Yari uwo mu muryango wa Kayifa
Ifoto iri inyuma: Aho mwene ayo masandugu yashingurwa
Rimwe na rimwe ikintu cubuwe mu bijanye n’ubucukuzi kiremeza mu buryo budomako canke bukikiriza yuko umuntu kanaka avugwa muri Bibiliya yabayeho. Nk’akarorero mu 2011, incabwenge z’Abisirayeli zarasohoye amakuru ajanye n’ikintu cubuwe kibigira. Ico kintu ni imva imaze imyaka 2.000, ikaba ari isandugu ikozwe mu mabuye yeragurika isharije yashizwemwo amagufa y’umuntu yapfuye igihe umubiri wiwe wari umaze kubora.
Iyo sandugu iriko ivyandiko bigira biti: “Miriyamu umukobwa wa Yeshuwa mwene Kayifa, umuherezi wa Mayaziya w’i Beti Imuri.” Wa muherezi mukuru w’Umuyuda yagize uruhara mw’isambishwa no mw’iyicwa rya Yezu yari Kayifa. (Yoh. 11:48-50) Umuhinga mu vya kahise yitwa Flavius Josèphe avuga yuko uwo muherezi ari “Yozefu, uwitwa Kayifa.” Biboneka ko iyo sandugu yari iy’umwe mu ncuti ziwe. Kubera ko ivyandiko biri kw’isandugu yubuwe imbere y’aho vyiyumvirwa ko yari iy’uwo muherezi mukuru ubwiwe bimwita “Yehosef bar Caiapha,” ni ukuvuga Yozefu mwene Kayifa,a Miriyamu yari afitaniye ubucuti bunaka na Kayifa.
Nk’uko amakuru yatanzwe n’ishirahamwe rimwe (Israel Antiquities Authority) avyerekana, isandugu ya Miriyamu yafatanywe ibisuma vyari vyarasahuye imva imwe ya kera. Umwihwezo wagizwe kuri iyo sandugu no ku vyandiko biri kuri yo uremeza ko ari rwiwe koko.
Iyo sandugu iratubwira kandi ikintu gishasha. Iravuga umuce wa Mayaziya, ukaba wari uwa nyuma muri ya mice 24 y’abaherezi yaza irakurakuranwa mu gusukurira ku rusengero i Yeruzalemu. (1 Ngo. 24:18) Nk’uko rya shirahamwe ribivuga, ivyandiko biri kuri iyo sandugu bihishura yuko “umuryango wa ba Kayifa wari ufitaniye ubucuti n’umuce wa Mayaziya.”
Ivyo vyandiko biravuga kandi ibijanye na Beti Imuri. Ico gice c’ivyo vyandiko gishobora guhabwa insiguro zibiri. Rya shirahamwe rivuga riti: “Iya mbere ishoboka ni iy’uko Beti Imuri ari izina ry’umuryango w’abaherezi, ni ukuvuga bene Imeri (Ezr. 2:36-37; Neh. 7:39-42), mu babakomokako hakaba harimwo abo mu muce wa Mayaziya. Iya kabiri ishoboka ni [iy’uko Beti Imuri ari] ikibanza c’amamuko c’uwo muhisi canke c’umuryango wiwe wose.” Uko vyoba biri kwose, isandugu ya Miriyamu iratanga ikimenyamenya c’uko Bibiliya ivuga ibijanye n’abantu babayeho koko bakomoka mu miryango yabayeho koko.
a Ku bijanye n’isandugu ya Kayifa, raba ikiganiro kivuga ngo “Wa muherezi mukuru yacira Yezu urwo gupfa,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Nzero 2006, urupapuro rwa 10-13.