Ibirimwo
15 Rusama 2011
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
27 Ruheshi 2011–3 Mukakaro 2011
Yemwe miryango y’abakirisu, ‘nimugume murikanuye’
URUPAPURO 7
4-10 Mukakaro 2011
Yemwe miryango y’abakirisu, ‘nimugume mwiteguye’
URUPAPURO 11
11-17 Mukakaro 2011
Ni nde ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bwawe?
URUPAPURO 16
18-24 Mukakaro 2011
‘Ewe bwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana!’
URUPAPURO 21
25-31 Mukakaro 2011
Kwizigira Yehova duherejeko biratuma twumva dutekaniwe
URUPAPURO 28
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1, 2 URUPAPURO 7-15
Ikiganiro ca mbere kiraca irya n’ino ibanga umwe wese mu bagize umuryango w’abakirisu ajejwe mu bijanye no kuguma arikanuye mu vy’impwemu. Ikiganiro kigira kabiri kirerekana ingene kuguma dufise ijisho riremuruye, kurondera gushika ku migambi yo mu vy’impwemu, no kuguma dufise umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango bihambaye cane kugira ngo umuryango wose uko wakabaye umererwe neza mu vy’impwemu.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3 URUPAPURO 16-20
Yehova akwiye kuba ari we ahambaye kuruta abandi bose mu buzima bw’abasavyi biwe. Iki kiganiro kirashira ahabona ivyigwa twiga ku bijanye n’ico kintu dufatiye ku vyashikiye wa mugore wa mbere Eva; wa mugabo w’umwizigirwa Yobu; na wa Mwana w’Imana atagira agasembwa ari we Yezu Kristu.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4 URUPAPURO 21-25
Mu Baroma ikigabane ca 11, intumwa Paulo aravuga ivyerekeye igiti c’umwelayo c’ikigereranyo. None ibintu bitandukanye bigize ico giti bigereranya iki? Igihe tuzoba turiko turihweza insobanuro yavyo muri iki kiganiro, uretse ko tuzomenya vyinshi ku vyerekeye intumbero ya Yehova, tuzotangazwa kandi n’ubwimbike bw’ubukerebutsi bwiwe.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 5 URUPAPURO 28-32
Iki kiganiro kiraca irya n’ino Zaburi ya 3 n’iya 4, zino zikaba zatunganijwe n’Umwami Dawidi. Izo ndirimbo zahumetswe zirerekana yuko dushobora gukora dutekanye turamutse dusenze Yehova tumusaba ngo adufashe kandi tukamwizigira duherejeko. Ivyo ni vyo Dawidi yagize igihe yashikirwa n’ingorane zikomeye, nk’uguhemukirwa n’umuhungu wiwe Abusalomu.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Woba vy’ukuri uhimbarwa n’Ijambo ry’Imana?
6 Yari “umucungezi mwiza akaba n’umugenzi akundwa”
26 Nukurikire Kristu, we Ndongozi itagira agahaze