ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/01 rup. 7
  • Akumba k’Ibibazo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akumba k’Ibibazo
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Indinganizo Yacu Yoroheje yo Gutanga Ibisohokayandikiro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Akumba k’Ibibazo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • “Ingabire igenewe Yehova”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 2/01 rup. 7

Akumba k’Ibibazo

◼ Ntitwoba turiko turatanga intererano kabiri ku vyandikano mu gihe hari intererano twatanze igihe twakira ivyandikano hanyuma tukongera tugashira intererano twaronse mu ndimiro mu dusandugu tw’intererano tugenewe igikorwa Sosiyete irangurira kw’isi yose?

Oya. Intererano zija mu dusandugu tw’intererano ku bw’igikorwa Sosiyete irangurira kw’isi yose si iz’ivyandikano gusa. Abamamaji hamwe n’abantu b’inziraburyarya bashimishijwe mu ndimiro baronka ivyandikano ata co barihishijwe. Igihe abamamaji batanze intererano zabo, ni ukugira bashigikire ivyerekeye ukubungabunga ibiro vy’amashami, inzu za Beteli, amashure y’ivy’ubumisiyonari n’ay’ivy’ubusuku, abamisiyonari, abacungezi b’ingenzi, aho kugabanganiriza ivyandikano, be n’ubundi buryo bwinshi bwo gushigikira imirimo ikenewe kugira ngo turangure igikebere cose Yezu yahaye abigishwa biwe. Gusohora ivyandikano ni umuce mutoyi gusa w’ivyo. Rero, igihe duhawe intererano n’abashimishijwe mu ndimiro, ntidukwiye kuvuga yuko iyo ntererano itanzwe “ku bw’ivyandikano.” Nk’uko tubibasigurira, abipfuza ata buryarya gusoma ivyandikano vyacu barabironka ata co barihishijwe. Intererano izo ari zo zose mwene abo bantu batanga zizokoreshwa mu kwitwararika ayasohorwa mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Ivyo ni na kwo biri ku ntererano zitangwa n’abamamaji.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika