Abasomyi bacu barabaza . . .
Ivyabona vya Yehova babona gute ibijanye n’ukuja hamwe kw’amadini?
▪ Twisunze ibivugwa n’igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (World Christian Encyclopedia), hari nk’“amadini 10.000 atandukanye kw’isi yose.” Kubera yuko indyane ziri hagati yayo zateje abantu imibabaro itovugwa, ivyo kuja hamwe kw’amadini biraha umwizero abantu benshi basenga. Bizera ko bishobora gutuma haba amahoro n’ubumwe muri iyi si yiciyemwo ibice.
Bibiliya iraremesha ubumwe. Intumwa Paulo yasanishije ishengero rya gikirisu n’umubiri w’umuntu, ibihimba vyose bikaba ‘bifatanirijwe hamwe bikanywana neza bigakorera hamwe.’ (Abanyefeso 4:16) N’intumwa Petero yahimirije abo basangiye ukwizera ati: “Mwese muhuze ivyiyumviro.”—1 Petero 3:8.
Abakirisu bo mu ntango baba mw’isi irimwo abantu b’imico myinshi n’amadini menshi. Yamara, igihe Paulo yandika ku bijanye n’ukwifatanya kw’amadini atandukanye, yabajije ati: “Uwemera asangiye iki n’uwutemera?” Yaciye rero ahimiriza abakirisu ngo ‘bave muri bo.’ (2 Abakorinto 6:15, 17) Si agaseseshwarumuri, Paulo yariko yiyamiriza ivyo kuja hamwe kw’amadini. Uti ni kubera iki yavyiyamirije?
Iyo ntumwa yarasiguye yuko umukirisu w’ukuri yifatanije n’uwutari we mu vyo gusenga kwoba ari ukubohera hamwe ku ngǒgo ibitajana, ni ukuvuga ibidakwiranye. (2 Abakorinto 6:14) Nta kindi vyoheza bikavamwo atari uko ukwizera kw’uwo mukirisu w’ukuri kwotosekara. Ivyari biraje ishinga Paulo ni nka birya biraza ishinga sebibondo azi ko mu kibano hari abana bigenza nabi. Kubera ko aba ari umuvyeyi yitwararika ibintu, arakoresha ubukerebutsi agashinga uturimbi ku bijanye n’abokinana n’umwana wiwe. Abo bandi bana canke abavyeyi babo boshobora kudashima utwo turimbi ashinga. Ariko rero kubera ukuntu ibintu vyifashe, ukwo kutivanga n’abo bana kwokingira umwana wiwe utwosho tubi. Muri ubwo buryo nyene, Paulo yari azi yuko kutivanga n’ayandi madini vyokingiye abakirisu ibintu bibi ayo madini akora.
Mu gufata iyo mpagararo, Paulo yariko yigana Yezu. Naho Yezu yatanze akarorero ruheta mu bijanye no kuremesha amahoro mu bantu, ntiyigeze agira ivyo kuja hamwe n’ayandi madini. Imigwi myinshi y’ivy’idini, nk’Abafarizayo be n’Abasadukayo, yariho mu gihe c’ubusuku bwa Yezu ng’aha kw’isi. Kukaba nkako, utwo tugwi tw’ivy’idini twaragiye hamwe kugira ngo turwanye Yezu, turagera n’aho tuja inama yo kumwica. Yamara Yezu wewe yabwiye abayoboke biwe “kuba maso . . . ku nyigisho y’Abafarizayo n’Abasadukayo.”—Matayo 16:12.
Muri kino gihe ho bite? Ingabisho Bibiliya itanga ku bijanye n’ukuja hamwe kw’amadini yoba igifise ishingiro? Ego cane irarifise. Ivyo ni ko biri kubera ko ibintu bitandukanye amadini yemera bidashobora guhuzwa biciye ku kuja hamwe kw’amadini, nka kurya nyene amavuta n’amazi bidashobora kunywana neza ngo ni uko gusa umuntu abivanze mu nkono imwe. Nk’akarorero, igihe abantu bo mu madini atandukanye bahurira hamwe kugira basengere amahoro, imana baba bariko barasaba ni iyihe? Yoba ari ya Mana y’Ubutatu abiyita abakirisu bemera? Yoba ari Brahma y’Abahindu? Yoba ari Buddha? Canke na ho yoba ari iyindi?
Umuhanuzi Mika yari yaravuze yuko “mu misi y’iherezo” abantu bo mu mahanga yose bovuze bati: “Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo.” (Mika 4:1-4) Ivyo vyotumye haba amahoro n’ubumwe kw’isi yose, atari kubera ko ivyo abantu bizera hari ukuntu vyashizwe hamwe, ariko kubera ko abantu bose bafise ukwizera kumwe kw’ukuri.
[Ifoto ku rup. 27]
Abanywanyi b’amadini makurumakuru yo kw’isi bari mu nama ihuza amadini, mu 2008
[Abo dukesha ifoto]
REUTERS/Andreas Manolis