ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/11 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Abapfuye bazozuka!
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Izuka ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/11 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Abapfuye boba bazosubira kubaho?

Abantu bariko barakira abazutse mw’Iparadizo

Uwaremye ubuzima ntivyomunanira kubusubizaho

Yehova Imana ni we Soko ry’ubuzima. (Zaburi 36:9) Ntivyumvikana none ko iyo Mana nyene ishoboye gusubiza ubuzima abapfuye? Bibiliya iradukura amazinda ko Imana izozura abapfuye muri kazoza. (Soma Ivyakozwe 24:15) Kubera iki none izobazura?

Kuva mu ntango, Umuremyi wacu yashaka ko abantu baba kw’isi ibihe bidahera. (Itanguriro 1:31; 2:15-17) N’ubu ni ko bikimeze. Imana irababazwa n’ukubona ukuntu abantu babayeho muri iki gihe. Ubuzima bwuzuye ingorane kandi bumara igihe gito.​—Soma Yobu 14:1, 14, 15.

Abapfuye bazozukira kuba hehe?

Imana yoba yaremye abantu ngo babe mw’ijuru? Eka data. Imana yaremye abamarayika ngo babe mw’ijuru. Abantu na bo ibarema ngo babe kw’isi. (Itanguriro 1:28; Yobu 38:4, 7) Ivyo bigaragarira ku bantu Yezu yazuye. Igihe yabazura basubiye kuba ng’aha kw’isi. Muri ubwo buryo nyene, benshi mu bazozuka bazosubira kuba kw’isi.​—Soma Yohani 5:28, 29; 11:44.

Ariko rero, Imana yarahisemwo abantu bakeyi bazozukira mw’ijuru bafise umubiri w’impwemu. (Luka 12:32; 1 Abakorinto 15:49, 50) Abo bazozukira kuba mw’ijuru, bazoganza isi ari abami bari kumwe na Kristu.​—Soma Ivyahishuwe 5:9, 10.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 7 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika