Kubiba Vyinshi Bizana Imihezagiro Myinshi
1 Twese duhanze amaso iranguka ry’imihango ihambaye iri mw’Ijambo ry’Imana. Mbere no muri iki gihe, Yehova aratuma turonka imihezagiro myinshi itwongereza umunezero mu buzima bwacu. Ariko rero, urugero ubwacu tuyungukirako biva ahanini ku kigoro tugira. Nk’uko intumwa Paulo yabivuze, “ūbiba nyinshi azokwimbura vyinshi.” (2 Kor. 9:6) Reka turimbure imice ibiri iyo ngingo ngenderwako ikoramwo.
2 Ubusuku Turangura Ubwacu: Kubwira inkuru nziza abantu igihe cose bidushobokeye kugira ngo dushinge intahe, birazana impera nyinshi. (Imig. 3:27, 28) Birashimishije kubona benshi bariko barabiba vyinshi mu kwagura uruhara bagira mu busuku, harimwo n’ugukora ubutsimvyi bwo gufasha canke busanzwe. Twese turashobora kubiba vyinshi mu kwitwararika gusubira kugendera umuntu kugira ngo dutsimbataze ugushimishwa kwose kwabonetse kandi dutanguze inyigisho ya Bibiliya igihe cose akaryo kabonetse. (Rom. 12:11) Twihase muri ubwo buryo bivamwo ukumenya utuntu n’utundi turemesha kandi bikongereza umunezero mu busuku bwacu.
3 Ugushigikira Inyungu z’ivy’Ubwami: Paulo yavuze ivyerekeye ‘kubiba vyinshi’ mu bijanye n’ugutanga ibintu vy’umubiri. (2 Kor. 9:6, 7, 11, 13) Muri iki gihe, hariho vyinshi dushobora gukora mu buryo bw’inguvu no mu buryo bwo gutanga ibintu kugira ngo dushigikire inyungu z’ivy’Ubwami. Turashobora gusahiriza mu vy’ukwubaka Ingoro z’Ubwami n’Ingoro z’Amateraniro. Turashobora kandi kwitanga mu kugira uruhara mu vyo gusukura no kubungabunga ivyo bibanza bigenewe ugusenga kw’ukuri. Vyongeye, turashobora guterera amahera ku bw’ayakoreshwa n’ishengero tutibagiye n’ayakoreshwa ku bw’igikorwa gikorerwa kw’isi yose c’ukwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Uko twese dushitsa uruhara rwacu, ese ingene duhimbarwa no kubona umuhezagiro usesekaye Yehova aduha abicishije kuri ico gikorwa Imana yategetse!—Mal. 3:10; Luka 6:38.
4 Ijambo ry’Imana riraduhimiriza ‘gukora iciza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza no kuba abanyabuntu bakunda gutanga.’ Uko dutega yompi iyo nkeburo, turinovora imihezagiro myinshi muri iki gihe. Mugabo kandi, tuba turiko ‘turibikira ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo ducakire ubuzima nyakuri’ bugiye kuza.—1 Tim. 6:18, 19.