Amatangazo
◼ Ibisohokayo ndikiro vyo gushikiriza muri Nyakanga: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, kandi ibisohokayandikiro bitangwa ku kiguzi kidasanzwe mufise mw’ishengero birashobora gushikirizwa. Gitugutu: Nimusabe abantu kwandikisha abonema y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Aho abantu badakunda kwandikisha abonema, nimuze murabasaba kwakira ivyo binyamakuru. Munyonyo: Ni Ibiki Imana Idusaba? canke Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira. Ibisohokayandikiro bishikirizwa ku kiguzi kidasanzwe na vyo nyene birashobora gushikirizwa abashimishijwe be n’abiga Bibiliya bamaze kuronka igitabu Ubumenyi n’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? Kigarama: Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira kumwe na Traduction du monde nouveau.
◼ Birahambaye yuko imigwi y’abantu 20 canke barenga bategekanya kugendera inyubakwa z’Ishirahamwe babanza kwandikira ibiro vy’ishami. Turabasavye mutumenyeshe uko muzoza mungana, amagenekerezo be n’amasaha muzozirako. Imbere y’urwo rugendo rwanyu, turabasavye kwihweza Inyishu ku Bibazo Vyanyu mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1998.
◼ Igihe uri mu gikenurwa, urashobora guhura n’umuntu w’igipfamatwi. Nimba mu karere kanyu hariho umugwi canke ishengero rikoresha imvugo y’ibimenyetso, mukwiye gukurikiza inyobozo yatanzwe mw’ikete Ishirahamwe ryandikiye amashengero yose ryo ku wa 15 Gitugutu 1998. Risigura riti: “Ya fomu yitwa Please Follow Up (Turagusavye Ubakurikirane) izokoreshwa mu kwandikako abantu boba bari mu karere ishengero ryanyu ryakebewe canke mu kandi karere, bavuga urundi rurimi dushizemwo n’imvugo y’ibimenyetso. Mu bisanzwe ikwiye gukoreshwa ico gikorwa n’igihe nyene uwo muntu aterekana ko ashimishwa n’inkuru y’Ubwami. . . . Umuntu amaze kwuzuza iyo fomu, akwiye guca ayiha umunyamabanga w’ishengero canke akayiterera mu gasandugu kagenewe raporo y’igikorwa co mu ndimiro, ku Ngoro y’Ubwami.” Umwamamaji wese arikanuye kugira ngo agire ico afasha muri ubwo buryo, imigwi ikoresha imvugo y’ibimenyetso izoshobora gukorakoranya urutonde rw’abantu batumva baba mu karere kabo.
◼ Umucungezi muhagarikizi canke uwundi yagenywe na we akwiye gusuzuma ivy’amakonte y’ishengero ku wa 1 Nyakanga canke vuba bishoboka inyuma y’iryo genekerezo. Ivyo nivyamara gukorwa, murabitangariza ishengero raporo y’ivy’amakonte ikurikira ihejeje gusomwa.
◼ Abakurambere baributswa kubandanya gukurikiza ya mabwirizwa yatanzwe mu Munara w’Inderetsi wo muri Ndamukiza 1991 ku rupapuro rwa 19-21, yerekeye uwaciwe canke uwiyonkoye wese ashobora kuba afise agatima ko kugaruka.
◼ Abakukira ishengero rinaka bakwiye kurungika udukaratasi tw’abasavye amabonema canke ukwiyongeza abonema y’Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, tudasize inyuma abonema zabo bwite, biciye kuri iryo shengero bakukira.
◼ Ishirahamwe ntirironsa abantu ibisohokayandikiro basavye umwe wese ukwiwe. Umucungezi muhagarikizi akwiye gutunganya ivy’uko ku kwezi ku kwezi hashikirizwa itangazo imbere y’uko ishengero rirungika kw’Ishirahamwe ya fomu yo ku kwezi yo gusaba ibisohokayandikiro. Ivyo vyogirwa kugira ngo abipfuza bose kuronka ibisohokayandikiro ku giti cabo bashobore kubimenyesha umuvukanyi ajejwe ibisohokayandikiro. Turabasavye ntimwibagire ibisohokayandikiro bisabwa mu buryo budasanzwe ivyo ari vyo.
◼ Ya materaniro y’intara na mpuzamakungu yaba mu 1998 yataziriwe ngo “Inzira y’Ubuzima Ishimwa n’Imana” yabereye abayitavye bose umuhezagiro nyakuri. Mu bari bahari harimwo abamisiyonari n’abubatsi mvamakungu 2 764 bashoboye kugendera ibihugu vyabo vy’amavukiro bivuye ku ntererano amashengero yatanze atitangiriye itama. Gushigikira iyo ntunganyo birashimwa cane. Kubera yuko ayo materaniro yarangiye, amahera asigaye mu bigega yatanzwe ku bw’iyo mvo azokoreshwa mu gushigikira iyamamazwa ry’inkuru nziza rigirwa kw’isi yose.
◼ Ibisohokayandikiro Biboneka:
Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?—mu Congereza
Jehovah—Who Is He? (Itaragiti No. 23)—mu Giswahili
Ni Ibiki Imana Idusaba?—mu Giswahili
The Guidance of God—Our Way to Paradise—mu Congereza
Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous?—mu Congereza