Ibibazo vy’abasomyi
Ishengero ryokora iki mu gihe umukirisu yariko atwara umuduga agize isanganya rigahitana ubuzima bw’umuntu?
Ishengero rirakwiye kwihweza niba uwo mukirisu yagirwa n’amaraso kugira ngo ryose uko ringana ntiryagirwe n’amaraso (Gusubira mu vyagezwe 21:1-9; 22:8). Umushoferi yatumye haba isanganya rihitana ubuzima bw’umuntu yoshobora kwagirwa n’amaraso mu gihe atoba yitwararitse gukurikiza amategeko y’ibarabara be n’ayandi akinga impanuka yashinzwe na Leta, canke akaba yayarenzeko n’ibigirankana (Mariko 12:14). Ariko hariho n’ibindi bintu bikwiye kurimburwa.
Muri Isirayeli, uwaba yishe umuntu hanyuma agahungira muri kimwe muri vya bisagara vy’ubuhungiro vyaho, yaracirwa urubanza. Basanze yamwishe atabishaka, yaremererwa kuguma muri ico gisagara agakingirwa uwuhora uwishwe (Guharūra 35:6-25). Igihe rero umukirisu yatumye haba isanganya rihitana ubuzima bw’umuntu, abakurambere bakwiye kugira itohoza ry’ivyo bintu kugira ngo bamenye nimba uwo mukirisu yagirwa n’amaraso. Ukuntu Leta ibona ivy’ico kibazo canke ingingo yofatwa n’ubutungane si vyo bintu gusa ishengero rifatirako mu kugira ico rikoze.
Nk’akarorero, ubutungane bwoshobora kuvuga ko uwo mushoferi yarenze ku mategeko amwamwe y’ibarabara, ariko abakurambere batohoza ivy’iryo sanganya boshobora gusanga uwo mushoferi atagirwa n’amaraso kubera yuko ata kintu kinini yari gushobora gukora kugira ngo abuze ivyatumye iryo sanganya ryahitanye ubuzima riba, canke mbere yuko ata n’ico yari gushobora gukora. Ku rundi ruhande, vyoshobora gushika ubutungane bukabona ko uwo muntu atokurikiranwa, mugabo abakurambere bagashika ku ciyumviro c’uko vy’ukuri yagirwa n’amaraso.
Ingingo abo bakurambere bagira iryo tohoza bafata ikwiye kuba ishingiye ku Vyanditswe no ku bintu bigaragara neza, ni ukuvuga ivyo uwo umushoferi yiyemereye canke intahe yashinzwe n’ivyabona bibiri kibure bitatu biboneye ivy’iryo sanganya (Gusubira mu vyagezwe 17:6; Matayo 18:15, 16). Mu gihe vyokwemezwa ko uwo muntu yagirwa n’amaraso, komite ncarubanza ikwiye guca ishingwa. Niba iyo komite ibonye ko uwo muntu yagirwa n’amaraso yigaye, araheza akaronka igikangiro kibereye gishingiye ku Vyanditswe akongera agahagarikwa mu mabanga yarangura mw’ishengero. Ntiyobandanya ari umukurambere canke umukozi w’ishengero. Yoshobora gushirirwaho n’ibindi bitangirizi. Kandi Imana iri n’ico imubaza kuri ukwo kutitaho ibintu kwiwe, kuri ukwo kwanjanjwa kwiwe, canke kuri ukwo kubura ukwiyubara vyateje iryo sanganya ryahitanye ubuzima bw’umuntu.—Ab’i Galatiya 6:5, 7.
Reka tubitangire akarorero: Niba ikirere cari cifashe nabi ico gihe iryo sanganya ryaba, uwo mushoferi yari akwiye kurushiriza kwiyubara. Canke niba ico gihe yumva afise itiro, yari akwiye guhagarika umuduga hanyuma akaruhuka gushika iryo tiro riheze canke agasaba uwundi muntu akaba ari we atwara uwo muduga.
Dufate ko uwo mushoferi yariko yiruka cane. Umukirisu uwo ari we wese atwara umuduga yiruka cane ku buryo arenza urugero rusabwa n’amategeko, ntaba ahaye “ivya Kayisari . . . Kayisari”. Vyongeye, ivyo vyerekana ko uwo muntu atubaha ubweranda bw’ubuzima, kuko bishobora gutuma abantu bahasiga ubuzima (Matayo 22:21). Ku bijanye n’ivyo, zirikana no kuri iki kintu. Mbega ni icitegererezo nyabaki umukurambere yoba ashiriyeho ubusho mu gihe atokurikiza amategeko y’ibarabara yashinzwe na Leta canke yoyarengako n’ibigirankana?—1 Petero 5:3.
Abakirisu barakwiye kudasaba abandi gushika ahantu hanaka ku gihe kinaka kandi ivyo bitoshoboka batirutse cane ngo barenze urugero mu gutwara umuduga. Ariko rero, akenshi usanga bisaba ko umuntu atangura urugendo hakiri kare canke akagira ico ahinduye ku rutonde rw’ibikorwa vyiwe kugira ngo aronke umwanya uhagije wo kugira urwo rugendo. Igihe umukirisu abigenjeje gutyo, bizotuma atarondera gutwara umuduga yiruka cane kuruta uko yabwirizwa, ahubwo riho bizotuma yubahiriza amategeko y’ibarabara ‘abaganza’ bo mu vy’intwaro bashinze (Abaroma 13:1, 5). Ivyo bizofasha uwo mushoferi kwirinda amasanganya yohitana ubuzima bw’abantu, bigatuma ashobora kwagirwa n’amaraso. Bizotuma kandi ashobora gutanga akarorero keza no kugumana ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi.—1 Petero 3:16.