ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/12 rup. 3-7
  • Kugira ivyo duhinduye vyaravuyemwo ivyiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kugira ivyo duhinduye vyaravuyemwo ivyiza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uturorero twagize ico dukoze ku buzima bwanje
  • Ibatisimu be n’ubusuku bw’igihe cose
  • Dutumirwa i Gileyadi
  • Ingorane ijanye no kuvangura amoko
  • Dushingwa ikindi gikorwa
  • Dushikirwa n’ingorane, canecane izijanye n’amagara
  • Narahimbawe no kwiga be no kwigisha ivyerekeye Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Yehova yaranyigishije gukora ivyo agomba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nakuriye mu bukene, mugabo ubu ndatunze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Naracitse “vyose ku bantu b’uburyo bwose”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/12 rup. 3-7

Kugira ivyo duhinduye vyaravuyemwo ivyiza

Nk’uko vyavuzwe na James A. Thompson

Igihe navuka mu 1928, mu bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika hari itegeko ryo kuvangura abazungu n’abirabure. Mu gihe umuntu yaba arenze iryo tegeko yarashobora gufungwa canke agahabwa igihano kiruta ico.

ICO gihe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ivyabona vya Yehova b’abazungu babwirizwa kugira amashengero, imizunguruko be n’intara vyabo, Ivyabona b’abirabure na bo bakagira ivyabo. Mu 1937 dawe yarabaye umusuku w’umugwi (uwitwa ubu umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere) w’ishengero ry’abirabure ry’i Chattanooga, muri Leta ya Tennessee. Henry Nichols yari umusuku w’umugwi w’ishengero ry’abazungu.

Ndibukana akamwemwe igihe nari nkiri muto nicaye mw’ibaraza ry’inyuma ry’inzu yacu mw’ijoro, numviriza Dawe n’umuvukanyi Nichols bariko barayaga. Naho ntatahura ibintu vyose bavuga, nararyoherwa no kuba ndi kumwe na dawe igihe abo babiri baba bariko barayaga ku bijanye n’ukuntu borushiriza kurangura igikorwa co kwamamaza muri ivyo bihe.

Imbere y’aho, mu 1930, umuryango wacu warashikiwe n’ivyago. Mawe, uwari afise imyaka 20, yarapfuye. Dawe yabwirizwa kutubungabunga twe na mushikanje Doris, uno akaba yari afise imyaka ine, nanje nkagira ibiri gusa. Naho Dawe yari aherutse kubatizwa, yaragize iterambere ryiza mu vy’impwemu.

Uturorero twagize ico dukoze ku buzima bwanje

Mu 1933, dawe yaramenyanye na mushiki wacu mukirisu ameze neza yitwa Lillie Mae Gwendolyn Thomas, maze haciye igihe gitoyi barubakana. Dawe na mawe baraduhaye akarorero keza twe na Doris mu bijanye no gukorera Yehova tudahemuka.

Mu 1938 amashengero y’Ivyabona vya Yehova yarasabwe gushigikira umwiyemezo w’uko abakurambere b’amashengero boza baragenwa n’icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri i Brooklyn, muri New York, aho gutorwa n’abavukanyi bo muri yo. Igihe abavukanyi bamwebamwe b’i Chattanooga bagonanwa kwemera iryo hinduka, dawe yaramenyesheje ko ashigikiye rwose iryo hinduka ryari ryabaye mu bijanye no kwungunganya ibintu. Akarorero kiwe k’ukudahemuka, hamwe n’ukuba mawe yarasenyera ku mugozi umwe na we abikuye ku mutima, vyaramfashije gushika n’uno musi.

Ibatisimu be n’ubusuku bw’igihe cose

Mu 1940 abatari bake mw’ishengero ryacu barakose ibisi maze baja kw’ihwaniro ryabereye i Detroit muri Michigan. Bake mu bo twari kumwe mw’ibisi barabatijwe kuri iryo hwaniro. Hari abibajije igituma ntabatijwe, na rirya nari natanguye kwamamaza mfise imyaka itanu kandi nkaba nari mfise umwete mwinshi mu busuku.

Igihe bambaza igituma, nishuye nti: “Hari ivyo ntatahura ku bijanye n’ibatisimu.” Dawe vyaramuguye mu gutwi maze arumirwa. Kuva ico gihe, yararushirije kugira akigoro kugira ngo amfashe gutahura ico ibatisimu isobanura be n’akamaro kayo. Haciye amezi ane, ku wa 1 Gitugutu 1940, hakaba hari hakanye cane, narabatirijwe mu kidengeri c’amazi cari hanze ya Chattanooga.

Igihe nari mfise imyaka 14, naratanguye kuza ndakora ubutsimvyi mu buruhuko bwo mu ci. Namamaza mu dusagara twa Tennessee no muri Leta bihana urubibe ya Jeworojiya. Navyuka hakiri kare, ngatekera impamba ya sasita, ngaca mfata igariyamoshi canke ibisi isaha 12 zo mu gatondo nkaja mu cibare. Nagaruka nk’isaha 12 zo ku mugoroba. Impamba naba nitwaje akenshi yahera sasita itaranaganya kugera. Naho naba mfise amahera, sinashobora kwinjira mu mangazini yaho kugira ngo ngure ibindi bifungurwa kubera ko nari umwirabure. Igihe kimwe, narinjiye mw’iduka rimwe kugira ngo ngure mwene ka kantu gasosa kameze nk’ibarafu baca baranyirukana. Umuzungukazi umwe abigiranye umutima mwiza yarakanzaniye.

Igihe natangura amashure yisumbuye, ivyo guharanira agateka k’abanyagihugu vyariko birarushiriza gukomera mu bumanuko. Imihari imwimwe nk’Ishirahamwe ry’igihugu riharanira iterambere ry’abirabure, yararemesha abanyeshure kubigiramwo uruhara. Twahimirijwe kuja muri iyo mihari. Amashure atari make y’abirabure, harimwo n’iryo nigako, yarishingiye umugambi w’uko abanyeshure bose bayijamwo. Barandemereye ngo ‘nshigikire ubwoko bwacu,’ nk’uko vyavugwa. Mugabo narabankiye, ndabasigurira yuko Imana itagira nkunzi be n’uko ata bwoko irutisha ubundi. Narizigira rero ko Imana ari yo izotorera umuti ako karenganyo.​—Yoh. 17:14; Ivyak. 10:34, 35.

Haciye igihe gito ndangije amashure yisumbuye, narafashe ingingo yo kwimukira i New York City. Ariko rero, igihe nariko ndajayo narahagaze i Philadelphia muri Pennsylvania, kugira ngo ndamutse abagenzi twari twaramenyaniye kw’ihwaniro. Ishengero ryaho ryari ryo shengero rya mbere ngiyemwo rigizwe n’abazungu hamwe n’abirabure. Igihe umucungezi w’umuzunguruko yari yarigendeye, yaranyikebukanije maze ambwira ko nashinzwe ikiganiro nzoshikiriza kw’ikoraniro rikurikira. Ivyo vyatumye nca mfata ingingo yo kuhaguma.

Mu bagenzi naronkeye i Philadelphia harimwo na mushiki wacu yitwa Geraldine White, nkaba nahavuye ndamwita Gerri. Yari azi Bibiliya cane kandi yari afise ubuhanga mu bijanye no kuyaga n’abo asanze ku muhana mu busuku bw’inzu ku nzu. Icari gihambaye canecane kuri jewe ni uko twari duhuje umugambi wo gukora ubutsimvyi. Twubakanye ku wa 23 Ndamukiza 1949.

Dutumirwa i Gileyadi

Umugambi twari dufise kuva mu ntango wari uwo kwitaba Ishure ry’i Gileyadi maze tukaba abamisiyonari mu kindi gihugu. Twarahimbawe no kugira ivyo duhinduye kugira ngo dukwize ibisabwa vyotuma tuja i Gileyadi. Haciye igihe gito, twarasabwe kwimukira i Lawnside muri New Jersey, mu nyuma tuja i Chester muri Pennsylvania, amaherezo tuja i Atlantic City muri New Jersey. Igihe twari i Atlantic City, twarakwije ibisabwa kugira ngo dusabe kuja i Gileyadi, kubera ko twari tumaze imyaka ibiri twubakanye. Mugabo twabaye turarindirizwa. Uti kubera iki?

Mu ntango z’imyaka ya 1950, imisore myinshi yariko irahatirwa kuja mu gisoda maze ikaja kurwana muri Koreya. Ibiro bijejwe kwandika abaja mu gisoda vy’i Philadelphia vyasa n’ibirwanya Ivyabona vya Yehova kubera tutagira aho duhengamiye. Amaherezo, umucamanza umwe yaramenyesheje ko Ibiro bijejwe iperereza (FBI) vyari vyangizeko itohoza bisanga singira aho mpengamiye. Ku bw’ivyo, ku wa 11 Nzero 1952, Sentare y’iyungururizo yarampaye uburenganzira bwo kutaja mu gisoda kubera ko nari umusuku w’ivy’idini.

Mu kwezi kwa Myandagaro kw’uwo mwaka, twe na Gerri twararonse ubutumire bwo kwitaba umugwi ugira 20 w’Ishure ry’i Gileyadi, ivyigwa bikaba vyatanguye muri Nyakanga. Igihe twariko turiga, twari twiteze kurungikwa gukorera mu kindi gihugu. Mushikanje Doris yari yarasohotse umugwi ugira 13 w’Ishure ry’i Gileyadi akaba yariko arakorera muri Brezile. Ese ukuntu twe na Gerri twakangutse igihe twashingwa igikorwa co kugendera amashengero, tukaba twari kuza turagendera amashengero y’abirabure mu bumanuko bwa Leta ya Alabama! Ivyo vyaratuvunye umutima ku rugero runaka, kubera ko twari twamaze kwishiramwo yuko tuzokorera mu kindi gihugu.

Ishengero rya mbere twagendeye ryari i Huntsville. Tugishika, twaragiye ku rugo rwa mushiki wacu dusangiye ukwemera twari gushikiramwo. Igihe twariko turapakurura ibintu vyacu, twaramwumvise ariko aravuga kuri telefone ngo: “Ba bana bashitse.” Twari dufise imyaka 24 gusa tukaba mbere twaboneka ko turi bato kuruta. Iryo zina yadutaziriye ngo Ba bana ryaratugumyeko igihe cose twamaze muri uwo muzunguruko.

Vyarakunda kuvugwa ko akarere ko mu bumanuko ari Akarere ka Bibiliya kubera ko abantu benshi baho baha agaciro Bibiliya. Ku bw’ivyo akenshi twatanguza ibiyago dukoresheje ibi vyiyumviro bitatu:

(1) Amajambo make ajanye n’ukuntu ivyo mw’isi vyifashe.

(2) Umuti Bibiliya itanga.

(3) Ico Bibiliya ivuga ko dutegerezwa gukora.

Twaca dushikiriza igitabu gifasha kwiga Bibiliya kibereye. Kubera ko ubwo buryo bwavamwo ivyiza, narashinzwe ikiganiro kw’Iteraniro ryataziriwe ngo: Abagize ikibano c’isi nshasha ryabereye i New York mu 1953. Kuri iryo teraniro narashikirije umwerekano ujanye n’ubwo buryo bwo gutanguza ikiyago bugizwe n’ivyiyumviro bitatu.

Budakeye na kabiri, mu ci ryo mu 1953, narashinzwe igikorwa co kugendera imizunguruko y’abirabure yo mu bumanuko ndi umucungezi w’intara. Icibare twakoreramwo cari kigizwe n’akarere kose kahera i Virijiniya kagashika i Florida kakagenda gushika mu burengero bwa kure i Alabama n’i Tennessee. Egome, abacungezi b’ingenzi bari bakeneye kuba abantu bahuza n’uko ibintu vyifashe. Nk’akarorero, akenshi twaba mu mazu atarimwo imiringoti y’amazi tukaba twogera muri bene ca kintu bogeramwo kimeze nk’ikibesani caba kiri inyuma y’ishiga ryo mu gikoni. Igishimishije ni uko wasanga aho hantu ari ho hasusurutse kuruta ahandi hose muri ayo mazu!

