ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/08 rup. 8
  • Uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotegura uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Biri mw’Ironderero (Index)
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 12/08 rup. 8

Uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago

1 Igihe tuba turi mu gikorwa c’inzu ku nzu, ubwacu twama duhangana n’iki kibazo: “Mbega nza guhera ku ki?” Abamamaji bazi utuntu n’utundi, bano bakaba bashika ku bintu vyiza mu murimo wo mu ndimiro, baratanga inama ngirakamaro zitari nke. None zimwezimwe muri izo ni izihe?

2 Ubwa mbere, birahambaye ko twitwararika bimwe bivuye ku mutima abantu tuganira na bo. Mwene ukwo kwitwararika umuntu ku giti ciwe biragaragarira mu vyo tuvuga no mu vyo dukora. Birahambaye ko twitwararika ukuntu umunyamuhana abona ibintu. Numubaze ibibazo bibereye, maze uce wumviriza witonze inyishu atanga. Uko bishoboka kwose, dutegerezwa gufasha umunyamuhana akabona ukuntu we ubwiwe ashobora kwungukira ku kurimbura iciyumviro tuba turiko turaganirako.

3 Niwitwararike ukuntu babona ibintu: Igihe Yezu yariko arabwira inkuru nziza wa Musamariyakazi kw’iriba ryari hafi y’igisagara citwa Sikara, bimwebimwe mu bintu yavuze vyabaye bishasha kuri uwo mugore. Ntivyari bihuye n’ivyo yiyumvira canke n’uburyo yasenga. Yezu yarumvirije yitonze, maze hageze ko yishura, aritwararika ivyo uwo mugore yavuze. Yaripfuza kumufasha. (Yoh. 4:13, 14, 19-26) Twoba twihatira gukurikiza akarorero ka Yezu muri uwo muce mu gikorwa co kwamamaza?

4 Nimba abantu bo mu cibare ukoreramwo baciye bakubwira ngo “Ndifitiye idini ryanje” igihe uvuze amajambo yo gutanguza ikiyago, woca ukora iki? Umwanditsi wa Bibiliya yavuze ati: “Umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura.” (Imig. 15:28) Ivyo woba ubigira? Woba umaze kurimbura amayagwa ari ku rupapuro rwa 10-11 mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya ufise mu muzirikanyi ingingo ngenderwako iri muri ico canditswe? Woshobora kandi gukorana n’abamamaji bavyifatamwo neza mu murimo wo mu ndimiro kugira ngo wige ukuntu amajambo yawe yo gutanguza ibiyago yorushiriza kuba ngirakamaro.

5 Mu turere aho abantu benshi bakoresha amajambo yo guhagarika ikiyago bavuga yuko bifitiye idini ryabo, woshobora gusanga ari ngirakamaro witeguriye imbere y’igihe ayo majambo yabo maze ukaba ari wewe utangura kuvyura ivy’ico kibazo. Nk’akarorero, umaze kuramutsa umuntu, woshobora kuvuga uti: “Woba wifitiye idini ryawe? [Nutege amatwi ivyo yishura.] Niyumviriye ko woba urifise kubera yuko abantu benshi bo muri aka karere bari mu madini. Ariko rero, igitumye ndakugendera muri kino gitondo ni . . . ” Nuce ubandanya n’iciyumviro ushaka ko muganirako.

6 Nimba abanyamihana benshi bavuze ngo “Nta mwanya mfise,” woshobora gucagura iciyumviro kimwe canke birenga mu bishikirizwa ku rupapuro rwa 11-12 mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya maze ukabihuza n’ibikenewe mu cibare cawe. Uburyo butandukanye bwo kurobeka ivyo vyiyumviro bwoshobora gukoreshwa mu kwitegurira imbere y’igihe amajambo yo guhagarika ibiyago akunze gukoreshwa.

7 Gukoresha amajambo yo gutanguza ibiyago avuye mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya: Benshi biriko birabagendera neza mu gukoresha amajambo yo gutanguza ibiyago ari ku rupapuro rwa 2-7 muri ako gatabu. Urabona yuko ayo majambo yerekana ivyiyumviro muri rusangi biraje ishinga abantu, nk’ibijanye n’ibintu biba muri kino gihe, umutekano, akazi, uburaro, ubuzima bwo mu rugo be na kazoza. Ariko rero, urabona kandi ko ayo majambo yo gutanguza ibiyago yatanzwe mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya atuma umunyamuhana aserura iryo agona. Aramufasha kubona ko ico ciyumviro gishikirijwe gihambaye be n’uko kigira ico gikoze kuri we ubwiwe. Gukoresha mu buryo ngirakamaro ayo majambo yo gutanguza ibiyago vyoshobora gutuma abanyamihana badakoresha amwamwe mu majambo amenyerewe yo guhagarika ibiyago.

8 Nuzirikane witonze ku majambo yo gutanguza ibiyago wiyumvira yuko azoba ngirakamaro gusumba ayandi mu cibare cawe. Niwige gukoresha amajambo yo gutanguza ibiyago ari mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya. Niwungukire ku vyo abandi bamamaji biboneye. Nusenge Yehova umusaba ko yohezagira utwigoro twawe. Niwagira utwigoro bimwe biboneka kandi Yehova akaguhezagira, vyoshoboka ko abantu benshi kuruta bo mu cibare cawe bazokwakira neza inkuru nziza y’ubukiriro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika