Ababuraniye ivyo bemera boba baraburaniye ubukirisu canke bari nk’abafilozofe?
UKUGOKA, ukwica abana, ukurya abantu: ivyo ni bimwe mu bintu bitagira ishingiro abakirisu bo mu kinjana ca kabiri G.C. bagirizwa. Ivyo vyatumye haduka uruhamo rukomeye cane ku buryo abiyita ngo ni abanditsi b’abakirisu baciye babona ko babwirizwa kuburanira ukwizera kwabo. Abo banditsi, abahavuye bitwa ababuranira ivyo bemera, bariyemeje kwerekana ko idini ryabo ata co ryonona kugira ngo abategetsi b’Abaroma be n’abantu muri rusangi babarabe ryiza. Cari igikorwa kirimwo akaga cane kubera ko Inganji y’Uburoma be n’abantu muri rusangi wasanga batururuzwa gusa n’uko ubashiriye aho bashaka. Vyongeye, abo baburanira ivyo bemera barahakwa gusanga bakwegeye abakirisu uruhamo rukaze cane canke bajoboroye ukwizera kwabo mu kudohoka bitari ngombwa ku bintu bimwebimwe. Ariko none abo bitwa ko baburanira ivyo bemera baburaniye gute ukwizera kwabo? Ni ivyiyumviro ibihe bakoresheje? Kandi utwigoro twabo twavuyemwo iki?
Ingene babona Inganji y’Uburoma
Abo baburanira ivyo bemera bari abagabo bize bo mu kinjana ca kabiri no mu ntango y’ikinjana ca gatatu. Abari bazwi gusumba abandi muri bo ni Justin Martyr, Clément d’Alexandrie na Tertullien.a Ivyo banditse ahanini bavyandikira abapagani be n’abategetsi b’Abaroma, bakavyandika bafise intumbero yo gusigura ukwizera kw’abakirisu, kandi barashiramwo kenshi ivyanditswe vyo muri Bibiliya. Ikiruta vyose, abo baburanira ivyo bemera baraviriye hasi ababahama, baratera ivyatsi ivyo babagiriza bongera baravuga neza abakirisu.
Kimwe mu bintu nyamukuru vyari biraje ishinga abo baburanira ivyo bemera kwari ukujijura abategetsi mu vya politike yuko abakirisu batari abansi b’umwami w’abami canke inganji yiwe. Tertullien yaravuze ku bijanye n’umwami w’abami yuko ngo “Imana yacu yamugenye,” Athénagore na we arashigikira ivy’uko umwami w’abami akwiye kuba ari uwo mu nda y’ingoma, gutyo baba barisutse muri politike y’ico gihe. Mu kubigenza gutyo, bariyobagije amajambo ya Yezu Kristu, uwavuze ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”—Yohani 18:36.
Vyongeye, abo baburanira ivyo bemera baratanze iciyumviro c’uko hakwiye kuba ibintu bihuza Uburoma be n’idini rya gikirisu. Twisunze ivyavuzwe n’uwitwa Méliton, izo nzego uko ari zibiri ngo zari magiriranire kandi ngo zaragira ico ziterereye ku neza y’inganji yose. Umwanditsi w’igitabu kimwe (L’épître à Diognète) atashimye kwivuga izina, yavuze ko abakirisu ari bo mutima ‘watuma isi iguma yunze ubumwe.’ Tertullien na we yanditse ko abakirisu basenga basaba ko inganji yosagamba be n’uko iherezo ry’isi ryoba rirabangiriye. Ivyo vyatumye ukuza kw’Ubwami bw’Imana kubonwa nk’aho kudakenewe cane.—Matayo 6:9, 10.
Icitwa ubukirisu gicika filozofiya
Umufilozofe yitwa Celse yaradondoye abakirisu abashinyagurira ngo ni “abacangero, abafundi b’ibirato, abirimizi, ibitazi be n’ibijuju kuruta abandi bose.” Abo baburanira ivyo bemera vyaranse ko bihanganira ako gacokoro. Baciye bita ku rutare barahindura umukenyuro kugira ngo abantu bababone neza. Ubwenge bw’isi bwari bwahoze bwiyamirizwa ni bwo bwaciye bukoreshwa mu kuburanira iciswe ko ari ubukirisu. Nk’akarorero, Clément d’Alexandrie yabona ko filozofiya “yigisha vy’ukuri ivy’Imana.” Naho Justin yivugisha ngo yiyamiriza filozofiya ya gipagani, ni we yabaye uwa mbere mu gukoresha imvugo be n’ivyiyumviro vya filozofiya kugira aserure ivyo yise ngo ni ivyiyumviro vya gikirisu, mwene iyo filozofiya akabona ko “ata ngorane iteye be n’uko ari ngirakamaro.”
