ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/12 rup. 3
  • Kubera iki wotahura Bibiliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki wotahura Bibiliya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ni igitabu dukwiye gutahura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Gufasha abataragera kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/12 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA GUTAHURA BIBILIYA

Kubera iki wotahura Bibiliya?

“Bibiliya ni igitabu c’Imana kizwi cane. Ariko abashinwa benshi ntayo bazi kandi babona ko itagira akamaro.”​—LIN WO MU BUSHINWA.

“N’ibitabu vyeranda vyo mw’idini ryanje ry’abahindu sindabitahura, none notahura gute Bibiliya?”​—AMIT WO MU BUHINDI.

“Ndemera ko Bibiliya ari igitabu ca kera kandi narumvise ko igurwa cane. Ariko sindigera ndayikubita ijisho.”​—YUMIKO WO MU BUYAPANI.

Hirya no hino kw’isi, abantu benshi barubaha Bibiliya. Yamara bashobora kuba bazi bike, canke mbere ata na kimwe bazi ku biri muri yo. Ivyo ni ko biri ku bantu amamiliyoni baba muri Aziya. Ariko kandi, ukwo nyene ni ko bimeze ku bantu benshi baba mu bihugu usanga Bibiliya zikwiragiye.

Umugore ariko arasoma Bibiliya

Ariko rero ushobora kwibaza uti: ‘Kubera iki nkwiye gutahura Bibiliya?’ Gutahura ibiri muri ico gitabu ceranda birashobora kugufasha:

  • Kugira agahimbare

  • Gutorera umuti ingorane zo mu muryango

  • Kwirinda kurengerwa n’amaganya

  • Kubana neza n’abandi

  • Gukoresha neza amahera

Nk’akarorero, raba ivyashikiye Yoshiko wo mu Buyapani. Yaribaza ivyo Bibiliya ivuga maze afata ingingo yo kuyisomera. None havuyemwo iki? Avuga ati: “Bibiliya yaramfashije kugira icizigiro ca kazoza n’ubuzima bufise intumbero. Ubu sincumva ko ata co maze.” Amit, umwe yavugwa mu ntango, yarashimye gutohoza Bibiliya. Avuga ati: “Naratangaye cane. Bibiliya irimwo impanuro zofasha umuntu uwo ari we wese.”

Bibiliya yarafashije cane abantu amamiliyoni. Ubona gute nawe wize ibiri muri yo ukibonera ingene yogufasha?

Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare

Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ingene Bibiliya ishobora kukugirira akamaro, raba agatabu Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Karaboneka no kuri www.pr418.com.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika