ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/99 rup. 8
  • Uburyo bwo Kwagura Igikenurwa Cawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo bwo Kwagura Igikenurwa Cawe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Ingene wokwagura umurimo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Woba Ushaka Gukora Vyinshi?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Kumenyereza abasuku b’Ubwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 5/99 rup. 8

Uburyo bwo Kwagura Igikenurwa Cawe

1 Haraciye imyaka irenga 40, ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Woba Uriko Ukora Uko Ushoboye Kwose?” gisohotse mu Munara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 15 Nzero 1955. Carerekanye mu buryo buranga urukundo ukuntu bishoboka ko umwe wese mu basavyi ba Yehova yokwongereza utwigoro mu gikenurwa kugira ngo bashobore kwongereza umurimo barangura w’ivy’Ubwami. Iyo mpanuro nziza irakora no muri iki gihe, uko tubandanya gukora uko dushoboye mbere tukanarushiriza.

2 Umurimo wacu wose dukwiye kuwurangura tubitumwe n’iri bwirizwa rihambaye kuruta: “Mukundishe [Yehova] Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’ubgenge bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.” (Mrk. 12:30) Tugaragaza urukundo rudahaze dukunda Yehova mu gukoresha bimwe vyuzuye uturyo dufise kugira ngo duteze imbere igikorwa ciwe c’Ubwami. Rimbura uburyo bukurikira ushobora kwaguramwo igikenurwa cawe.

3 Nurangure Ibanga Ryawe: Abavukanyi biyeguriye Imana barashobora kwihata gushitsa ibisabwa kugira ngo babe abakozi b’ishengero maze rero bagatera imbere bagashika ku kuba abakurambere. Ibiganiro bivuga ngo “Woba Wipfuza Gushingwa Amabanga?” na “Ivy’Ukurangūra Amabanga Woba Ubishoboye?” biri mu Munara w’Inderetsi wo muri 1 Nyakanga 1990, vyaravyuriye abavukanyi benshi umutima wo kwemera kurangura amabanga mw’ishengero. Nusabe abakurambere b’aho iwanyu bakugire inama zitomoye z’ukuntu worondera gushikira ayo mabanga no gukwiza ibisabwa.

4 Abakurambere n’abakozi b’ishengero b’abasiribateri baratewe akamo ko kwiyumvira bitonze ivyerekeye ivy’ugusaba kwitaba rya Shure Rimenyereza Abakenuzi. Urashobora kumenya ivy’iryo shure mu gusoma amarabiro ari munsi y’umutwe uvuga ngo “École de formation ministérielle” muri Index des Publications de la Société Watch Tower yo mu 1986-1995, 1996, n’iyo mu 1997. Woba ubona ko “urugi runini ruja mu bikorwa” rwuguruwe imbere yawe? (1 Kor. 16:9a) Abavukanyi benshi batagishije ako karyo ntibari bwigere biyumvira uduteka twose tw’umurimo tubarindiriye. Muri iki gihe barafise umunezero wo gukora kuri Beteli canke mu ndimiro ari abatsimvyi b’imenamushike, abamisiyonari canke abacungezi b’imizunguruko—bagakorera muri iki gihugu hamwe n’ahandi hantu.

5 Nurondere Gukora Umurimo w’Igihe Cose: Abakiri bato barangije amashure yisumbuye, ba inarugo, hamwe n’uwo wese amaze gukukuruka bakwiye kurimbura bitonze ivy’ugukora ubutsimvyi. Nusubiremwo inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1998, maze uganire n’abatsimvyi usanga uko ivyabo vyifashe vyari bimeze nk’uko vyifashe mu buzima bwawe. Hari aho vyotuma wagura igikenurwa cawe mu gukora ubutsimvyi, nk’uko bariko barabigira. (1 Kor. 11:1) Vyoba bishoboka ko wagura umurimo urangura ugashikana ku masaha 70 ku kwezi, gutyo ukaba umutsimvyi w’intahorereza?

6 Abavukanyi n’abavukanyikazi barenga 17 000 ubu barakorera mu mabiro y’amashami hamwe no mu mazu ya Beteli hirya no hino kw’isi. Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Nyakanga 1995 kiravuga ibisabwa kugira ngo umuntu asabe gukora uwo murimo. Ni kuki none utosoma iyo nyongera ukaraba ko utari uwushobora gukwiza ibisabwa ngo uterwe ako gateka ntangere ko gukora kuri Beteli?

7 Nukorere Ahakeneye Imfashanyo Kuruta Ahandi: Woba uba ahantu akarere gaheturwa kenshi cane canke ahantu hari abavukanyi benshi bafashanya uwo mutwaro? Woba waribajije ivyerekeye kwagura igikenurwa cawe mu kwimukira ahantu hakeneye imfashanyo kuruta ahandi? Kumbure ushobora kwimukira mu karere ko mu gihugu hagati kari mu micungararo, aho usanga abakozi benshi bakenewe. (Mat. 9:37, 38) Ivyo ntibikwiye kugirwa igihutihuti. Bisaba ko birimburwa mw’isengesho. (Luka 14:28-30) Nuganire uko ivyawe vyifashe n’abakurambere hamwe n’umucungezi w’umuzunguruko. Muzorabira hamwe niba vyoba biranga ubukerebutsi kwimukira aho hantu ico gihe canke ko wovyitegurira muri kazoza. Niba wipfuza kwandikira Ishirahamwe kugira ngo rikugire inama ry’ahantu ushobora kwimukira, ikete rishizweko umukono na Komite y’Umurimo y’Ishengero ukukira rikwiye kurungikanwa n’iryo kete ryawe.

8 Nutume Umurimo Wawe Urushiriza Kuba Mwiza: Nta mazinda ko dushobora kugira uruhara mu buryo bwuzuye mu gikenurwa mu gutuma umurimo wacu wo mu ndimiro urushiriza kuba mwiza. Woba uhora ukora imice yose y’igikorwa, harimwo ugushinga intahe inzu ku nzu be n’igihe akaryo kizanye, tutibagiye ugusubira kugendera abashimishijwe be n’igikorwa c’ukurongora inyigisho za Bibiliya? Niba urongora inyigisho, woba ushobora kuryohora ubuhinga bwawe bwo kwigisha? Vyoba vyiza usubiyemwo inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1996 kugira ngo ukuremwo inama ushobora gukoresha kugira ngo uvyurire abigishwa bawe umutima wo kwiyegurira Imana no kubatizwa.

9 Ikiganiro kirimwo vyinshi kuruta c’uburyo bwo kwagura no kuryohora igikenurwa cacu tugisanga mu kigabane c’9 mu gitabu Tumefanywa Tengenezo Tutimize Huduma Yetu. Nta mazinda, twese dukwiye kwipfuza gukora vyinshi bishoboka mu murimo w’Imana. Ni kuki none utokwiyumvira witonze imigambi yawe yo mu vy’impwemu? Nugire nk’uko 1 Timoteyo 4:15 hadusaba kubigira. Havuga hati: “Ivyo ubishirek’umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika