ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/00 rup. 4
  • Akumba k’Ibibazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akumba k’Ibibazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Nubibe vyinshi ariko ubigiranye ubukerebutsi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Indinganizo Yacu Yoroheje yo Gutanga Ibisohokayandikiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 12/00 rup. 4

Akumba k’Ibibazo

◼ Twoba dutegerezwa kumenyesha uwo dusanze ku muhana umutima wacu ukunze wo kwemera intererano igereranye ku bw’igikorwa Sosiyete irangurira kw’isi yose igihe cose tumugendeye?

Oya. Turakeneye gukoresha ubukerebutsi muri ivyo. Dushaka yuko abantu bamenya mu buryo butomoye yuko igikorwa cacu ari ico kwigisha Bibiliya vy’ukuri ko atari ic’ubudandaji. Ntituba turiko turasaba intererano. Muri rusangi ni vyiza yuko dusigura mu buryo butomoye ukuntu igikorwa cacu gishigikirwa n’intererano abantu batanga bavyishakiye igihe dusigiye abashimishijwe igisohokayandikiro ari bwo bwa mbere. Nitwagumiza mu muzirikanyi yuko igisohokayandikiro tugisigira gusa aberekanye ugushimishwa canke bagaragaje icipfuzo co kugisoma, ni ho mu bisanzwe tuzoba twitwararitse uwo muce.

Benshi mu bashimishijwe nk’abo baribwiriza gutanga intererano bavyishakiye iyo basubiye kugenderwa. Abandi boshobora kubaza amahera ikintu kigurwa. Turashobora kuvuga muri make yuko igikorwa cacu atari ic’ubudandaji, mu gusigura yuko ibisohokayandikiro vyacu tubiha abashimishijwe ataco barinze gutanga. Barashobora kandi kumenyeshwa yuko uwo ari we wese yipfuza gushigikira igikorwa kirangurirwa kw’isi yose ashobora gutanga intererano igereranye avyishakiye. Rimwe na rimwe, mu gihe bibereye, turashobora gucishamwo ivyo gushigikira igikorwa Sosiyete irangurira kw’isi yose mu gihe umuntu dusubiye kugendera atabigira.

Dukwiye kwamiza ku muzirikanyi yuko naho ibisohokayandikiro vyacu tubiha abashimishijwe ataco barinze gutanga kuriha, hariho amahera akoreshwa mu kwandika no mu kurungika ibisohokayandikiro vyacu. Turafise icizigiro c’uko impwemu y’Imana izosunika abasavyi bayo n’abashimishijwe mu ndimiro bagatanga intererano bavyishakiye kugira ngo harihwe amahera akoreshwa mu mice yose y’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika