Akumba k’Ibibazo
◼ Abamamaji n’abatsimvyi boba bakwiye kwumva yuko bategerezwa guterera igikorwa Sosiyete irangurira kw’isi yose igihe cose bakiriye ibisohokayandikiro ku Ngoro y’Ubwami ku bw’umurimo wo mu ndimiro?
Oya. Abamamaji bashobora gutanga intererano zabo bwite zo gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose bakurikije ubushobozi n’icipfuzo bafise, igihe ico ari co cose bahisemwo kubigira gutyo.—2 Kor. 8:10-15; 9:6-14.
Ariko rero, abamamaji bamwebamwe bahisemwo gutanga intererano zabo igihe bakiriye ibisohokayandikiro. Ivyo babigira kubera yuko kwakira ibisohokayandikiro bikora bwa cibutsa kibereye c’agateka n’ibanga vyabo vyo gushigikira ubudahorereza igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Abandi baraterera ubwabo mu gihe nyene batangirako za ntererano umuntu atanga avyishakiye zivuye ku bashimishijwe bahuriye mu busuku bwo mu ndimiro. Benshi bafashe ingingo yo gutanga intererano kanaka ku ndwi ku ndwi. Abandi na bo bashira ku ruhande igitigiri c’amahera ku kwezi ku kwezi, kigenewe ico gikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nk’uko nyene babigira ku vyerekeye amahera y’Ingoro z’Ubwami. Igihe ico ari co cose bigirirwa, umwe wese ategerezwa gushinga ico ashobora gukora ubwiwe mu gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.