Ingene twotegura uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago
1. Uburyo bwiza bwo gutanguza ikiyago bufise akamaro akahe?
1 Nka kurya nyene umuntu ashobora gutangura gufungura udufungurwa tworoshe kugira bitume agirira akayabagu ibifungurwa agira yihereze, ni ko uburyo bwiza bwo gutanguza ikiyago bucira inzira ikiyago ciza gishingiye ku Vyanditswe. Uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago burashobora gutandukana bivanye n’ingene bureha be n’ibibugize, ariko nka kurya nyene bigenda mu gutegura ibifungurwa binovera, vyama bisaba ko umuntu yiyumvira imbere y’igihe ubwo buryo kandi akabutegura. (Imig. 15:28) Ni igiki gituma uburyo bwo gutanguza ikiyago buba ngirakamaro?
2. Twotegura gute uburyo bwo gutanguza ikiyago bushimisha abantu?
2 Nuhitemwo ibiganiro bishimisha abantu: Uburyo dukoresha mu gutanguza ikiyago bukwiye kuba bushimisha uwo tuganira, atari ukwo yoca ahagarika ikiyago. Ku bw’ivyo, igihe uriko uritegura, niwiyumvire ibintu vyoshimisha abantu bo mu karere iwanyu. Abantu bo mu kibano boba bakunda kuyaga ibijanye n’intwaro nziza, ubuzima bwo mu muryango buhimbaye canke ivy’uko intambara irangira? Abantu muri rusangi barakunda gushikiriza ivyiyumviro vyabo, rero nutegure ikibazo gituma umuntu azirikana. Woba woshobora gukoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago bwo mu Gikorwa dukorera Ubwami maze ukabuhuza n’uko ibintu vyifashe mu cibare cawe? Mubona gute mu Gusenga kwo mu muryango mugiye murimenyereza uburyo bumwebumwe bwo gutanguza ibiyago?
3. Dushobora gute guhuza uburyo dukoresha mu gutanguza ikiyago n’imico y’abantu bo mu cibare cacu be n’ukwemera kwabo?
3 Nurimbure imico yabo be n’ukwemera kwabo: Mu mihingo imwimwe, vyitezwe ko duca tuvuga ikitugenza. Mu yindi na ho, bibonwa ko ari ukubura urupfasoni igihe umushitsi atabanje kubaza umunyamuhana amakuru yiwe kumbure na we akamubwira ayiwe. Mu turere tumwetumwe, kubera idini abantu baba barimwo, turashobora kwerekeza kuri Bibiliya ata kwitinya igihe dutanguza ikiyago. (Ivyak. 2:14-17) Yamara, ahantu usanga abantu baho batari mw’idini rya gikirisu, canke ata dini na rimwe barimwo, vyoshobora kuba vyiza kuruta twerekeje kuri Bibiliya igihe dusubiye kubagendera, aho kuyerekezako tukibonana.—Ivyak. 17:22-31.
4. Dukwiye kwitwararika iki mu majambo y’intango dukoresha mu gutanguza ikiyago?
4 Amajambo y’intango: Nutegure amajambo y’intango witonze. Akenshi usanga amungane magufi kandi asanzwe ari meza cane. Uburyo tuvuga amajambo y’intango na bwo nyene burahambaye. Nugire igishika. Numwenyure ubikuye ku mutima kandi kigenzi mu buryo bwereka umunyamuhana ko umwitwararitse. Gukurikiza ivyo vyiyumviro bizodufasha gutegura uburyo bwo gutanguza ibiyago buremesha abantu bo mu cibare cacu gufungurira ku “meza ya Yehova.”—1 Kor. 10:21.