ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/04 rup. 7
  • Nubibe vyinshi ariko ubigiranye ubukerebutsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nubibe vyinshi ariko ubigiranye ubukerebutsi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Indinganizo Yacu Yoroheje yo Gutanga Ibisohokayandikiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 4/04 rup. 7

Nubibe vyinshi ariko ubigiranye ubukerebutsi

1 Umurimyi wese arazi ko igihe abivye imbuto nyinshi, ashobora kuzokwimbura vyinshi, ariko aramutse abivye nkeyi, nta kabuza azokwimbura bike (2 Kor. 9:6). Abarimyi baraba maso kugira ngo ntibonone imbuto mu kuzibiba aho zidashobora kumera. Ubukerebutsi nk’ubwo nyene burakenewe igihe dutanga ibisohokayandiro vyacu mu ndimiro. Twipfuza gusigira ibisohokayandikiro abantu bashimishwa no kubisoma. Dushaka ko ababereye baronka akaryo ko kumenya ivyerekeye ubuntu tutabereye bwa Yehova be n’icizigiro c’Ubwami.

2 Woba ubona ko ibinyamakuru, udutabu hamwe n’ibindi bisohokayandikiro biriko birarundana ku kagege ko muhira kandi vyari gushobora gukoreshwa kugira bifashe ababereye bo mu cibare cawe kumenya ukuri (Gereranya na Matayo 25:25.)? Woba rimwe na rimwe ureka gutanga ibinyamakuru canke ibindi bisohokayandikiro, igihe uyaze n’umuntu ari bwo bwa mbere, kubera gusa ubona ko bitabereye kuvuga ukuntu igikorwa co kwamamaza Ubwami gishigikirwa? Abamamaji bazi utuntu n’utundi babonye yuko abo basanga ku mihana bafise agatima ko gukenguruka, bavyakira neza igihe babwiwe mu buryo bworoshe kandi butomoye ukuntu intererano ku bw’igikorwa c’Ubwami zitangwa.

3 Woshobora kuvuga uti:

◼ “Ushobora kuba wibaza ingene dushobora gutanga ibitabu ata mahera dusavye. Ni umuce w’igikorwa co kwigisha kirangurirwa kw’isi yose gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. Nimba woshima gutanga intererano ntoya ku bw’ico gikorwa, nohimbarwa cane no kuyakira”.

4 Abantu benshi dusanga ku mihana barabaza igiciro c’ibisohokayandikiro.

Woshobora kwishura uti:

◼ “Ibitabu vyacu ntitubigurisha kubera yuko igikorwa cacu gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. Nimba wipfuza gutanga intererano ntoya uyu musi, twohimbarwa no kubona ikoreshwa mu gikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose”.

Canke ukavuga uti:

◼ “Ibitabu vyacu tubishikiriza abantu bose bashima kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya. Nimba woshima gutanga intererano ntoya ku bw’iki gikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nohimbarwa no kuyigushikanira”.

5 Mu gikorwa co gutanga ibinyamakuru, abamamaji bamwebamwe barerekana urupapuro rw’imbere mu kinyamakuru maze bakavuga bati:

◼ “Nk’uko ubibona ngaha, igikorwa cacu gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. Nimba woshima gutanga intererano ntoya kugira ngo ifashe muri ico gikorwa, ndashobora kuyakira”.

Ngaya ayandi majambo yoroshe wokoresha:

◼ “Naho ibitabu vyacu tubitanga tutarinze kwaka amahera, turakira intererano ntoya ku bw’iki gikorwa cacu kirangurirwa kw’isi yose”.

6 Ntidukwiye kwigera tureka kubiba imbuto z’Ubwami kubera twumva ubuyega bwo kuvuga ukuntu ico gikorwa gishigikirwa mu vy’amahera. Muri ico gihe nyene, ubukerebutsi burakenewe kugira ibisohokayandikiro vyacu ntibitabwe ku “rutare” (Mrk. 4:5, 6, 16, 17). Abakenguruka inkuru nziza tubashira barahimbarwa no kuronka akaryo ko guterera amahera yabo.—Gereranya na Matayo 10:42.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika