INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
Abapfuye boba bazosubira kubaho?
Uwaremye ubuzima ntivyomunanira kubusubizaho
Yehova Imana ni we Soko ry’ubuzima. (Zaburi 36:9) Ntivyumvikana none ko iyo Mana nyene ishoboye gusubiza ubuzima abapfuye? Bibiliya iradukura amazinda ko Imana izozura abapfuye muri kazoza. (Soma Ivyakozwe 24:15) Kubera iki none izobazura?
Kuva mu ntango, Umuremyi wacu yashaka ko abantu baba kw’isi ibihe bidahera. (Itanguriro 1:31; 2:15-17) N’ubu ni ko bikimeze. Imana irababazwa n’ukubona ukuntu abantu babayeho muri iki gihe. Ubuzima bwuzuye ingorane kandi bumara igihe gito.—Soma Yobu 14:1, 14, 15.
Abapfuye bazozukira kuba hehe?
Imana yoba yaremye abantu ngo babe mw’ijuru? Eka data. Imana yaremye abamarayika ngo babe mw’ijuru. Abantu na bo ibarema ngo babe kw’isi. (Itanguriro 1:28; Yobu 38:4, 7) Ivyo bigaragarira ku bantu Yezu yazuye. Igihe yabazura basubiye kuba ng’aha kw’isi. Muri ubwo buryo nyene, benshi mu bazozuka bazosubira kuba kw’isi.—Soma Yohani 5:28, 29; 11:44.
Ariko rero, Imana yarahisemwo abantu bakeyi bazozukira mw’ijuru bafise umubiri w’impwemu. (Luka 12:32; 1 Abakorinto 15:49, 50) Abo bazozukira kuba mw’ijuru, bazoganza isi ari abami bari kumwe na Kristu.—Soma Ivyahishuwe 5:9, 10.