ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/2 rup. 31-32
  • “Ikintu c’intibagirwa” caje hageze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ikintu c’intibagirwa” caje hageze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/2 rup. 31-32

Ivyo mu bushinguro bwacu

“Ikintu c’intibagirwa” caje hageze

“IKINTU C’INTIBAGIRWA!” Ukwo ni ko abantu benshi badondoye rwa “Rukurikirane rw’ivy’irema.” Urwo rukurikirane rwaje hageze kandi abarurorereye ntibigeze barwibagira. Nkako, rwaratumye Yehova ashemezwa bimwe bikomeye imbere gato y’uko intwaro ya Hitler itangura guhama bimwe bikaze abasavyi ba Yehova b’i Buraya. Ariko none urwo “Rukurikirane rw’ivy’irema” rwari iki?

Igitabu Schöpfung [Schöp-fung] (Irema) ni co izina rya rwa rukurikirane rushasha ryari rishingiyeko

Mu 1914, icicaro gikuru c’abasavyi ba Yehova i Brooklyn muri New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, carasohoye “Urukurikirane rw’amafoto yerekana ivy’irema.” Yari isenema yamara amasaha umunani yarimwo n’amafoto, amabara be n’amajwi. Urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwarabwe n’abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi. Mu 1914 harasohowe kandi incamake y’urwo rukurikirane yitwa “Eurêka-Drame.” Mugabo mu myaka ya 1920, amafoto be n’amasanamu vy’iyo senema hamwe n’ivyuma vyayerekana vyari vyarashaje cane. Yamara, abantu benshi baripfuza kwongera kurorera urwo “Rukurikirane rw’amafoto.” Nk’akarorero, ababa i Ludwigsburg mu Budagi, babajije bati: “Rwa ‘Rukurikirane rw’amafoto’ ruzosubira kwerekanwa ryari?” None hari gukorwa iki?

Kugira ngo bashobore kwongera kwerekana urwo rukurikirane, mu myaka ya 1920 abaja imbere abandi mu muryango wa Beteli w’i Magdeburg mu Budagi, baraguze amasanamu y’isenema mw’ishirahamwe rimwe ryari rijejwe kumenyesha amakuru ry’i Paris mu Bufaransa, be n’amafoto mu mashirahamwe akora ivy’ugucapura amashusho i Leipzig n’i Dresden. Ivyo vyarashizwe hamwe n’amafoto amwamwe yari agikomeye yo muri rwa “Rukurikirane rw’amafoto.”

Umuvukanyi Erich Frost, akaba yari umucuraranzi w’umuhanga, yaratunganije umuziki wo guherekeza ayo masanamu n’ayo mafoto. Amajambo amwamwe abiherekeza yari yakuwe mu gitabu Création. Ni co catumye urwo “Rukurikirane rw’amafoto” rwari rwasubiwemwo ruhabwa irindi zina, ari ryo “Urukurikirane rw’ivy’irema.”

Urwo rukurikirane rushasha rwamara umwanya ungana n’uwo rwa Rukurikirane rw’amafoto rwamara, ni ukuvuga amasaha umunani, rukaba rwerekanwa mu bice bitandukanye ku migoroba ikurikirana. Rwashikiriza ibintu vy’ido n’ido bikora ku mutima bijanye n’imisi y’irema, rugaca irya n’ino inkuru ya kahise ivugwa muri Bibiliya n’iyivugwa ahandi rukongera rukerekana ko idini ry’ikinyoma ata co ryamariye abantu. Urwo “Rukurikirane rw’ivy’irema” rwarerekanywe muri Otrishe, mu Budagi, i Luxemburg, mu Buswise no mu bantu bavuga ikidagi baba mu yindi mihingo.

Erich Frost n’amanota ya wa muziki wiwe waherekeza rwa “Rukurikirane rw’ivy’irema”

Erich Frost yasiguye ati: “Igihe twaba turiko turerekana urwo rukurikirane, nararemesha bagenzanje, na canecane abari mu mugwi wo gucuraranga, gukoresha akanya k’akaruhuko mu kugenda umurongo ku wundi baha abari ng’aho ibitabu n’udutabu vyacu vyiza cane. Muri ubwo buryo twaratanga ibisohokayandikiro biruta ivyo twashobora gutanga inzu ku nzu.” Johannes Rauthe, uwahagarikira ivyo kwerekana urwo rukurikirane muri Polonye no muri Repubulika y’Abaceke yo muri iki gihe, aribuka yuko abantu benshi baza kururaba basiga aderese zabo kugira bazogenderwe. Izo aderese zaratuma hagirwa amasubirayo ari n’ico avamwo.

Mu myaka ya 1930, urwo “Rukurikirane rw’ivy’irema” rwaratuma abantu bakubita bakuzura mu bibanza rwerekanirwamwo, kandi nta yindi nkuru yavugwa mu gisagara atari Ivyabona vya Yehova. Mu 1933, abantu nk’umuliyoni ni bo bari bamaze kurorera amasenema y’urwo rukurikirane yahagarikirwa n’ibiro vyacu vy’ishami vyo mu Budagi. Uwitwa Käthe Krauss avuga ati: “Kugira gusa turorere urwo Rukurikirane, ku musi umwumwe wose mu misi itanu rwerekanwa, twaragenda n’amaguru ibilometero 10 udashizemwo kugaruka, duca mu mashamba, tuduga twongera tumanuka imirambi kandi tugaca mu mibande.” Else Billharz avuga ati: “Urwo ‘Rukurikirane rw’ivy’irema’ rwaratumye nkunda ukuri.”

Alfred Almendinger yigana ko igihe nyina wiwe yarorera urwo rukurikirane, “yaryohewe cane ku buryo agura Bibiliya maze akarondera ijambo ‘ipurugatori.’” Kubera ko ata ryo yabonye muri Bibiliya, yaciye ahagarika ivyo kuja mu misa maze arabatizwa. Erich Frost yavuze ivyo yibuka ati: “Abantu benshi cane baraje mu kuri biciye kuri urwo ‘Rukurikirane rw’ivy’irema.’”—3 Yoh. 1-3.

Mu gihe nyene abantu barushiriza kurorera urwo “Rukurikirane rw’ivy’irema,” umugambwe w’Abanazi wariko urarushiriza gushigikirwa i Buraya wongera uteza imivurungano. Mu ntango z’umwaka wa 1933, ibikorwa vy’Ivyabona mu Budagi vyarabujijwe. Kuva ico gihe gushika intambara ya kabiri y’isi yose irangiye mu 1945, abasavyi ba Yehova b’i Buraya barashikiwe n’uruhamo rukomeye. Erich Frost yamaze nk’imyaka umunani mw’ibohero. Mugabo yararokotse maze mu nyuma akorera kuri Beteli y’i Wiesbaden mu Budagi. Ese ukuntu vyabaye vyiza kuba urwo “Rukurikirane rw’ivy’irema” rw’intibagirwa rwaje hageze kugira rukomeze umutima rugabo w’abakirisu benshi cane bagira bashikirwe n’ibintu bigerageza ukwizera mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose!—Vyakuwe mu bushinguro bwacu bwo mu Budagi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika