Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Woba witeguriye ibintu vyihutirwa?
Muri iyi si ya none, ‘ibihe n’ibiza giturumbuka ku muntu’ kenshi birakorakorana bigatuma umuntu akenera kuvurwa mu buryo bwihutirwa, tutibagiye ko binatuma haba umukazo wo guterwa amaraso. (Umus. 9:11) Kugira ngo twitegurire ivyo bintu bishobora gushika, Yehova yaratanze imfashanyo zo mu buryo bwinshi biciye kw’ishirahamwe ryiwe, mugabo yiteze ko na twe dushitsa uruhara rwacu. Aha hepfo haratondekanijwe ibintu vyo kugufasha.
• Ibihe vyose niwame witwaje ka gakarata ka vuba Intructions Médicales — Pas de sang (Amabwirizwa y’ivy’Ubuvuzi: Ntimuntere Amaraso).
• Uraraba neza yuko abana bawe bitwaza ka Gakarata Karanzi ka vuba.
• Nimwihweze inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Rusama 1994, gisubiramwo ukuntu mwozirikana n’abaganga be n’abacamanza ku biraba uburyo abana banyu bovurwa.
• Nimwihweze ibiganiro vyerekeye ibintu bigize amaraso be n’ibintu vyokoreshwa mu gishingo c’amaraso. (Ivyo mworabamwo: Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1994, urupapuro rwa 31; 1 Ruheshi 1990, urupapuro rwa 30-31; 1 Ntwarante 1989, urupapuro rwa 30-31; Réveillez-vous! yo ku wa 8 Kigarama 1994, urupapuro rwa 23-27; 8 Myandagaro 1993, urupapuro rwa 22-25; 22 Munyonyo 1991 urupapuro rw’10; n’inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Rusama 1995 n’iy’ico muri Rusama 1994. Nimubikorakoranirize hamwe kugira ngo biborohere kubishikira.)
• Nufate ingingo uvyikuriye ku mutima nimba ushobora kwemera ko hakoreshwa amamashini atuma amaraso akuvamwo akaza aragusubiramwo arinze gutembera hanze y’umutumba, canke nimba ushobora kwemera imiti irimwo ibigize amaraso.
• Imbere y’uko uja ku bitaro, nimba bishoboka nubimenyeshe abakurambere kugira ngo bashobore kugushigikira no gutera akamo Komite Ijejwe Kuja Inama n’Ibitaro mu gihe bikenewe. Mu gihe ari umwana mutoyi, nusabe abakurambere babimenyeshe iyo Komite hakiri kare.
Nutomore Yuko Wanse Amaraso: Amaraporo yerekana yuko abavukanyi n’abavukanyikazi bamwebamwe barindira gushika ku munuta wa nyuma akaba ari ho babwira abaganga babavura y’uko badashaka amaraso. Ivyo ntivyorohereza abakora kwa muganga, kandi bituma uhakwa guterwa amaraso. Mu gihe abavuzi bazi ivyo wemera kandi ivyipfuzo vyawe bikaba bishigikirwa n’ivyete biteweko umukono bivuga mu buryo butomoye ukuntu ushaka ko bigenda, birabafasha kukuvura badatevye kandi kenshi bikabaha ivyiyumviro vy’ubundi buryo bokoresha mu kukuvura hadakoreshejwe amaraso.
Kubera yuko igihe ico ari co cose ushobora gukenera kuvurwa vyihutirwa, kenshi bigashika igihe utavyiteze na gato, nutere intambwe ubu zo kwirinda no kurinda abana bawe guterwa amaraso.—Imig. 16:20; 22:3.