Kuva ico gihe, ubuhinga bari basigaye bakoresha bwari ubwo kutarwanya filozofiya, ariko bagafata ivyiyumviro vyitwa ko ari ivya gikirisu bakavyita filozofiya irengeye cane iy’abapagani. Justin yanditse ati: “Ku bintu bimwebimwe, usanga twigisha bimwe n’abaryoshamvugo be n’abafilozofe mwubaha, ku bindi na ho ugasanga ivyo twigisha bishika kure kandi bishimika cane ku vy’Imana.” Abo baburanira ivyo bemera bamaze kuronka uburyo bushasha buryosharyosha bwo gushikiriza ivyiyumviro vyitwa ngo ni ivya gikirisu babicishije kuri filozofiya, baciye rero barondera kwemeza ko bikwiye kwubahwa kubera yuko vyaboneye izuba ibindi. Abo baburanira ivyo bemera barerekanye ko ibitabu vy’abakirisu vyitangiye imbere rwose ivy’Abagiriki be n’uko abahanuzi bo muri Bibiliya babayeho imbere y’uko abafilozofe b’Abagiriki babaho. Ababuranira ivyo bemera bamwebamwe mbere barashitse ku ciyumviro c’uko abafilozofe barabiye ku bahanuzi. Baranavuze yuko ngo Pulato yari umwigishwa wa Musa!
Bagoreka ubukirisu
Ubwo buhinga bushasha bwatumye haba uruvange rw’ubukirisu be na filozofiya y’abapagani. Barasanishije imana z’Abagiriki be n’abantu bavugwa mu Bibiliya. Yezu yasanishijwe na Persée, ugusama inda kwa Mariya na kwo gusanishwa n’ukwa nyina wa Persée ari we Danaë, uwo bivugwa ko na we nyene yari isugi.
Inyigisho zimwezimwe zarahinduwe bimwe bikomeye. Nk’akarorero, muri Bibiliya Yezu yitwa “Logos,” bikaba bisobanura ko ari “Jambo” w’Imana, ni ukuvuga Umuvugizi wayo. (Yohani 1:1-3, 14-18; Ivyahishuwe 19:11-13) Kuva kera cane, iyo nyigisho yaragoretswe na Justin. Uwo Justin, nka kurya kw’umufilozofe, yarafatiye ku kuntu iryo jambo ry’ikigiriki logos rishobora gusobanurwa mu buryo bubiri ngo: “ijambo” be n’“ubwenge.” Yavuze ngo abakirisu baronkeye ijambo muri Kristu ubwiwe. Ariko rero iyo logos, igihe isobanura ubwenge, tuyisanga mu muntu uwo ari we wese ushizemwo n’abapagani. Yasozereye avuga ngo ababaho bisunga ubwenge rero baba ari abakirisu, mbere na barya wasanga bavuga ko ari abahakanamana canke bakabonwa ko ari abahakanamana, nka Sokarate n’abandi.
Vyongeye, igihe abo baburanira ivyo bemera, ushizemwo na Tertullien, barondera vyanka vyakunda gushiraho isano hagati ya Yezu na logos yo muri filozofiya y’Abagiriki, iyo logos ikaba yarasanishwa cane n’Imana, bari bafashe inzira yahavuye ishikana ubukirisu kuri ya nyigisho y’Ubutatu.b
Abo baburanira ivyo bemera baragoretse n’ico Bibiliya yigisha ku bijanye n’ibishikira umuntu iyo apfuye. Barahuje iyo nyigisho na filozofiya ya Pulato yuko ngo hariho ikintu kitaboneka kiri mu mubiri kibandanya kubaho iyo umuntu apfuye. (Umusiguzi 9:5, 10) Minucius Félix yaranemeje ko ivyo kwemera izuka vyatanguriye mu nyigisho ya Pythagore ivuga yuko ngo iyo umuntu apfuye, umutima w’ubwenge umuvamwo ukimukira mu kindi kiremwa. Mbega ukuntu akosho k’Abagiriki kashikanye abo bantu kure y’ivyo Bibiliya yigisha!
Bahisemwo nabi
Bamwebamwe muri abo baburanira ivyo bemera barabonye akaga iyo filozofiya yoshoboye guteza ukwizera kw’abakirisu. Ariko rero, naho banebagura abo bafilozofe, bagumye bashima ukuntu filozofiya yikora ku kwiyumvira ukoresheje ubwenge. Nk’akarorero, Tatien yaranebaguye abafilozofe avuga ngo nta ciza bakora, ariko akavuga ngo idini rya gikirisu ni “filozofiya yacu” akongera akaja mu vyo kwiyumvira ibintu bidafashe bijanye na filozofiya. Ku ruhande rumwe, Tertullien yarateye ivyatsi akosho filozofiya y’abapagani yagira ku vyiyumviro vya gikirisu. Ku rundi ruhande na ho, yaravuze ko yashaka kugera ikirenge mu ca “Justin, wa mufilozofe akaba n’umumaratiri, hamwe na Miltiade, ya ncabwenge mu vy’amadini,” be n’abandi. Athénagore yiyise ngo ni “umufilozofe w’umukirisu w’i Atene.” Nayo Clément wewe, bivugwa ko yabona yuko “abakirisu bashobora kwikora kuri filozofiya babigiranye ubwenge kugira ngo ibafashe kuronka ubukerebutsi no kuburanira ukwizera kwabo.”
Abo baburanira ivyo bemera, ivyo boba barashitseko vyose mu kuburanira ukwizera kwabo, barihenze rwose muri urwo rugamba rwabo. Uti gute? Intumwa Paulo yaribukije abakirisu yuko mu birwanisho vy’impwemu bafise ata na kimwe coza gikomeye kurusha “ijambo ry’Imana,” irisanzwe “ari rizima kandi rigira ububasha.” Paulo yavuze ko igihe turikoresheje “dutembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana.”—Abaheburayo 4:12; 2 Abakorinto 10:4, 5; Abanyefeso 6:17.
Mw’ijoro rya buca Yezu yicwa, yabwiye abigishwa biwe ati: “Nimureme! Jewe naratsinze isi.” (Yohani 16:33) Ibigeragezo n’amakuba vyamushikiye ng’aha kw’isi ntivyamutsinze ngo areke kwizera Se canke ngo amuhemukire. Na Yohani, ari na we yapfuye inyuma y’izindi ntumwa, yanditse ati: “Iyi ni yo ntsinzi yatsinze isi: ukwizera kwacu.” (1 Yohani 5:4) Naho abo baburanira ivyo bemera bashaka kuburanira ukwizera kw’abakirisu, bahisemwo nabi mu kwakiriza yompi ivyiyumviro vya filozofiya y’isi be n’uburyo iyo filozofiya ikoresha. Mu kubigenza gutyo, abo baburanira ivyo bemera baremeye guhendwa n’amafilozofiya, baba rero baremeye ko isi ibigarurira ikigarurira n’ubukirisu bwabo. Ni co gituma, aho kurwanira no kuburanira ukwizera kw’ukuri kw’abakirisu, abo baburanira ivyo bemera bo mw’idini ry’abitwa abakirisu ryo mu ntango, baguye mu mutego wa Shetani, umwe “aguma yihindura umumarayika w’umuco,” kumbure batabiciye n’ikanda.—2 Abakorinto 11:14.
Muri kino gihe, abakuru b’amadini be n’abanyatewolojiya bo muri nya madini barakurikiye cane iyo nzira nyene. Aho kuburanira ubukirisu nyakuri bakoresheje Ijambo ry’Imana, akenshi usanga bashira hasi Bibiliya maze bagahitamwo kwisunga filozofiya y’isi mu nyigisho zabo kugira ngo abantu be n’abategetsi babarabe ryiza. Aho gusamiriza imburi ku bijanye n’akaga kari mu kwishinga ivyo isi ikunda bitemewe n’Ivyanditswe, bacitse abigisha bakora uko bashoboye kwose kugira ‘bagaze amatwi’ y’ababumviriza, baheze bigarurire abanywanyi. (2 Timoteyo 4:3) Ikibabaje, nk’uko abo baburanira ivyo bemera bo mu ntango babigize, abo bigisha bariyobagije ingabisho yatanzwe n’intumwa, igira iti: “Mwiyubare: Hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye muri filozofiya no mu ruhendo ata co rurimwo vyisunga imigenzo y’abantu, vyisunga ibintu vy’intango vyo mw’isi, bitisunga Kristu.” Vyongeye, tuributswa ko “iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo.”—Abakolosayi 2:8; 2 Abakorinto 11:15.
[Utujambo tw’epfo]
a Hariho kandi Quadratus, Aristide, Tatien, Apollinaris, Athénagore, Théophile, Méliton, Minucius Félix be n’abandi banditsi batazwi cane. Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2003, urupapuro rwa 27-29, be n’uwo mu gifaransa wo ku wa 15 Ntwarante 1996, urupapuro rwa 28-30.
b Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo Tertullien yemera, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Rusama 2002, urupapuro rwa 29-31.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 31]
“Dutembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana.”—2 ABAKORINTO 10:5
[Ifoto ku rup. 28]
Justin yabona ko kwigana filozofiya ‘ata ngorane biteye be n’uko ari ngirakamaro’
[Ifoto ku rup. 29]
Clément yabona ko filozofiya “yigisha vy’ukuri ivy’Imana”
[Ifoto ku rup. 29]
Ivyiyumviro vya Tertullien bishingiye kuri filozofiya biri mu vyaciriye inzira ya nyigisho y’Ubutatu
[Ifoto ku rup. 29]
Tatien yise ubukirisu ngo ni “filozofiya yacu”
[Ifoto ku rup. 30]
Abakuru b’amadini be n’abanyatewolojiya bo muri iki gihe bakurikiye inzira ya bamwe baburanira ivyo bemera
[Ifoto ku rup. 31]
Intumwa Paulo yaratugabishije ku bijanye n’amafilozofiya be n’uruhendo vy’abantu
[Abo dukesha ifoto ku rup. 29]
Clément: Historical Pictures Service; Tertullien: © Bibliothèque nationale de France