ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/00 rup. 1
  • ‘Nube Umunyabuntu, Ukunde Gutanga’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nube Umunyabuntu, Ukunde Gutanga’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • “[Nitu]be Abatunzi [m]u Bikorwa Vyiza”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Dukore ivyiza twongere dusabikanye n’abandi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Gukorana n’Imana bituma tugira agahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Kubiba Vyinshi Bizana Imihezagiro Myinshi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 6/00 rup. 1

‘Nube Umunyabuntu, Ukunde Gutanga’

1 Ubu haraciye ibinjana, intumwa Paulo yabwirije Timoteyo kuremesha Abakirisu bagenziwe ngo “bakore iciza, babe abatunzi [m]u bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga.” (1 Tim. 6:18) Paulo kandi yaribukije Abakirisu b’Abaheburayo ngo ntibibagire “kugira neza no [“gusangira ibintu n’abandi,” NW].” (Heb. 13:16) None ni kuki yanditse ayo mabwirizwa? Kubera yari azi yuko “ubgiza n’icubahiro n’amahoro bizoba ku muntu wese akora ivyiza.”—Rom. 2:10.

2 Kubera ari we Muremyi, Yehova Imana ni we Nyenibintu vyose. (Ivyah. 4:11) Turakenguruka ata gukeka ivyo ariko arakora ku bwacu akoresheje amatungo yiwe. Naho abenshi cane mu bantu usanga bari n’agatima k’ukudashima, Musumbavyose arabandanya guha uburyo abantu bose ngo bungukire ku ntunganyo yashizeho ziranga umutima wo gutanga, kugira abantu baronke ubuzima. (Mat. 5:45) Yaranatanze Umwana wiwe akunda kuruta, amutangako inkuka kugira ngo tubashe kuronka ubuzima budahera. None urukundo tweretswe ntirukwiye kutugobera kugaragaza ko ubwacu dukenguruka mu kugirira ubuntu abantu nkatwe?—2 Kor. 5:14, 15.

3 Dushobora Gusangira Iki? Birabereye koko yuko dukoresha ivyo vyose dutunze mu buryo buhimbaye mu nyonga z’Imana. Nta mazinda, dushaka gushigikira igikorwa c’Ubwami kirangurirwa kw’isi yose, tukagishigikira mu buryo bw’ivy’umubiri no mu vy’impwemu. Birumvikana, inkuru nziza ni ryo tunga ry’agaciro kanini kuruta umwe wese ashobora gutunga kuko ari ‘ubushobozi bw’Imana buzana agakiza.’ (Rom. 1:16) Mu gutanga umwanya wacu n’ubutunzi bwacu tutitangiriye itama ku kwezi ku kwezi, mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha, twoshobora gusangira iryo tunga ry’ivy’impwemu n’abandi, bigatuma baronka ubuzima budahera.

4 Yehova arahimbarwa cane iyo dufashije bantahonikora. Arasezerana imihezagiro, akatwibutsa kandi ati: “Itunga ntiri[zo]gira ikimazi ku musi w’uburake, arik’ubugororotsi bukūra mu rupfu.” (Imig. 11:4; 19:17) Gushigikira Ubwami mu buryo bw’ivy’umubiri no kugira uruhara rwuzuye mu kwamamaza inkuru nziza, ni uburyo bw’akaroruhore dushobora kwerekana yuko turi abanyabuntu, dukunda gutanga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika