ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/11 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Abakirisu bose b’abizigirwa boba baja mw’ijuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Abantu beza bose boba baja mw’ijuru?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/11 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ni bande bazoja mw’ijuru, kandi kubera iki?

Abantu amamiliyoni baripfuza kuja mw’ijuru. Yezu yavuze yuko intumwa ziwe z’intahemuka zogiye kubayo. Imbere y’uko Yezu apfa, yabasezeraniye kubategurira ikibanza mw’ijuru kwa Se wiwe.​—Soma Yohani 14:2.

Ni kubera iki hari abantu bazozurwa bakaja kuba mw’ijuru? Bazojayo gukora iki? Yezu yabwiye intumwa ziwe yuko zobaye abami. Abazoja mw’ijuru bazoganza isi.​—Soma Luka 22:28-30; Ivyahishuwe 5:10.

Abeza bose boba bazoja mw’ijuru?

Mu bihugu bitari bike, abatwara usanga ari bake ubagereranije n’abatwarwa. Kubera ko Yezu azura abaja mw’ijuru kugira ngo baganze isi, dukwiye kwitega ko abo bantu batorwa baba bake. (Luka 12:32) Bibiliya iratomora igitigiri c’abo bantu bazofadikanya na Yezu kuganza.​—Soma Ivyahishuwe 14:1.

Yezu yarateguriye abayoboke biwe bamwebamwe ibibanza mw’ijuru. Woba uzi ico bazoja gukorayo?

Abazoja mw’ijuru si bo bonyene bahabwa impera. Abatwarwa b’intahemuka b’Ubwami bwa Yezu bazobaho ibihe bidahera mw’isi izoba yasubiye kuba Iparadizo. (Yohani 3:16) Mu bazoba muri iyo Paradizo harimwo abazoba barokotse isangangurwa ry’ivy’iyi si mbi. Abandi bazoyibamwo ni abazoba bazutse.​—Soma Zaburi 37:29; Yohani 5:28, 29.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 8 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Iki kiganiro urashobora kukivoma kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika