Abasomyi bacu barabaza . . .
Abakirisu bose b’abizigirwa boba baja mw’ijuru?
▪ Abantu benshi baramaze gusoma aya majambo ya Yezu aremesha agira ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Yezu yoba yashaka kuvuga ko abantu bose b’abizigirwa basenga Se wiwe Yehova Imana bogiye mw’ijuru guhimbarirwa ubuzima budahera mu gahimbare ntangere?
Raba aya majambo ya Yezu atuma umuntu azirikana agira ati: “Nta muntu yaduze mw’ijuru atari uwamanutse ava mw’ijuru, ari we Mwana w’umuntu.” (Yohani 3:13) Ayo majambo yerekana ko abasavyi b’Imana b’abizigirwa ba kera nka Nowa, Aburahamu, Musa na Dawidi batari baragiye mw’ijuru. (Ivyakozwe 2:34) Uti none abo bose bagiye hehe? Tubivuze mu ncamake, abantu ba kera b’abizigirwa ku Mana bari mu mva, barasinziriye mu rupfu, nta co bazi, bakaba barindiriye izuka.—Umusiguzi 9:5, 6; Ivyakozwe 24:15.
Amajambo ya mbere yo muri Bibiliya avuga ivy’ukuja mw’ijuru inyuma y’urupfu, yavuzwe na Yezu nyene. Yabwiye intumwa ziwe ko yoziteguriye ikibanza mw’ijuru. (Yohani 14:2, 3) Ico cari ikintu gishasha ku basavyi b’Imana. Mu nyuma, intumwa Paulo yarasiguye ko inyuma y’aho Yezu apfiriye maze akazukira kuba mw’ijuru, ‘yatangurije abigishwa biwe inzira nshasha kandi nzima,’ ni ukuvuga inzira ata wundi muntu n’umwe yari bwigere acamwo.—Abaheburayo 10:19, 20.
Ivyo vyoba vyerekana ko kuva ico gihe abantu b’abizigirwa ku Mana bose bogiye mw’ijuru? Oya, kuko kuzukira ijuru bifitaniye isano cane n’igikorwa cahawe abantu bamwebamwe gusa. Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe, yazibwiye ko ‘zokwicaye ku ntebe z’ubwami kugira zice imanza’ mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Zobaye rero zifise igikorwa co gufadikanya na Yezu kuganza.—Luka 22:28-30.
Turetse intumwa, n’abandi bantu bohawe ico gikorwa ciza igitangaza. Intumwa Yohani yareretswe Yezu ari mw’ijuru, ari kumwe n’umugwi w’abantu bazutse wiswe ‘ubwami n’abaherezi bazoganza isi.’ (Ivyahishuwe 3:21; 5:10) None bari bangahe? Mu ntwaro iyo ari yo yose usanga hatwara igitigiri kanaka gusa c’abantu. No muri ubwo Bwami bwo mw’ijuru ni ukwo nyene. Yezu, wa Mwagazi w’intama w’Imana, aganza afadikanije n’abantu 144.000 “baguzwe bakuwe mu bantu.”—Ivyahishuwe 14:1, 4, 5.
Ni ivy’ukuri yuko 144.000 ari igitigiri gitoyi ugereranije n’igitigiri c’abantu bose b’abizigirwa ku Mana ba kera n’ab’ubu. Mugabo ivyo birumvikana kuko abo 144.000 bazukira ijuru ku bw’igikorwa kanaka ceranda. Mbega mu gihe woba ugomba kwubaka inzu, woca uha akazi abantu bose bo mu karere iwanyu bazi kwubaka? Oya nawe nu! Igitigiri c’abo woha akazi covana n’igikorwa kihari. Muri ubwo buryo nyene, Imana ntihitamwo abantu bose b’abizigirwa kuri yo kugira baterwe ako gateka kadasanzwe ko kuganza bafadikanije na Kristu mw’ijuru.
Iyo ntwaro yo mw’ijuru izoshitsa umugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango. Yezu na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza bazohagarikira ibikorwa vyo guhindura isi yose ikaba Iparadizo, aho abantu b’abizigirwa badaharurwa bazoba ibihe bidahera mu gahimbare. (Yesaya 45:18; Ivyahishuwe 21:3, 4) Aho hazoba harimwo abantu Imana yibuka bazozurwa.—Yohani 5:28, 29.
Umuntu wese w’umwizigirwa asenga Yehova, yaba uw’ubu canke uwabayeho kera, arashobora kuronka iyo ngabirano nziza igitangaza y’ubuzima budahera. (Abaroma 6:23) Bakeyi bazoronka ubuzima mw’ijuru ku bw’igikorwa kidasanzwe, benshi na bo baronke ubuzima kw’isi y’iparadizo.