Ingorane ijanye no kuvangura amoko

Gukorera mu bumanuko vyasaba ko twiyumvira twitonze tukongera tugakoresha ubwenge kugira ngo turonke ivyo dukeneye. Abirabure ntibari bemerewe gukoresha amamesuriro rusangi. Ku bw’ivyo, Gerri yaragendayo maze agasigura yuko izo mpuzu ngo ari iz’umukenyezi yitwa Thompson. Benshi biyumvira ko Gerri yari umukozi wo mu nzu be n’uko uwo mukenyezi Thompson ari inabuja. Igihe abacungezi b’intara bariko barerekana ya sinema ivuga ngo La Société du Monde Nouveau en action, naraterefona ku mangazini maze nkabasaba ngo babikire Umushingantahe Thomson igiteleviziyo kinini. Mu nyuma, naragenda kuri iyo mangazini nkagitora. Twama turi abantu b’urupfasoni kandi muri rusangi twararangura ubusuku bwacu ata ngorane.

Hariho ubundi bwoko bw’amacakubiri, buno bukaba bwari bushingiye ku ntara. Abo mu bumanuko barinuba abo mu buraruko. Ikinyamakuru kimwe co muri ako karere carigeze kuvuga yuko James A. Thompson, Jr. wo mw’ishirahamwe Watchtower Bible and Tract Society ry’i New York yoshikirije insiguro kw’iteraniro rimwe. Bamwe batahuye yuko nakomoka i New York, maze amasezerano twari twagize yo gukoresha ingoro imwe y’ishure aca arafutwa. Naragiye rero kuraba abajejwe iryo shure ndabasigurira yuko nari narize i Chattanooga. Twaciye twemererwa kugira iteraniro ryacu ry’umuzunguruko.

Urwanko rushingiye ku moko rwararushirije gukomera imyaka ya 1950 igeze hagati, kandi vyarashika hagakorwa ibintu biranga ubukazi. Mu 1954, Ivyabona bamwebamwe barashavura igihe ata bashikirizansiguro b’abirabure baba bari kuri porogarama ku mahwaniro atari make. Twararemesha abavukanyi bacu b’abirabure kwihangana. Mu ci ryakurikiye, narahawe insiguro. Inyuma y’aho, abandi bavukanyi b’abirabure bo mu bumanuko barashizwe kuri porogarama.

Mu nyuma, ubukazi bushingiye ku moko bwaragabanutse mu bumanuko, maze buhorobuhoro mu mashengero hagenda harabamwo abirabure n’abazungu. Ivyo vyasaba ko abamamaji bahindurirwa amashengero, amashengero agahindurirwa ivyibare, abavukanyi baja imbere abandi na bo bagahindurirwa amabanga. Abavukanyi bamwebamwe, baba abirabure canke abazungu, ntibashimye iyo ndinganizo nshasha. Ariko rero, benshi muri bo ntibagira nkunzi, nk’uko na Data wa twese wo mw’ijuru atagira nkunzi. Nkako, benshi bari abagenzi somambike naho batari basangiye ibara ry’urukoba. Umuryango wacu wari warashikiwe n’ikintu nk’ico mu myaka ya 1930 n’iya 1940 igihe nari nkiri muto.

Dushingwa ikindi gikorwa

Muri Nzero 1969, twe na Gerri twarasabwe kuja gukorera i Guyana muri Amerika y’Epfo, kandi twaravyemeye tunezerewe. Twabanje kuja i Brooklyn muri New York, aho namenyerejwe mu bijanye no guhagarikira igikorwa co kwamamaza i Guyana. Twashitseyo muri Mukakaro 1969. Uravye imyaka 16 twari tumaze mu gikorwa co kugendera amashengero, kuguma ahantu hamwe ryari ihinduka rikomeye. Gerri yamara imisi yiwe nka yose mu busuku bwo mu ndimiro akora igikorwa c’ubumisiyonari, nanje ngakorera ku biro vy’ishami.

