ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/99 rup. 5-6
  • Isubiramwo ry’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isubiramwo ry’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 8/99 rup. 5-6

Isubiramwo ry’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi

Isubiramwo rigirwa ibitabu bizinze ry’amayagwa yihwejwe mw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, yo ku mushamvu wo ku wa 3 Rusama gushika ku wo ku wa 23 Myandagaro 1999. Korera ku rundi rukaratasi mu kwishura ibibazo vyinshi ushoboye mu mwanya watanzwe.

[Ibimenyeshejwe: Mu gihe c’iryo subiramwo, niwifashishe Bibiliya yonyene. Amarabiro yatanzwe inyuma y’ikibazo kimwe cose agenewe kworohereza ubushakashatsi wewe wigirira. Ibitigiri biranga urupapuro n’ingingo ntivyama birerekanwa ku marabiro arungika ku Munara w’Inderetsi.]

Ishura Ni Vyo canke Si Vyo ku bivuzwe bikurikira:

1. Si ngombwa ngo abavyeyi barenge ku ngingo za Bibiliya kugira ngo borohereze abana babo. [fy-SW rup. 108 ing. 14]

2. Umutwe mukuru wa Bibiliya yose ni ukugaragara kwa Yehova biciye ku Bwami buganzwa na rwa “rubuto” (NW) rwasezeranwa. (Ita. 3:15) [si-SW rup. 17 ing. 30]

3. Hari ivyacukuwe hamwe n’ibindi bimenyamenya bike vyibonekeza vyemeza ko ivyabaye vyanditswe muri Kuvayo ari ivy’ukuri. [si-SW rup. 20 ing. 4]

4. Abari mu bukene buhebuje ntibashoboye guterera amahera yo guteza imbere ivyungura Ubwami. [w97-F 15/9 rup. 5 ing. 8]

5. Guha abavyeyi, ba sogokuru na ba nyogokuru inshumbusho bakwiriye biri mu bigize ugusenga Yehova kwacu. (1 Tim. 5:4) [w97-F 1/9 rup. 4 ing. 1-2]

6. Ukwubahiriza Isabato ubwa mbere na mbere cari ikimenyetso cari hagati ya Yehova n’amahanga yose. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba rs-SW rup. 269 ing. 2.]

7. Iyo umwana akuze bihagije ku buryo atangura kwifatira ingingo ziwe bwite, aragira uruhara runini mu kuba ari we abazwa ivyo akora, na canecane ku vyerekeye amategeko y’Imana. (Rom. 14:12) [fy-SW rup. 135 ing. 17]

8. Musa yanditse igitabu c’Abalewi mu mwaka w’1513 B.G.C. [si-SW rup. 25 ing. 3-4]

9. Amajambo Yezu yavuze yanditswe muri Luka 21:20, 21 yarangutse mu 66 G.C. igihe inteko z’Abaroma zirongowe na Jenerali Titus ziyonjorora zikava i Yeruzalemu. [w97-RU 1/4 rup. 5 ing. 3-4]

10. Inyigisho ya Epikuro yashobora gushira mu kaga Abakirisu kubera ko yari ishingiye ku vyiyumviro yari afise biranga ukubura ukwizera, ari vyo bivugwa muri 1 Ab’i Korinto 15:32. [w97-F 1/11 rup. 24 ing. 5]

Ishura ibibazo bikurikira:

11. Ni icigwa ikihe dukura kw’ibwirizwa ryari ryaratanzwe ryabuza kurya ku binure rivugwa mu Balewi 3:17? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w84-F 15/5 rup. 27 ing. 3.]

12. Ni kuki Yehova yaretse Shetani Diyabule akabaho? (Kuv. 9:15) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w-RU 3/92 rup. 15 ing. 14.]

13. Mu gihe umwe mu bagize umuryango arwaye indwara ikomeye, ni intambwe za mbere izihe abagize umuryango bakwiye gutera kugira ngo bashire ibikwiriye mu kibanza ca mbere? (Imig. 15:22) [fy-SW rup. 122 ing. 14]

14. Ni mu buhe buryo ihanga rya Isirayeli ryari “ubwami bw’abaherezi”? (Kuv. 19:6, NW) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-RU 1/7 rup. 23 ing. 8.]

15. Ni itandukaniro irihe riri hagati y’ijisho “riremuruye” n’ijisho “ribi”? (Mat. 6:22, 23, NW) [w97-F 1/10 rup. 26 ing. 5]

16. Vyashobotse bite ngo Dawidi avugwe ko yagendana “umutima w’ukuri kand’utunganye,” kandi yari yarakoze amakosa? (1 Abm. 9:4) [w97-F 1/5 rup. 5 ing. 2]

17. Ni uduteka utuhe two mu gihe ca none tugereranywa n’ukuntu Abisirayeli bakoze ‘kuno nyene’ mu bijanye n’ihema? (Kuv. 39:32) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w96-RU 1/1 rup. 6 ing. 9.]

18. Ivy’uko Yehova yihishuye avuga ngo “Nzogaragara ko ndi ico nzogaragara ko ndi” vyerekana iki? (Kuv. 3:14, NW) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-RU 1/3 rup. 23 ing. 6.]

19. Ni icigwa ikihe dukura mu vyabaye kuri Nadabu na Abihu vyanditswe mu Balewi 10:1, 2? [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w84-F 15/5 rup. 27 ing. 4.]

20. Mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, ni kuki umugore avyaye yaba “ahumanye”? (Lew. 12:2, 5) [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w84-F 15/5 rup. 27 ing. 6.]

Tanga i(ama)jambo canke imvugo (b)ikenewe kugira wuzuze ibivuzwe bikurikira:

21. Naho ata muti wo mu buryo bw’igitangaro uriho wo gukiza ubunyakamwe, umuvyeyi areze abana ari wenyene arashobora kuvyihanganira akoresheje inguvu akuye kuri __________________________, ari na zo umuntu aronka abicishije mu __________________________ guhozako. (1 Tim. 5:5) [fy-SW rup. 112 ing. 21]

22. Amakuba ashikira umuntu mu buzima bwiwe ashobora kuba avuye ku __________________________ canke atumwe n’uko ubwacu __________________________. [w97-F 15/5 rup. 22 ing. 7]

23. Igitabu ca Kuvayo kirahishura yuko Yehova ari we ahambaye mu kuba ______________________ na __________________________ na __________________________ imigambi yiwe y’agahore. [si-SW rup. 24 ing. 26]

24. Uko tumera __________________________ ni kwo ubwa mbere na mbere guhishura ico turi co vy’ukuri, si uko tumera __________________________. [w97-F 15/10 rup. 29 ing. 4]

25. Mu gihe imisi mikuru y’ivy’iyimbura irimwo ibintu vya __________________________ canke __________________________, Abakirisu b’ukuri boshobora kwirinda gushavuza Yehova mu kwanka __________________________ na gatoyi muri mwene ukwo gusenga kwanduye. [w97-F 15/9 rup. 9 ing. 6]

Robanura inyishu y’ukuri muri kimwekimwe mu bivuzwe bikurikira:

26. Ya “myaka amajana ane” y’amakuba yashikiye uruvyaro rwa Aburahamu yatanguye igihe Ishimayeli yatwenga Isaka amucokora mu (1943; 1919; 1913) B.G.C. hanyuma irangirana n’ukurokorwa bakava mu Misiri mu (1543; 1519; 1513) B.G.C. (Ita. 15:13) [si-SW rup. 17 ing. 31]

27. Ugutunganirwa canke ukudatunganirwa kw’umuryango mu vy’ugushira mu buryo ikibazo c’indwara ikomeye ahanini biva ku (mahera; gatima; mahera y’integabizoza) abawugize bafise. (Imig. 17:22) [fy-SW rup. 120 ing. 10]

28. Uwibwira mu mutima wiwe ngo ‘Yehova nta wuriho’ yitwa “igipfu” kubera ko uwo muntu (hari ico ahajije mu bwenge; aba atize; abuze ububasha bwo kuzirikana). (Zab. 14:1) [w97-F 1/10 rup. 6 ing. 8]

29. Igihe Adamu na Eva bagarariza, ikintu gihambaye kuruta batakaje cari (ukuba abatagira agasembwa; ubucuti bari bafitaniye n’Imana; ahantu baba h’ubusitani), ari na co cari gutuma bagira ubuhirwe. [w97-F 15/10 rup. 6 ing. 2]

30. Igitabu ca (Itanguriro; Kuvayo; Abalewi) ni co cerekana kenshi ibisabwa vy’ubweranda kuruta ikindi gitabu cose co muri Bibiliya. [si-SW rup. 26 ing. 9]

Huza ivyanditswe bikurikira n’ibivuzwe bitondetswe aha hepfo:

Kuv. 5:2; Kuv. 21:29; Imig. 1:8; Gal. 5:20; Yak. 1:14, 15

31. Umuntu wese avuga ko ari Umukirisu akabandanya agira ishavu riranga ubukazi ntiyihane, ushizemwo ugukubita abo mu muryango, arashobora gucibwa. [fy-SW rup. 150 ing. 23]

32. Uburyo dukora butangurana n’ukuntu twiyumvira. [fy-SW rup. 148 ing. 18]

33. Yehova Imana aracisha bugufi abo bose bahiga na we mu kwanka kwemera ko ari Imana. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w92-RU 1/12 rup. 18 ing. 18.]

34. Naho Bibiliya ishinga ubwa mbere na mbere serugo ibanga ryo kwigisha abana, nyina w’abana na we nyene arafise uruhara ruhambaye muri ivyo. [fy-SW rup. 133 ing. 12]

35. Ivyagezwe ntivyarekura ngo habe ikigongwe igihe umuntu yishwe bivuye ku rwangara. [Ugusoma Bibiliya kw’umushamvu; raba w95-RU 1/12 rup. 10 ing. 5.]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika