ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp18 no. 1 rup. 3
  • Kwisunga Bibiliya vyoba bihuje n’igihe tugezemwo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwisunga Bibiliya vyoba bihuje n’igihe tugezemwo?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Ivyo bijanye
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Igikoresho gifasha cane mu buhinduzi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bibiliya iradufasha gutandukanya iciza n’ikibi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2024
  • Turondere kuyoborwa n’Imana muri vyose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
wp18 no. 1 rup. 3
Umuhinga agendera mu bigendajuru, indege, umunyasiyansi, abagize umuryango, umugabo ariko asoma Bibiliya

Kwisunga Bibiliya vyoba bihuje n’igihe tugezemwo?

HARI ABAVUGA NGO HABE NAMBA. Umudogoteri umwe yavuze ko kwisunga Bibiliya ari nko kwisunga igitabu co mu myaka ya 1920 mu kwigisha shimi. Uwudaha agaciro Bibiliya yoshobora mbere kubona ko kuyisunga ari nko kwisunga agatabu ka orodinateri ya kera kandi yapfuye, igihe ukoresha orodinateri igezweho. Muri make, hari ababona ko Bibiliya yataye igihe bimwe bihebuje.

Wumva none ari nde yokwisunga ico gitabu ca kera mw’isi ya none ikoresha ubuhinga buhanitse? Kanatsinda kuri internet hari imbuga zidaharurika zitanga buri kanya umukimba w’impanuro n’ubuyobozi. Ibiganiro vyo ku mateleviziyo usanga birimwo isinzi ry’abahinga be n’abanditsi batanga impanuro mu vy’inyifato no mu vy’ubuzima. Vyongeye, abadandaza ibitabu baragurisha isegenya ry’ibitabu birimwo impanuro, bagaca bironkera agafyo k’amahera.

Kuki twokwisunga ico gitabu Bibiliya haheze imyaka hafi 2.000 canditswe, mu gihe hari ayo makuru yose agezweho? Ubwo ntiwosanga abatemera Bibiliya bavuga vyo mu gusigura ko kwisunga ubuyobozi bwo muri ico gitabu ca kera ari nko kwisunga igitabu ca kera mu vya shimi canke ivya orodinateri? Mu bisanzwe, kwiyumvira gutyo ni ukwihenda cane. Uti gute? Siyansi n’ubuhinga biguma bihindagurika. Ariko none ibintu nyamukuru umuntu akenera vyoba vyarahindutse? Abantu baracakeneye kumenya intumbero y’ubuzima, kubaho bahimbawe kandi batekaniwe, kwumvikana n’abagize umuryango no kuronka abagenzi beza.

Naho Bibiliya ari igitabu ca kera, iravuga ibijanye n’ivyo bintu dukenera be n’ibindi. Ikindi na co, ivuga ko yahumetswe n’Umuremyi wacu. Iratuyobora mu mice yose y’ubuzima, ikadufasha mu ngorane zose zidushikira. (2 Timoteyo 3:16, 17) Vyongeye, itanga impanuro zama ari ngirakamaro, zitigera zita igihe. Bibiliya ubwayo ivuga ko “ijambo ry’Imana ari rizima.”​—Abaheburayo 4:12.

Ivyo Bibiliya ivuga vyoba ari vyo koko? Yoba yarataye igihe, canke ni co gitabu gihuje n’igihe kandi ngirakamaro kuruta ibindi vyose? Intumbero y’iyi nomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi mu rukurikirane rw’inomero zidasanzwe, ni ukugufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika