ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 15/5 rup. 18
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana buravutse!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Uraba maso Shetani ashaka kukurotsa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Nitumenye umwansi wacu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 15/5 rup. 18

Ibibazo vy’abasomyi

Shetani yirukanywe mw’ijuru ryari?​—Ivyah. 12:1-9.

Naho igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuwe kitavuga igihe nyezina Shetani yirukaniweko mw’ijuru, kiratanga urukurikirane rw’ibintu vyabaye vyoshobora kudufasha kugereranya ico gihe. Ica mbere muri ivyo bintu vyabaye, ni ivuka ry’Ubwami burongowe na Mesiya. Inyuma y’ivyo, haca “haduka intambara mw’ijuru,” ino ikaba yashikanye ku kuneshwa no ku kwirukanwa kwa Shetani mw’ijuru.

Ivyanditswe biragaragaza neza ko mu 1914 ari wo mwaka “ibihe vyashinzwe vy’amahanga” vyarangiriyeko maze Ubwami buca burashingwa.a (Luka 21:24) Inyuma y’ivyo none, haciye umwanya ungana iki ngo ya ntambara yatumye Shetani yirukanwa mw’ijuru yaduke?

Mu Vyahishuwe 12:4 hagira hati: “Nya gisato [Shetani] caguma gihagaze imbere ya nya mugore yagira yibaruke, kugira ngo, yibarutse, gice kirotsa umwana wiwe.” Ivyo vyerekana yuko Shetani yashaka guca azimanganya buno nyene Ubwami bwari buherutse gushingwa, ivyo akabigira uko bishoboka kwose bukimara gushingwa. Naho Yehova yaciye ahaseruka ngo ahagarike umugambi w’ububisha wa Shetani, Shetani wewe yari yiyemeje gukora uko ashoboye kwose kandi adatezura ngo agirire nabi Ubwami bwari buherutse gushingwa. Ni co gituma rero, “Mikaheli n’abamarayika biwe” baciye ubwo nyene birukana ‘ca gisato n’abamarayika baco’ mw’ijuru kugira ngo ntihagire ikibi na kimwe gishikira ubwo Bwami. Ku bw’ivyo rero, duca dushika ku ciyumviro c’uko ukuneshwa kwa Shetani be n’ukwirukanwa kwiwe mw’ijuru vyabaye inyuma gatoya y’ivuka ry’Ubwami mu 1914.

Ikindi kintu tworimbura ni izuka ry’abakirisu barobanuwe, rino rikaba ryatanguye, nk’uko Ivyanditswe bivyerekana, inyuma gatoyi y’ishingwa ry’Ubwami.b (Ivyah. 20:6) Kubera yuko ata mwenewabo na Kristu n’umwe yarobanuwe avugwa ko yari kumwe na Yezu igihe yarwana na ca gisato be n’abamarayika baco, bishoboka ko intambara yo mw’ijuru be n’ukwirukanwa kwa Shetani n’amadayimoni yiwe vyarangiye igihe izuka ry’abo benewabo na Kristu ryatangura.

Ku bw’ivyo rero, Bibiliya ntihishura igihe nyezina Shetani n’amadayimoni yiwe birukaniweko mw’ijuru. Ariko rero, biragaragara yuko ico kintu caciye kiba Yezu Kristu akimara kwimikwa mw’ijuru mu 1914.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, ku rupapuro rwa 215-218.

b Raba mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2007, urupapuro rwa 27-28, ingingo ya 9-13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika