Amakoraniro y’Umurimo Muri Nyakanga
Indwi Itangura ku wa 6 Nyakanga
Ururirimbo rw’190
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami.
Imin. 17: “Woba Uriko Ukorana Umugambi?” Amajambo y’intangamarara ashikirizwe mu gihe kidashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nugire n’ico uvuze ku biri mu gitabu Umurimo Wacu, ku rupapuro 88-89. Nuremeshe bose kurangura igikenurwa cabo banoza kandi bataza barararanya.
Imin. 18: “Bavyeyi—Nimubere Abana Banyu Akarorero Keza.” Amajambo y’intangamarara makeyi ashikirizwa n’umukurambere, abavukanyi babiri b’abavyeyi bagaca bayaga kuri ico kiganiro. Baserure ukuntu barajwe ishinga no kurinda abana babo utugeso tubitubi babona kw’ishure, kuri televiziyo no ku ncuti zabo zitari Ivyabona be no ku bandi. Abo Bavukanyi nibihweze inyifato zitaranga icubahiro, imvugo n’ukwiryohora vyo mw’isi be n’ukwinezereza mu buryo butabereye. Bamaze kuzirikana ku vy’uko ari nkenerwa gutanga akarorero keza, bayage ku buryo bwo kugira igishika cinshi mu nyigisho y’umuryango, mu makoraniro y’ishengero, no mu gikorwa co mu ndimiro.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1999, urupapuro 18-32 na Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nyakanga 1991, urupapuro rw’8-9.
Ururirimbo rw’101 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 13 Nyakanga
Ururirimbo rw’171
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: Mu Mwaka Uheze Twakoze Dute? Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’umurimo. Nimwihweze ibintu bikurubikuru vyo muri Raporo y’umwaka w’umurimo wo mu 1999. Nukeze abavukanyi ku bintu vyiza vyashitsweko. Nudome urutoke ku hantu hakeneye kuryohorwa. Nushimike ku kuntu ishengero ryakoze mu vy’ukwitaba amakoraniro no mu vy’ukurongora inyigisho za Bibiliya. Nuvuge muri make imigambi ngirakimazi mwishingiye ku bw’umwaka uza.
Imin. 20: “Umuhindu Uzomubwira Iki?” Hakoreshwe ibibazo n’inyishu. Nushimike ku karusho ko kurondera ico mwohurizako n’umuntu, uce werekana aho twoshobora guhuriza n’Umuhindu. Niwerekane ukuntu inshikirizo tugiriwe inama yo gukoresha zishobora guhindurwa kugira ngo dushingire intahe abantu bakuriye mu madini anyuranye. Nimugire umwerekano wateguwe neza w’ukuntu mwoshingira icabona Umuhindu. Mu turere tutarimwo Abahindu benshi, nimugire umwerekano w’ukuntu iyo nshikirizo ishobora guhindurwa kugira ngo mushingire intahe abantu bakuriye mw’idini iryo ari ryo ryose. Kugira ngo mumenye ibindi ku vyerekeye idini y’Abahindu, raba inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ntwarante 1998; igitabu Kutoa Sababu, urupapuro rwa 21, 22; be na L’humanité à la recherche de Dieu, ikigabane ca 5.
Ururirimbo rw’140 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 20 Nyakanga
Ururirimbo rw’193
Imin. 12: Amatangazo y’iwanyu n’ivyabonywe mu gikorwa co mu ndimiro.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 18: Nukoreshe Neza ca Gitabu Créateur. Insiguro n’imyerekano. Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 1999 carasiguye yuko igitabu Créateur gishobora gushikirizwa igihe cose duhuye n’abantu (1) batemera Imana canke (2) bemera Imana mugabo batazi uko imeze vy’ukuri na kamere zayo be n’imigambi yayo. Vya bibazo na za nsiguro bituma umuntu azirikana, biri ku ruhande rw’inyuma rw’igipfukisho, birashobora gukabura umuntu agashima kugisoma. Canke urupapuro rw’152 rurashobora gukoreshwa mu buryo kirumara. Umwamamaji ashobora kubaza ati: “Ni hehe dushobora kuronka impanuro nziza kuruta ku kuntu twotorera umuti ingorane z’urusobane turimwo?” Ashobora kwereka uwo muntu ukuntu abantu bakomakomeye bashimagije ya Nsiguro yo ku Musozi ya Yezu, akamusaba guhitamwo imwe muri za ngingo zashimitsweko yoba imushimisha kuruta, maze agaca asoma bikeyi mu vyanditswe vyahavuzwe. Nimugire imyerekano y’izo nama zerekeye ukuntu ico gitabu Créateur coshikirizwa. Remesha bose kwitwaza ico gitabu mu gikorwa co mu ndimiro, babe bagabirije kugishikiriza igihe cose bibereye.
Ururirimbo rw’175 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 27 Nyakanga
Ururirimbo rw’141
Imin. 15: Amatangazo y’iwanyu. Nimwibutse abamamaji batange raporo yabo y’umurimo yo muri Nyakanga. Remesha bose bategekanye ivyo kuzogira uruhara mu buryo bwuzuye mu gikorwa co gutanga ibinyamakuru muri Gitugutu. Nimwihweze inama zimwezimwe zasohotse mu Gikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1996, urupapuro rw’8, zerekeye ukuntu umuntu yotegura inshikirizo. Ukoresheje ibinyamakuru vya vuba, nucishemwo ivyiyumviro nyamukuru bimwebimwe vyiza, ugire n’umwerekano mugufi umwe canke ibiri w’inshikirizo.
Imin. 15: Inyishu ku Bibazo Vyanyu. Insiguro ishikirizwa n’umukurambere.
Imin. 15: “Ugusenga kw’Ukuri Kuriko Kurakwira mu Buraya bwo mu Buseruko.” Umukurambere ayobore ikiringo c’ibibazo n’inyishu. Nimuvuge ibintu vyabaye canke ibintu bigaragaza iyongerekana muri ivyo bihugu vyerekanywe, nk’uko vyaseruwe mu bitabu Annuaires vya vuba.
Ururirimbo rwa 87 n’isengesho ryo gusozera.