ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/11 rup. 30-31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Gufyonyora umutwe wa ya Nzoka
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Kazoza k’Igitangaza
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Abamarayika ni bande kandi bakora iki?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/11 rup. 30-31

Ibibazo vy’abasomyi

Amadayimoni azoba ari hehe mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi?

Bibiliya ntiyishura ico kibazo mu buryo butomoye. Ariko rero, turashobora gushika ku ciyumviro cumvikana ku vyerekeye aho amadayimoni azoba ari mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi.

Mu kwerekana imbere y’igihe ibizoba mu ntango n’ibizoba mu mpera y’iyo myaka igihumbi, intumwa Yohani avuga ati: “Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe. Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi, agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’iyo myaka igihumbi izoshirira: ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito” (Ivyahishuriwe 20:1-3). Iyo mirongo ivuga gusa ivy’ukuboherwa i kuzimu kwa Shetani n’ivy’uko amaherezo azobohorwa kugira ngo amare igihe gito. Naho amadayimoni atavugwamwo, bisa n’ivy’umvikana yuko igihe uwo mumarayika afise urupfunguzo rw’i kuzimu ari we Yezu Kirisitu yaninahajwe, abohera Shetani i kuzimu, azogira kuno nyene n’amadayimoni.—Ivyahishuriwe 9:11.

Aho Yezu Kirisitu amariye kuba Umwami mw’ijuru mu 1914, yarakoze ikintu cagize ico gikoze mu buryo bukomeye kuri Shetani n’amadayimoni. Mu Vyahishuriwe 12:7-9 havuga hati: “Mw ijuru havyuka intambara. Mikayeli n’abamarayika biwe barwanya ca gisato: igisato kirwanana n’abamarayika baco [amadayimoni]. Ntibatsinda, kandi mw ijuru ahabo ntihaba hakiboneka. Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co”. Kuva ico gihe rero, Shetani n’amadayimoni yiwe bugaraniwe mu micungararo y’isi. Mu buryo bwumvikana, turashobora kuvuga yuko Yezu niyongera guhagarika igikorwa ca Shetani kugira ngo akingire isi akosho kiwe kabi, azobigenza nk’ukwo nyene ku madayimoni.

Rimbura kandi ubuhanuzi bwa mbere na mbere bwo muri Bibiliya. Imana yavuze iti: ‘Nzoshira inyankane hagati yawe [Shetani] n’umugore [ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru], no hagati y’uruvyaro rwawe [rwa Shetani] n’urwiwe [ari rwo Yezu Kirisitu]: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa ku gitsintsiri’ (Itanguriro 3:15). Ugukomeretsa umutwe w’inzoka birimwo gupfungira i kuzimu Shetani mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi. Ubwo buhanuzi kandi buvuga yuko hariho inyankane hagati y’uwukomeretsa Shetani, n’uruvyaro rwa Shetani. Urwo ruvyaro rwa Shetani, ari ryo shirahamwe ryiwe, rurimwo igice kitaboneka kigizwe n’abamarayika babi, ari bo madayimoni. Birumvikana rero yuko Yezu niyaterera i kuzimu Shetani, azonaboha akongera agatererayo n’amadayimoni. Kubona ibiremwa vy’impwemu bibi vyaragize ubwoba bwinshi bwo gutererwa i kuzimu, vyerekana ko bizi ivy’ukwo gupfungwa kwavyo kwimirije.—Luka 8:31.

Vyoba bishoboka none ko mu Vyahishuriwe 20:1-3 hatavuga amadayimoni kubera ko azoba yasanganguranywe n’umuce uboneka w’uruvyaro rwa Shetani kuri Harumagedoni? Bibiliya yerekana ko ivyo bisa n’ibidashoboka. Ku bijanye n’ikiraririye gushikira Shetani, Bibiliya ivuga iti: “Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira” (Ivyahishuriwe 20:10). Ico gikōko hamwe n’uwo muvugishwa w’ibinyoma ni inzego z’ivya politike ziri mu bigize ishirahamwe riboneka rya Shetani (Ivyahishuriwe 13:1, 2, 11-14; 16:13, 14). Iherezo ryavyo rizoshika kuri Harumagedoni, igihe Ubwami bw’Imana buzokomvomvora bugaherengeteza ubwami bwose bwo kw’isi (Daniyeli 2:44). Bibiliya iravuga ivy’“umuriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe” (Matayo 25:41, ni twe dushimitse.). Shetani n’amadayimoni yiwe bose bazotererwa mu “kiyaga [kimwe] caka umuriro n’amazuku” nk’uko nyene ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma bizosangangurwa ubutagisubira kubaho. Iyaba umuce utaboneka w’uruvyaro rwa Shetani ari na wo ukomeye kuruta iyindi wobaye wasanganguwe kuri Harumagedoni, ntivyari kubura kuvugwa ko amadayimoni yari asanzwe ari muri ico kiyaga c’ikigereranyo ari kumwe na ca gikoko be na wa muvugishwa w’ibinyoma. Kuba amadayimoni atavugwa mu Vyahishuriwe 20:10 vyerekana ko adasangangurwa kuri Harumagedoni.

Ko bitavugwa mu buryo butomoye yuko amadayimoni aboherwa i kuzimu, ntibinavugwa mu buryo butomoye ko azorekurwa akava i kuzimu. Ariko rero, iherezo ryayo ni cokimwe n’irya Shetani. Amadayimoni niyamara kurekurwa ari kumwe na Shetani maze agafadikanya na we kugererageza abantu ubwa nyuma mu mpera ya ya myaka igihumbi, na yo nyene azoca atererwa mu kiyaga caka umuriro, gutyo abe asanganguwe ubutagisubira kubaho.—Ivyahishuriwe 20:7-9.

Ku bw’ivyo, naho mu Vyahishuriwe 20:1-3 havuga gusa ivy’ukubohwa kwa Shetani no gutererwa i kuzimu ari kwo kutagira ico asubira gukora, turashobora gushika ku ciyumviro gitegereka c’uko abamarayika biwe na bo nyene bazobohwa bagatererwa i kuzimu. Yaba Shetani canke inteko ziwe z’amadayimoni ntibazokwemererwa gutoba iranguka ry’umugambi w’Imana wo guhindura isi iparadizo no gukura agasembwa ku muryango w’abantu mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’imyaka igihumbi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika