Ibibazo vy’abasomyi
Yezu yashaka kuvuga iki igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo”?
Yezu ni ho yari akimara gutora abigishwa biwe 70, maze “atuma babiribabiri, ngo bagende imbere yiwe mu bisagara vyose n’ahantu hose ah’agira ace”. Abo 70 bagarutse, bari banezerejwe n’ukuntu berewe mu gikorwa bashinzwe. Bavuze bati: “Mugenzi, abadayimoni na bo baratwumvira mw izina ryawe”. Yezu yaciye ababwira ati: “Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo”.—Luka 10:1, 17, 18.
Ukivyumva, womenga Yezu yariko yerekeza ku kintu cari camaze kuba. Yamara, imyaka 60 inyuma y’aho Yezu avugiye ayo majambo, intumwa Yohani uwari ageze mu zabukuru, yarakoresheje imvugo isa n’iyo nyene mu kwandika ati: “Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co”.—Ivyahishuriwe 12:9.
Igihe Yohani yandika ayo majambo, Shetani yari akiba mw’ijuru. Ivyo tubizi gute? Ni kubera yuko igitabu c’Ivyahishuriwe ari igitabu c’ubuhanuzi, atari ikivuga inkuru za kahise (Ivyahishuriwe 1:1). Kubera ico rero, mu gihe ca Yohani, Shetani ntiyari bwakororerwe kw’isi. Kukaba nkako, ibimenyamenya vyerekana yuko yakororewe kw’isi inyuma gato y’aho Yezu yimikiwe bwa Mwami w’Ubwami bw’Imana mu 1914a.—Ivyahishuriwe 12:1-10.
None, ni kubera iki Yezu yavuze ivy’ugutabwa hanze kwa Shetani akuwe mw’ijuru nk’aho umengo vyari vyaramaze gushika? Incabwenge zimwezimwe zivuga yuko Yezu yariko arahambarira abigishwa biwe kubera bagaragaje ubwishime. Bemera yuko kubwa ngingo yariko avuga ati: ‘Ego ni ko mwatahukanye intsinzi ku madayimoni, ariko ntimwiyemere. Shetani yarabaye umunyabwishime kandi ivyo vyatumye atemba ningoga’.
Kuri ico kibazo, ntidushobora kwemeza ivyiyumviro vyacu ku nguvu. Ariko rero, bisa n’ibishoboka cane yuko Yezu yariko aranezeranwa n’abigishwa biwe yongera yerekeza ku gushirwa hasi kwa Shetani kwobaye muri kazoza. Yezu, kuruta uwo ari we wese mu bigishwa biwe, yari azi neza urwanko rukomeye rwa Shetani. Iyumvire umunezero Yezu yagize igihe yumva yuko amadayimoni y’ubushobozi yumviye abigishwa biwe b’abantu b’abanyagasembwa! Ukwo kwumvira kw’amadayimoni cari gusa ikintu kiba kirerekana umusi wo muri kazoza igihe Yezu, bwa mumarayika mukuru Mikayeli, yorwanye na Shetani maze akamukura mw’ijuru akamukorerera kw’isi.
Igihe Yezu yavuga yuko yabonye Shetani “akoroka”, biboneka yuko yariko arashimika ku vy’uko ugukororwa kwa Shetani kwotegerejwe kuba. Ivyo birasa n’ubundi buhanuzi bwa Bibiliya buvuga ibintu bizoba muri kazoza nk’aho umengo vyaramaze kuba. Nk’akarorero, raba iri koreshwa ry’umwanya wa kahise n’uwa kazoza mu buhanuzi bwerekeye Mesiya buri muri Yesaya 52:13–53:12. Yezu ashobora kuba yariko aserura icizigiro c’uko ugukororwa kwa Shetani akuwe mw’ijuru kwobaye mu buryo buhuye n’umugambi wa Se wiwe. Yezu yari azi kandi adakekeranya yuko igihe Imana yashinze kigeze, Shetani n’amadayimoni yiwe boterewe mu gisumanyenzi, mu nyuma bakarandurwa rimwe rizima.—Abaroma 16:20; Abaheburayo 2:14; Ivyahishuriwe 20:1-3, 7-10.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, ikigabane ca 10, n’igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche!, ikigabane ca 27, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.