Narakora ibikorwa vyose uhereye ku gukata ivyatsi no kwitwararika ibisohokayandikiro amashengero 28 yaba akeneye gushika ku kwandikiranira n’icicaro gikuru c’i Brooklyn. Nakora amasaha 14 kugera kuri 15 buri musi. Twempi twarakora tugatama, mugabo twararyoherwa n’igikorwa cacu. Igihe twashika i Guyana hari abamamaji 950, ubu hakaba hari abarenga 2.500.

Naho twashimishwa n’ikirere caho kimeze neza be n’ivyamwa hamwe n’imboga vyaho biryoshe, icatunezera vy’ukuri kwari uko abantu baho baciye bugufi, abari bashashaye kumenya ukuri kwo muri Bibiliya, bariko bariga ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Akenshi Gerri yarigana Bibiliya n’abantu 20 buri ndwi, kandi benshi mu bo twigishije barateye imbere gushika babatijwe. Bamwe muri bo bahavuye baba abatsimvyi, abakurambere b’ishengero, abandi mbere baritaba Ishure ry’i Gileyadi kugira ngo na bo nyene babe abamisiyonari.

Dushikirwa n’ingorane, canecane izijanye n’amagara

Mu 1983 abavyeyi banje baba muri Leta Zunze Ubumwe bari bakeneye gufashwa. Doris, Gerri na jewe, twaragize akanama k’umuryango. Doris, uwari amaze imyaka 35 ari umumisiyonari muri Brezile, yahisemwo gutaha kugira abitwararike. Yavuze ati: Kubera iki twokwirirwa turakura mu ndimiro abamisiyonari babiri kandi umwe ashobora gukora ico gikorwa? Kuva aho abavyeyi bacu bapfiriye, Doris yagumye i Chattanooga ubu akaba ari umutsimvyi adasanzwe.

Mu 1995, naratowe indwara ya kanseri ku gasaho karimwo uruziruzi rubungabunga imbuto z’umugabo maze biba ngombwa ko nsubira muri Leta Zunze Ubumwe. Twagiye kuba i Goldsboro muri Carolina ya Ruguru, kubera ko hari nko hagati ya Tennessee aho umuryango wanje waba na Pennsylvania aho uwa Gerri waba. Kubera ko ubu iyo kanseri yampaye agahengwe, dusigaye dukorera mw’ishengero rimwe ry’i Goldsboro turi abatsimvyi badasanzwe bafise amagara make.

Ntereje amaso inyuma nkibuka imyaka irenga 65 tumaze mu busuku bw’igihe cose, ndakenguruka vy’ukuri kuba Yehova yaraduhezagiye twe na Gerri kubera ko twagize ivyo duhinduye kugira ngo tumukorere. Ese ukuntu aya majambo ya Dawidi ari ay’ukuri, ayagira ati: “Ku ntahemuka [Yehova a]zokwerekana ko [a]dahemuka”!​—2 Sam. 22:26.

[Amafoto ku rup. 3]

Dawe hamwe n’umuvukanyi Nichols baransigiye akarorero keza

[Amafoto ku rup. 4]

Aha twari kumwe na Gerri, twiteguriye kuja i Gileyadi mu 1952

[Amafoto ku rup. 5]

Tumaze kwitaba Ishure ry’i Gileyadi, twashinzwe igikorwa co kugendera amashengero mu bumanuko

[Ifoto ku rup. 6]

Aha hari mu 1966 abacungezi b’ingenzi be n’abakenyezi babo bariko baritegurira ihwaniro ry’intara ry’abazungu n’abirabure

[Ifoto ku rup. 7]

Umurimo w’ubumisiyonari twaranguriye i Guyana wari uteye umunezero

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika