ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/01 rup. 8
  • Nushinge Intahe mu Kuba Umubanyi Mwiza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nushinge Intahe mu Kuba Umubanyi Mwiza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Ababanyi Beza Ni Kirumara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ico bisobanura gukunda bagenzi bacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Woba “ukunda mugenzawe nk’uko wikunda”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 4/01 rup. 8

Nushinge Intahe mu Kuba Umubanyi Mwiza

1 Yezu yavuze ati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.” (Mat. 22:39) Nta gukeka ‘urakorera ivyiza’ abo musangiye ukwemera, ariko none woba ushobora kwagura urukundo rwawe no kuri abo bantu mubana hafi? (Gal. 6:10) Mu buryo ubuhe?

2 Mu Kwidondora Wewe Ubwawe: Mbega ababanyi bawe boba bazi ko uri icabona? Nimba batabizi, ni kuki utobagendera uri mu murimo wo mu ndimiro? Ese ingene wotangazwa n’icovamwo! Canke mu gihe wokwumva ko vyokworohera kuruta, nugerageze kubashingira intahe akaryo kizanye. Mu gihe uri hanze, ushobora kubabona bakorera mu rugo rwabo canke bitemberera mw’ibarabara. Begere umwenyura n’igishika. Niwihatire kubabwira ibijanye n’ukwizera kwawe, aho Ingoro y’Ubwami iri, n’ibigirirwayo, kandi ubamenyeshe n’uwundi uwo ari we wese mu babanyi yitaba amakoraniro yacu. Nubatumire ku makoraniro yacu. Niwiyemeze gushinga intahe y’inkuru nziza bimwe bishitse ku muntu wese uzi.—Ivyak. 10:42; 28:23.

3 Mu Kuba Intangakarorero mu Buryo Wigenza: Uburyo wifata kigenzi biri n’ico bivuze kinini ku bikwerekeye kandi birashobora kwugurura inzira yo gushinga intahe. Ivyo kandi ‘birashariza inyigisho y’Imana.’ (Tito 2:7, 10) Niwerekane ko ushimishwa vy’ukuri n’ababanyi bawe. Nubabere umugenzi kandi ubategere. Niwubahirize uburenganzira bafise bw’uko hataba uwubavogera mu vyabo no kutabatera urwamo. Mu gihe umwe mu babanyi bawe arwaye, numwiteho wongere umufashe. Mu gihe hagize umuryango mushasha wimukira mu micungararo y’iwanyu, nukubitireyo kugira ngo ubahe ikaze. Ibikorwa nk’ivyo biranga ubuntu biratuma abantu batwiyumvira neza kandi birahimbara Yehova.—Heb. 13:16.

4 Biciye ku Kuntu Urugo Rwacu Rusa: Kuba umubanyi mwiza birimwo no kwitwararika inzu yawe kugira ngo iboneke neza. Inzu n’urugo bisukuye kandi biryoheye ijisho ubwavyo birashinga intahe. Mugabo inzu irimwo umwanda canke irimwo ibintu bitagikoreshwa vyandagaye hirya no hino, irashobora gutukisha ubutumwa bw’Ubwami. Kubera ivyo, birahambaye cane ko inzu yawe, urugo rwawe, n’imiduga yawe biguma bisukuye kandi bimeze neza.

5 Kugaragaza ko witwararika abatari mw’ishengero rya gikirisu birerekana urukundo ukunda ababanyi bawe. Ivyo bishobora kuvamwo iki? Bivuye ku “bikorwa vya[we] vyiza babona” vyoshoboka ko bamwe muri bo “bahimbaza Imana.”—1 Pet. 2:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika