Ugusenga kw’Ukuri Kuriko Kurakwira mu Buraya bwo mu Buseruko
1 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete. Baranezerwa igihe amashengero ‘yagenda yunguka igitigiri imisi yose.’ (Ivyak. 16:5) Ukwamamaza inkuru nziza kwabo bashize amanga kwarashikanye ugusenga kw’ukuri muri Aziya, Afirika, n’i Buraya, bituma haba iyimburwa ry’abemera benshi.
2 Muri iki gihe c’iherezo, ugusenga kw’ukuri kurabandanya gukwira mu bihugu vyo mu Buraya bwo mu Buseruko. Mu bihugu twahoze tubujijwe n’intwaro gushika mu ntango z’imyaka y’1990, ubu turiko turongerekana mu buryo butangaje. Igitabu c’umwaka Annuaire 1999 gihishura yuko bibiri muri ivyo bihugu, ni ukuvuga Uburusiya na Ukraine, kimwe cose gitanga raporo y’abamamaji barenga 100 000 bagira uruhara mu gikenurwa kirangurirwa ku mugaragaro. Mu turere 15 tugize ahahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasovyeti, kuva mu 1991 abantu barenga 220 000 bariyeguriye Yehova bongera barabatizwa! Iryo yongerekana ryihuta ryatumye biba ngombwa ko hubakwa Ingoro z’Ubwami nshasha n’Ingoro z’Amateraniro nshasha, n’uko hāgurwa inyubakwa z’amashami zitari nke.
3 Nk’uko vyatangajwe mu Gikorwa Dukorera Ubwami (mu Gifaransa) co muri Myandagaro 1997, igice kimwe c’Ikigega c’Ishirahamwe Kigenewe Ingoro z’Ubwami ubu kiriko gikoreshwa mu kuronsa ingurane amashengero yo mu bihugu bikeneye Ingoro z’Ubwami bimwe vyihutirwa, mugabo ugasanga muri vyo hari uburyo buke kandi ivy’ubutunzi bikaba vyifashe nabi cane. Guhera muri Ntwarante 1996 gushika muri Gitugutu 1998, Ishirahamwe ryaremeye gutanga ingurane yo kwubaka Ingoro z’Ubwami 359, yasabwe n’ibiro vy’amashami 11 ahagarikiye ibihugu vyo mu Buraya bwo mu Buseruko. Amahera y’intererano ariko akoreshwa mu kugura ubwatsi n’ibikoresho ku bw’iyubakwa ry’Ingoro z’Ubwami nshasha, no mu gufasha amashengero gusanura inyubakwa zari zihasanzwe. Aya mafoto yerekanywe ngaha araduha iciyumviro c’ukuntu intererano zihabwa Ikigega c’Ishirahamwe Kigenewe Ingoro z’Ubwami muri Reta Zunze Ubumwe no mu bindi bihugu zafashije abavukanyi bacu bo mu Buraya bwo mu Buseruko.
4 Mu 1998, igihugu ca Bulgariya cagize iyongerekana ry’ibice 12 kw’ijana, kandi abavukanyi barahimbawe cane igihe Ingoro y’Ubwami yabo ya mbere yinjirwa muri Ndamukiza kw’uwo mwaka. Korowasiya yagize iyongerekana ry’ibice 4 kw’ijana, kandi muri iki gihe abavukanyi baho bariko barubaka izindi Ngoro z’Ubwami kugira ngo bateze imbere ugusenga kw’ukuri. Muri Hongiriya, Ingoro z’Ubwami nka 80 ziriko zirakoreshwa n’amashengero 144. Ibi bisobanura yuko mu mashengero 235 ari muri ico gihugu, 61 kw’ijana afise ikibanza cayo bwite co gusengeramwo. Muri Makedoniya porogarama yo kwubaka Ingoro z’Ubwami yarujuje Ingoro z’Ubwami nshasha zibiri, hakaba n’izindi ziri mu nzira. Mu ci ryo mu 1999, hari Ingoro y’Ubwami irimwo zibiri yarangijwe ku mugwa mukuru Skopje. Iyo ngoro ifise ubushobozi bwo gukoreshwa n’imiburiburi n’amashengero atandatu. Mu mwaka uheze mu Burusiya, incahagati y’abantu 260 barabatizwa indwi ku yindi! Mu gukurikiza uko bigirwa mu bindi bihugu, ishami ryo mu Burusiya muri iki gihe ryatunganije Amakomite y’Ubwubatsi y’Intara 12 hirya no hino mu karere kanini cane bakebewe, kugira ngo azoshigikire imigambi yo muri kazoza y’ukwubaka Ingoro z’Ubwami. Mu gice co mu buraruko ca St. Petersburg, hariko harubakwa Ingoro y’Amateraniro ya mbere muri ico gihugu, iyizogira ivyicaro 1 600. Iyo nyubakwa izoba irimwo kandi Ingoro z’Ubwami zitanu, imwe yose ikagira ivyicaro 200. Kugira ngo abavukanyi bacu bo muri Ukraine n’abashimishwa baho baronswe ivyo bakeneye, hari Ingoro z’Ubwami 84 zuzuye be na 80 zikiriko zirubakwa.
5 None iryo yongerekana ryo mu Buraya bwo mu Buseruko ntirituma tugira umunezero mu mutima? Aho twoba tuba hose, iyaguka ry’ugusenga kw’ukuri riratwibutsa yuko Imana itagira nkunzi, n’uko ukwihangana kwayo kuzotuma “ishengero ryinshi” rironka ubukiriro. (Ivyah. 7:9; 2 Pet. 3:9) Ese ingene ari agateka kuri twebwe, guterera agacumu k’ubumwe kugira abandi bakure mu vy’impwemu, eka mbere n’abari mu bihugu vya kure! Imigani 28:27 hadukura amakenga yuko “ūha umworo [a]tazokwigera akena.” Umutima dufise wo gushaka guterera amahera akenewe muri ubwo bwubatsi utuma haba ‘ukunganya’ ibintu vy’umubiri, bigatuma twese dushobora kugira ubuhirwe buva ku gutanga be n’umunezero uva ku kubona ugusenga kw’ukuri gukwira kw’isi yose.—2 Kor. 8:14, 15; Ivyak. 20:35.
[Picture on page 3]
Săcele, Roumanie
[Picture on page 3]
Maardu, Estonie
[Picture on page 3]
Sevnica, Slovénie
[Picture on page 3]
Tiszavasvári, Hongrie
[Picture on page 4]
Jūrmala, Lutuanie
[Picture on page 4]
Taurage, Lettonie
[Picture on page 4]
Tallinn, Estonie
[Picture on page 5]
Prievidza, Slovaquie
[Picture on page 5]
Mátészalka, Hongrie
[Picture on page 5]
Belgrade, Yougoslavie
[Picture on page 6]
Ruma, Yougoslavie
[Picture on page 6]
Vranov nad Topl’ou, Slovaquie
[Picture on page 6]
Tornakalns, Lettonie