

18 Ariko ivyo abarwanya inkuru nziza biteze gushikako vyovyo bitera bitituka. Mu Migani 4:19 havuga hati: “Inzira y’abanyavyaha imeze nk’umwiza, ntibazi ico batsitarako ic’ari co”. Uwo “mwiza” wongerekana mu mwaka wa 66 G.C., igihe ingabo z’Abaroma zikikuza Yeruzalemu. Abaroma bamaze gusubira inyuma ata mvo iboneka itumye babigira, baragaruka mu mwaka wa 70 G.C., ico gihe ho bagasenyagura ico gisagara cose. Nk’uko umutohozakahise w’Umuyuda Josèphe abivuga, Abayuda barenga umuliyoni ni bo bahasiga agatwe. Abakirisu b’intahemuka bobo bararusimba. Kubera iki? Kubera yuko igihe Abaroma basubiye inyuma, nya bakirisu baca bagamburuka itegeko Yezu yatanze ryo guhunga.​—Luka 21:20-22.

19, 20. (a) Ni kubera iki abasavyi b’Imana ata mvo bafise yo kugira ubwoba uko ivy’iyi si vyegereza umuhero wavyo? (b) Ni ugutahura ibintu ukuhe guhambaye Yehova yahaye abasavyi biwe mu myaka nka mirongo y’imbere y’umwaka wa 1914?

19 N’ivyacu bimeze nk’ukwo nyene. Amarushwa ahambaye yimirije azozana umuhero w’ivy’isi mbi ya Shetani iyo biva bikagera. Mugabo nta cotuma abasavyi b’Imana bagira ubwoba, kubera yuko Yezu yabasezeraniye ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi” (Matayo 28:20). Kugira ngo Yezu akomeze ukwizera kw’abigishwa biwe bo mu ntango yongere abategure ku bw’ivyari biraririye gushika, yabaye arabereka gatoyi ubuninahazwa yogize ari mw’ijuru igihe yobaye amaze kuba Umwami Mesiya. Bite ho muri iki gihe? Mu 1914 ico kintu yari yabaye arabereka cararangutse. Urazi ingene iryo ranguka ry’ukuganza kwiwe ryakomeje ukwizera kw’abasavyi b’Imana! Ririmwo umuhango w’uko kazoza kazoba keza igitangaza, kandi abasavyi ba Yehova buhorobuhoro bagiye barafashwa gutahura ubwo Bwami bwa Mesiya. Muri iyi isi iriko iracokera mu mwiza, “inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose”.​—Imigani 4:18.

20 N’imbere y’uko umwaka wa 1914 ushika, umugwi mutoyi w’abakirisu basizwe wari umaze gutangura gutahura ukuri guhambaye kwerekeye ukugaruka kw’Umukama. Nk’akarorero, baratahuye yuko kwobaye mu buryo butaboneka, nk’uko vyumvikanira mu vyavuzwe na ba bamarayika babiri babonekera abigishwa mu mwaka wa 33 G.C., aho Yezu yariko aduga mw’ijuru. Igicu kimaze gupfuka Yezu ku buryo abigishwa batamubona, abo bamarayika baciye bavuga bati: “Uyo Yesu, abakūwemwo, akadūzwa mw ijuru, azoza artyo, nk’uko mumubonye aja mw ijuru”.​—Ivyakozwe 1:9-11, ni twe dushimitse.

21. Twihweza iki mu kiganiro gikurikira?

21 Ukugenda kwa Yezu kwabonywe n’abayoboke biwe b’abagumyabanga gusa. Na kwa guhinduka ukundi ntikwabaye bene umurango babona; isi muri rusangi ntiyanamenye ivyari vyabaye. Ni ukwo nyene vyogenze igihe Kirisitu yogarutse ari mu bubasha bw’Ubwami (Yohana 14:19). Abigishwa biwe b’intahemuka ni bo bonyene botahuye ukuhaba kwiwe ari Umwami. Mu kiganiro gikurikira, turihweza ingene ukwo gutahura ibintu kwokoze ikintu gikomeye kuri bo, bikavamwo itororokanywa ry’abantu amamiliyoni bobaye abatwarwa ba Yezu bo kw’isi.​—Ivyahishuriwe 7:9, 14.

[Utujambo tw’epfo]

a Bisa n’uko Yohani wenyene ari we yumvise ijwi ry’Imana igihe Yezu yabatizwa. Abayuda Yezu ariko arabwira ‘ntibigeze bumva ijwi [ry’Imana], canke ngo babone ishusho yayo’.​—Yohana 5:37.

Woba uvyibuka?

• Igihe Yezu yagirizwa ko arenga kw’Isabato be n’uko arogota, ni ikimenyamenya ikihe yatanze cerekana ko yari Mesiya?

• Abigishwa ba Yezu bo mu ntango bungukiye gute kw’iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi?

• Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko Yohani yogumyeho gushika aje?

• Mu 1914, ni ibintu ibihe vyari vyabaye birerekanwa vyarangutse?

[Amafoto ku rup. 10]

Yezu yaravuze ibimuranga vyemeza ko ari Mesiya

[Ifoto ku rup. 12]

Iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi ryarakomeza ukwizera

[Ifoto ku rup. 13]

Yohani yari kugumaho gushika Yezu ‘aje’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika