ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/99 rup. 8
  • Umuhindu Uzomubwira Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuhindu Uzomubwira Iki?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko urakoresha utu dutabu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Gufasha abataragera kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Inama Tugiriwe yo Gushikiriza Inkuru Nziza mu Murimo wo mu Ndimiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ububasha Ijambo ry’Imana ryagize ku muryango w’abahindu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 9/99 rup. 8

Umuhindu Uzomubwira Iki?

1 Nk’uko woba ubizi, hari Abahindu benshi baba mu bihugu bitandukanye, dushizemwo n’uduce tumwetumwe tw’akarere kacu. Ivyo bisobanura ko bitebe bitebuke ushobora kuzohura n’Umuhindu mu gikenurwa cawe. None nimwahura uzovyifatamwo gute?

2 Ibuka Ibi Bintu: Abamisiyonari baroraniwe mu gushingira intahe Abahindu, bavuga yuko kugira ngo umuntu abigire mu buryo kirumara atari ngombwa ngo arinde kwiga cane ivy’idini y’Abahindu. Umuntu ashikirije ukuri mu buryo bworoshe, n’ukwiyubara, kenshi biratuma abantu bavyakira neza. Saba kubanza kuganira na nyenurugo. Aramutse avyakiriye neza, bizokworoha gushingira intahe abandi mu bagize uwo muryango. Mu ntango, niwirinde kuvuga yuko uzanye ubutumwa busumba ivyo uwo usanze ku muhana yemera, canke ko ushaka yuko muyaga ku Mana y’ukuri imwe rudende cabure ku vyanditswe vyeranda vya kera kuruta ibindi vyose. Kubera yuko Abahindu benshi babona ko Bibiliya ari igitabu c’Abazungu, ushobora gukuraho umwikeko mu gusigura yuko kitaremesha ivy’ubukoroni canke ivy’uko ubwoko kanaka busumba ubundi.

3 Koresha Ibikoresho Bibereye: Hari udutabu tubiri twateguriwe canecane Abahindu. Pourquoi devrions-nous adorer Dieu avec l’amour et la vérité? karacapuwe mu Gipunjabi no mu Kigujarati. Nos problèmes: qui nous aidera à les résoudre? karacapuwe mu zindi ndimi 11 zo mu Buhindi. Utwo twompi turaboneka mu Gifaransa. Udutabu “Voici, je fais toutes choses nouvelles” na Dieu se soucie-t-il vraiment de nous? na two nyene twaragaragaye ko ari kirumara mu gihe co gushingira intahe abakuriye mu vy’Abahindu. Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? n’igitabu Ubumenyi birashobora gukoreshwa mu buryo kirumara mu kurongora inyigisho za Bibiliya.

4 Rondera Ico Mwohurizako: Ntibigoye kuronka ico mwohurizako n’Abahindu. Bemera yuko turi mu gihe ubukozi bw’ikibi bwimonogoje n’uko Imana izokura kw’isi ingorane ziyisinzikaje ikoresheje icago gihambaye kizokurikirwa n’ikiringo c’ukuri. Urashobora kubona ukuntu bitogora gusanisha izo nyigisho n’inyigisho za Bibiliya zerekeye imisi y’iherezo, umubabaro uhambaye be n’isi nshasha igiye kuza. Kubera yuko Abahindu benshi babona ubuzima nk’urukurikirane rw’ingorane zitagira umuti, barashima ibiganiro vyerekeye ubuzima bwo mu rugo, ubugizi bwa nabi n’umutekano, be n’ukuntu bigendera umuntu iyo apfuye. Hano hariho uturorero tubiri tw’ukuntu ushobora kugerageza gutanguza ikiganiro.

5 Ibi vyoryohera serugo:

◼ “Ndiko ndagendera abantu barajwe ishinga n’ukuntu ubuzima bwo mu rugo bwifashe mu bihugu vyinshi muri iki gihe. Wibaza ko ari igiki kizotuma umuryango uguma ufatanye mu nda? [Nureke yishure.] Abantu bamwebamwe barazi ico ivyanditswe vy’Abahindu bivuga ku vyerekeye umuryango, mugabo ntibarigera baronka akaryo ko kubigereranya n’ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo. Nashaka twihwereze hamwe iki ciyumviro kiri mu b’i Kolosayi 3:12-14.” Mumaze gusoma ico canditswe, niwereke uyo wasanze ku muhana ikigabane ca 15 c’igitabu Ubumenyi maze uvuge uti: “Noshima gufata akanya gato ndagusomere iki kigabane.”

6 Uwukiri muto arashobora kwakira neza ibi:

◼ “Nta nkeka uremera Imana. Wibaza ko umugambi Imana idufiseko ari uwuhe?” Nureke yishure. Nuce usoma Itanguriro 1:28 maze uvuge uti: “Mu mihingo myinshi, isi ibamwo abantu umurengera kandi yuzuye ingorane. Woba wibaza ko Umuremyi yogira ugushaka kudufasha gutorera umuti ingorane zacu?” Umaze kwumva ico yishuye, nuje ku gisohokayandikiro kibereye.

7 Nugire Ingaruka Nziza: Hari Umuhindu w’imyaka 22 yegereye umuvukanyikazi yariko arashinga intahe mu kaguriro, amusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Yamusiguriye yuko hari haheze imyaka umunani ashoboye gusama ikiyago ca Bibiliya cariko kiba hagati ya nyina w’uyo musore n’uwo muvukanyikazi. Naho uyo musore yari yarakozwe ku mutima n’inyishu ngirakimazi Bibiliya itanga ku ngorane z’abantu, nyina ntiyashimishijwe hanyuma nya musore aca yumva adashobora kubandanya ukuri ari wenyene kubera akiri muto cane. Ico gihe yari ageze mu bigero yarashatse kwiga vyinshi. Uwo musore nta mwanya yapfishije ubusa. Mu misi 23 gusa, yari arangije inyigisho yiwe y’igitabu Ubumenyi, aca asaba kubatizwa inyuma y’amezi ane gusa kuva aho ahuriye na wa muvukanyikazi ku kaguriro!

8 Hari umuvukanyi yatanguje inyigisho n’Umuhindu bahuriye mw’igarimoshi. Uwo mugabo yari afise ingorane mu rugo rwiwe. Yari afise kandi ingorane y’akaborerwe. Uwo mugabo yaremeye ko ico Cabona kimugendera bakaganira ku mpanuro Bibiliya itanga ku vyerekeye ubuzima bwo mu rugo. Inyigisho y’ivy’ukwigenza runtu Bibiliya itanga yaramukwegereye, aca aremera inyigisho ya Bibiliya. We n’umuryango wiwe baratanguye kwitaba amakoraniro bari kumwe. Mu nyuma, barashikirije ukuri abagenzi n’incuti. Gushika ubu, batandatu muri abo bantu baremeye ukuri!

9 Imana ishaka ko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri.” (1 Tim. 2:4) Aho harimwo abagabo n’abagore bavuga ko bari mu madini atari aya gikirisu, nk’iy’Abahindu. Nimba hari Abahindu mu karere wakebewe, ni kuki utobagendera mu maguru masha kandi ugakoresha zimwe mu nama tugiriwe muri iki kiganiro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika