ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 77
  • Izuka ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Izuka ni iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Umuti rudende!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Icizigiro Kitarimwo Amazinda
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
  • Abapfuye bazozuka!
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 77
Abantu bariko baha ikaze abagenzi n’incuti bazoba bazutse muri kazoza mw’isi y’Iparadizo

Izuka ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Muri Bibiliya, ijambo ryahinduwe ngo «izuka» rivuye mu kigiriki a·naʹsta·sis, rikaba risobanura ngo «guhagurutsa» canke «gusubira guhaguruka.» Umuntu azutse aba ahagurutse avuye mu rupfu agasubira kuba muzima nk’uko yari atarapfa.​—1 Abakorinto 15:12, 13.

Naho ijambo «izuka» ritaboneka mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ivyo benshi bita Isezerano rya kera, iyo nyigisho iraboneka muri ico gice. Nk’akarorero, biciye ku muhanuzi Hoseya, Imana yasezeranye iti: «Nzobakura mu vyara vy’ukuzimu, ndabakize urupfu.»​—Hoseya 13:14; Yobu 14:13-15; Yesaya 26:19; Daniyeli 12:2, 13.

Abantu bazozukira kuba he? Bamwe bazukira kuba mw’ijuru kugira bafatanye na Kristu kuganza mu bwami. (2 Abakorinto 5:1; Ivyahishuwe 5:9, 10) Iryo zuka Bibiliya iryita «izuka rya mbere» canke «izuka rya kare,» izo mvugo zose zikaba zerekana ko hari irindi zuka ririkurikira. (Ivyahishuwe 20:6; Abafilipi 3:​11) Izuka ryo hanyuma ni iry’abazukira kuba ng’aha kw’isi, akaba ari na ryo benshi mu bazozuka biteze.​—Zaburi 37:29.

Abantu bazozuka gute? Imana yarahaye Yezu ububasha bwo kuzura abapfuye. (Yohani 11:25) Yezu azozura «abari mu mva bose,» umwe wese afise akaranga kiwe, n’ibintu yibuka. (Yohani 5:28, 29) Abazukira kuja mw’ijuru baronka umubiri w’impwemu, abazukira kuba kw’isi na bo bagahabwa umubiri w’inyama n’amaraso utagira agasembwa.​—Yesaya 33:24; 35:​5, 6; 1 Abakorinto 15:42-​44, 50.

Ni bande bazozuka? Bibiliya ivuga yuko «Imana igiye kuzura abagororotsi n’abatari abagororotsi.» (Ivyakozwe 24:15) Mu bagororotsi harimwo abantu b’abizigirwa, nka Nowa, Sara na Aburahamu. (Itanguriro 6:9; Abaheburayo 11:11; Yakobo 2:​21) Mu batari abagororotsi harimwo abatakoze ivyo Imana igomba kubera ko bataronse akaryo ko kuvyiga no kubikurikiza.

Yamara rero, abantu bamogorera ibibi ku buryo batemera guhinduka ntibazozuka. Igihe abo bantu bapfuye, ivyabo biba biheze, nta cizigiro co gusubira kuba bazima kiba gisigaye.​—Matayo 23:33; Abaheburayo 10:26, 27.

None izuka riba ryari? Bibiliya yari yaravuze ko izuka ry’abaja mw’ijuru ryotanguye Kristu amaze gutangura kuganza, ivyo bikaba vyabaye mu mu 1914. (1 Abakorinto 15:21-​23) Izuka ry’abazoba kw’isi rizoba mu gihe ca ya Ngoma ya Yezu Kristu y’imyaka igihumbi, igihe isi izoba yahindutse Iparadizo.​—Luka 23:43; Ivyahishuwe 20:6, 12, 13.

Ni kubera iki kwemera izuka ari ikintu cumvikana? Bibiliya iravuga inkuru z’abantu icenda bazutse, kandi imwimwe yose ikemezwa n’abavyiboneye. (1 Abami 17:17-​24; 2 Abami 4:​32-​37; 13:20, 21; Luka 7:​11-​17; 8:​40-​56; Yohani 11:38-​44; Ivyakozwe 9:​36-​42; 20:​7-​12; 1 Abakorinto 15:​3-6) Inkuru y’ingene Yezu yazuye Lazaro irashimishije cane, kuko Lazaro yari amaze imisi ine apfuye kandi Yezu akaba yakoreye ico gitangaro imbere y’isinzi ry’abantu. (Yohani 11:39, 42) Mbere n’abarwanya Yezu ntibashoboye guhakana ico kintu, ahubwo baciye baja inama yo kwica Yezu na Lazaro.​—Yohani 11:47, 53; 12:​9-​11.

Bibiliya iravuga ivyerekeye abantu batatu bazuwe: umwana w’umupfakazi, umugore w’umukirisu hamwe na Lazaro umugenzi wa Yezu

Bibiliya irerekana ko Imana ishoboye kuzura abapfuye be n’uko ivyipfuza. Ubwenge bwayo butagira agahaze buratekeye amakuru yose yerekeye abo izozura ikoresheje ububasha bwayo butananirwa. (Yobu 37:23; Matayo 10:30; Luka 20:37, 38) Imana irashoboye kuzura abapfuye kandi irabishaka! Mu kudondora izuka rigiye kubaho, ku vyerekeye Imana Bibiliya igira iti: «Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.»​—Yobu 14:15.

Ivyiyumviro bitari vyo vyerekeye izuka

Ikinyoma: Izuka ni ugusubiza hamwe ubugingo n’umubiri.

Ukuri: Bibiliya yigisha ko umuntu apfa agahera, nta bugingo afise bubandanya kubaho amaze gupfa. (Umusiguzi 9:5,10) Ku bw’ivyo, umuntu azutse ntaba asubiye kwiyunga n’ubugingo bwiwe; aba asubiye kuremwa akaba umuntu muzima.

Ikinyoma: Bamwe bazozuka hanyuma bace barandurwa.

Ukuri: Bibiliya ivuga yuko ‘abagiye barakora ibintu bishisha bazozukira urubanza.’ (Yohani 5:​29) Ariko rero, bazocirwa urubanza hisunzwe ivyo bazokora bamaze kuzuka atari ivyo bakoze batarapfa. Yezu yavuze ati: «Abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana, kandi abazoba baryumvirije bazobaho.» (Yohani 5:​25) ‘Abazokwumviriza,’ ni ukuvuga abazogamburuka ivyo bazokwiga bamaze kuzuka, amazina yabo azokwandikwa muri wa «muzingo w’ubuzima.»​—Ivyahishuwe 20:12, 13.

Ikinyoma: Umuntu azutse azoronka urya mubiri nyene yari afise atarapfa.

Ukuri: Umuntu amaze gupfa umubiri wiwe urabora, ugasanguka.​—Umusiguzi 3:19, 20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika