ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 17 rup. 44-rup. 45 ing. 1
  • Yigisha Nikodemu mw’ijoro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yigisha Nikodemu mw’ijoro
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Yigisha Nikodemu
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ivuka rishasha—Riba gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Kwongera kuvuka—Yoba ari yo nzira ishikana ku bukiriro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 17 rup. 44-rup. 45 ing. 1
Yezu ariko avugana na Nikodemu mw’ijoro

IKIGABANE CA 17

Yigisha Nikodemu mw’ijoro

YOHANI 2:23–3:21

  • YEZU AGANIRA NA NIKODEMU

  • ICO BISOBANURA “KWONGERA KUVUKA”

Igihe Yezu akiri i Yeruzalemu kuri Pasika yo mu 30, arakora ibintu vy’akumiza n’ibitangaza. Ivyo bituma abantu benshi bamwizera. Nikodemu, Umufarizayo ari mu bagize sentare nkuru y’Abayuda, arumirwa. Kubera ko akeneye kumenya ibindi, aza kuri Yezu mw’ijoro kumbure kubera atinya ko indongozi z’Abayuda zomubona nabi.

Nikodemu agira ati: “Rabi, turazi yuko uri umwigisha yavuye ku Mana; kuko ata muntu ashobora gukora ivyo bimenyetso ukora Imana itari kumwe na we.” Yezu yishura Nikodemu ko kugira umuntu yinjire mu Bwami bw’Imana ategerezwa “kwongera kuvuka.”​—Yohani 3:​2, 3.

Yamara none umuntu ashobora ate kwongera kuvuka? Nikodemu rero abaza ati: “None arashobora kwinjira mu nda ya nyina ubugira kabiri hanyuma akavuka?”​—Yohani 3:4.

Eka da, ico si co kwongera kuvuka bisobanura. Yezu asigura ati: “Umuntu atavyawe n’amazi be n’impwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana.” (Yohani 3:5) Igihe Yezu yabatizwa maze impwemu nyeranda ikamuzako, yari avyawe “n’amazi be n’impwemu.” Ico gihe harumvikanye ijwi rivuye mw’ijuru, rigira riti: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Matayo 3:16, 17) Muri ubwo buryo, Imana yaratangaje ko Yezu acitse umwana wayo arobanujwe impwemu afise icizigiro co kwinjira mu Bwami bwo mw’ijuru. Mu nyuma, kuri Pentekoti yo mu 33 inyuma ya Kristu, impwemu nyeranda yarasutswe ku bandi bantu bari babatijwe, maze bacika abana b’Imana bavyawe n’impwemu.​—Ivyakozwe 2:​1-4.

Nikodemu ntatahura ibintu Yezu ariko aramwigisha vyerekeye Ubwami. Ku bw’ivyo, Yezu aratanga amakuru yiyongereye yerekeye uruhara rudasanzwe afise kubera ko ari Umwana w’Imana. Agira ati: “Nk’uko Musa yadugije inzoka mu gahinga, ni ko n’Umwana w’umuntu ategerezwa kuduzwa, kugira ngo umuntu wese amwemera aronke ubuzima budahera.”​—Yohani 3:14, 15.

Abisirayeli bari bakomowe n’inzoka z’ubumara bariko bararaba ya nzoka y’umujumpu kugira bakire

Kera, kugira Abisirayeli baba bakomowe n’inzoka ntibapfe bategerezwa kuraba ya nzoka y’umujumpu. (Guharūra 21:9) Muri ubwo buryo nyene, abantu bose bategerezwa kwizera Umwana w’Imana kugira barokoke urupfu bongere baronke ubuzima budahera. Kugira ashimike ku rukundo Yehova yerekanye, Yezu abwira Nikodemu ati: “Kuko Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:​16) Gutyo rero, inyuma y’amezi atandatu Yezu atanguye igikorwa ciwe, aramenyesha icese ari i Yeruzalemu yuko abantu bashobora gukizwa biciye kuri we.

Yezu abwira Nikodemu ati: “Imana yatumye Umwana wayo mw’isi, atari kugira acire urubanza isi.” Ivyo vyerekana ko ataje gucira rubi isi, ngo abantu bose bazorandurwe. Ahubwo nk’uko Yezu abivuga, yaje “kugira isi ikizwe biciye kuri we.”​—Yohani 3:17.

Mu kuza kuri Yezu, Nikodemu yari yikinze ijoro kubera ubwoba. Ni co gituma Yezu asozera ikiyago cabo mu kuvuga ati: “Iri rero ni ryo shingiro ryo guca urubanza: ni uko umuco [ni ukuvuga ubuzima bwa Yezu n’inyigisho ziwe] waje mw’isi mugabo abantu bagakunda umwiza aho gukunda umuco, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. Kuko uwuza arakora ibintu vy’agahomerabunwa yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe ntibikangirwe. Mugabo uwukora ivy’ukuri aza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe bishirwe ahabona nk’ivyakorewe mu Mana.”​—Yohani 3:​19-21.

Ubu rero hasigaye ko Nikodemu uwo Mufarizayo akaba n’umwigisha muri Isirayeli, azirikana ku vyo ahejeje kwumva ku bijanye n’uruhara Yezu afise mu mugambi w’Imana.

  • Ni igiki gituma Nikodemu aja kuraba Yezu, kandi ni kubera iki yikinga ijoro?

  • Bisobanura iki “kwongera kuvuka”?

  • Ni mu buhe buryo Yezu ataje “gucira urubanza isi”?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika