Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 9 Kigarama
INDWI ITANGURA KU WA 9 KIGARAMA
Ururirimbo rwa 84 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
jl icigwa 17-19 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: 1 Yohani 1-5; 2 Yohani 1-13; 3 Yohani 1-14–Yuda 1-25 (Imin. 10)
No. 1: 1 Yohani 5:1-21 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Yezu Kristu akwiye kwibukwa gute?—Luka 1:32, 33; Yoh. 17:3 (Imin. 5)
No. 3: Vyoba ari bibi kwiyamiriza inyigisho z’ikinyoma?—td 9B (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 15: Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ryo mu 2014. Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’ishure. Ukoresheje ibikurikizwa biri ku rutonde rw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rwo mu 2014, nuce irya n’ino ivyiyumviro bikeneye gushimikwako aho iwanyu. Nusigure ko igihe igisomwa ca Bibiliya c’umushamvu kizoba gitangurana n’ikigabane gitangurira igitabu ca Bibiliya, umuvukanyi azoba ashinzwe gushikiriza ibikurubikuru atazosubira guca irya n’ino amayagwa yo mu biganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bivuga ngo “Ijambo rya Yehova ni rizima.” Vyongeye, igihe ikiganiro No. 2 cerekezwa ku ngingo zo mu gitabu Urwaruka ruribaza, ingingo gusa usanga umurongo wa mbere wasigiwe umwanya ku mubari w’ibubamfu ni zo zoharurwa. Nuremeshe bose gukorana umwete mu gushikiriza ibiganiro bashinzwe, mu kugira uruhara mu vyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya no mu gushira mu ngiro inama zitangwa ku ndwi ku ndwi zivuye mu gitabu Ishure ry’Ubusuku.
Imin. 15: “Ingene twotegura uburyo ngirakamaro bwo gutanguza ibiyago.” Ibibazo n’inyishu. Nimugire imyerekano ibiri, uwa mbere werekane uburyo butari ngirakamaro bwo gushikiriza igitabu Ivyo Bibiliya yigisha, uwa kabiri na wo werekane uburyo ngirakamaro bwo kugishikiriza.
Ururirimbo rwa 60 n’isengesho