‘Ubutame Bwawe Si ubw’Ubusa’
1 Mbega iciyumviro kiremesha! Ubutame bwawe mu murimo wa Yehova si ubw’impfagusa. (1 Kor. 15:58) Yamara, niwiyumvire ingene abantu batama igihe kirekire kandi bakarwa bavyuka bagerageza kuryohora ikibanza bafise mu buzima, canke uko ubutunzi bwabo bwifashe. Boshobora gukurikirana amashure ya kaminuza mu kiringo c’imyaka myinshi canke bagakora bwa bagurano kugira ngo batere imbere mu vy’amaronko. Yamara, kubera “ibihe n’ibiza ku muntu,” barashobora kutigera bashikira icubahiro barondera, canke kumbure bagategerezwa kubumbwa n’ibintu bike cane kuruta ivyo bashaka. Utwigoro twabo ni utwo impfagusa nk’ “uguhahamira umuyaga.” (Umus. 1:14; 9:11) Ese rero ukuntu ari ngirakamaro kubona dufise vyinshi vyo gukora mu gikorwa kimwe gusa kitari ic’ubusa kubera ko kiri n’agaciro kadahera!
2 Igikorwa Kiri n’Agaciro Koko: Kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni co gikorwa gihambaye kuruta ibindi kw’isi. Ni co gikorwa gitegerezwa gukorwa abantu baba bumviriza canke batumviriza. Dushaka ko twoshobora kuvuga nka Paulo duti: ‘Ndacuna, yuko amaraso ya bose atazonkora, kuko ntacishije i ruhande mbabwira ivy’Imana yagabiye vyose.’—Ivyak. 20:26, 27.
3 Ese ukuntu haba umunezero igihe abantu bumvirije kandi bakitaba ubutumwa bw’Ubwami! Umwigeme umwe yari yabuze inasenge. Yaribaza iyo uwo inasenge yagiye, ko yoba yari yaroye mw’ijuru canke mu muriro. Yarasenze Imana ngo imufashe, akoresheje izina Yehova, nk’uko mwenewabo yari yaramwigishije. Bidatevye yatanguye kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro y’Abakirisu. Yahavuye atangura kubona ukundi ubuzima ahava aravavanura n’imigwi y’inkozi z’ikibi. Uwo mwigeme yarahevye kunywa itabi, ibiyayura umutwe no kwiba. Yiyemerera ati: “Urukundo nkunda Yehova rwonyene ni rwo rwatumye mpeba ubwo buzima bubi narimwo. Yehova wenyene mu kigongwe ciwe ntangere ni we yampaye icizigiro c’ubuzima budahera.” Ntagikoresha ubuzima bwiwe mu gukurikirana ibintu vy’impfagusa.
4 Mbere n’iyo abantu banse kwumviriza, ntikibuza ko uguma urangura ikintu c’ingirakamaro. Baramenya yuko Ivyabona vya Yehova babagendeye. Ukutadohoka kwawe, ukwizerwa kwawe n’urukundo rwawe biba bigaragaye. None ubutame bwawe mu gikorwa c’Umwami wumva ari ubw’ubusa? Ntibikabe!