Ababanyi Beza Ni Kirumara
“Umubanyi wo hafi aruta mwene wanyu ari kure.”—Imigani 27:10.
INCABWENGE imwe yo mu kinjana ca mbere G.C. yabajije Yezu iti: “Mbega mugenzanje ni nde?” Mu kwishura, Yezu ntiyamubwiye umubanyi wiwe uwo ari we, ariko yamubwiye igituma umuntu aba umugenzi nyakuri. Kumbure uramenyereye kwumva ico kigereranirizo Yezu yatanze. Abantu benshi barazi ko ari wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi kandi wanditswe mu Njili ya Luka. Ng’uku ukuntu Yezu yiganye nya nkuru:
“Hābaye umuntu yar’avuye i Yerusalemu, arikw aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barīgīra, basiga ashigaje gatoya agahwera. Hāriho n’umuherezi amanuka mur’iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande. Kandi n’Umulewi ahashitse agira kuno, amubonye aca i ruhande. Maz’Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe: aramwēgēra, amupfuka inguma, amusomōza amavuta ya elayo na vino, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndāro y’abahita, aramurwaza. Bukeye agoborora idenariyo zibiri, aziha nyen’indāro, at’Umurwaze, kand’ivy’uzotanga vyose birenze ivyo ni nagaruka nzobikwishura. Mur’abo batatu ugira ngo ni nde yabonetse kw ari mugenzi w’uwaguye mu bambuzi?”—Luka 10:29-36.
Iyo ncabwenge biboneka ko yabitahuye. Atiriwe aragonanwa, yaciye avuga ata kwihenda uwari umugenzi w’uwo mugabo yari yakomerekejwe, avuga ati: “N’uwamugiriye imbabazi.” Yezu yaciye amubwira ati: “Nawe genda ugire urtyo.” (Luka 10:37) Ese ukuntu ari ikigereranirizo gikomeye c’ico bisobanura kuba umugenzi canke umubanyi nyakuri! Umugani wa Yezu ushobora mbere gutuma duca twibaza duti: ‘Noba ndi umubanyi ameze gute? Ubwoko bwanje canke igihugu nakuriyemwo vyoba ari vyo nisunga mu kumenya ababanyi banje abo ari bo? Ivyo bintu vyoba bituma ntakora nk’uko nategerezwa kugira mfashe umuntu nkanje uwo ari we wese mbona ari mu marushwa? Noba ngira akigoro kadasanzwe kugira mbe umubanyi mwiza?’
Twotangurira Hehe?
Niba twumva bikenewe ko turyohora muri ivyo, dutegerezwa gutangurira ku nyifato yo mu mutima. Ubwitwararitsi bwacu bukwiye kuba bushingiye ku kuba umubanyi mwiza. Ivyo kandi birashobora kugira ico biterereye ku vy’ukugira ababanyi beza. Haraheze hafi nk’imyaka ibihumbi bibiri Yezu ashimitse kuri iyo ngingo ngenderwako ihambaye y’ivy’ubucuti abantu bagiriranira, muri ya Nsiguro rurangiranwa yiwe yo ku Musozi. Yavuze ati: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe.” (Matayo 7:12) Gufatana abandi icubahiro, urupfasoni be n’ubuntu birabaremesha kugufata nawe gutyo.
Mu kiganiro kivuga ngo “Gukunda Umubanyi Wawe,” kiboneka mu kinyamakuru kimwe (The Nation Since 1865), umumenyeshamakuru w’umukenyezi akaba na nyene kucandika ari we Lise Funderburg, yaravuze ibintu bibiri bisanzwe bishobora gukorwa kugira ngo haremeshwe ivy’ukwitaho ababanyi. Yanditse ati: “Nshaka ko . . . ivyiyumviro vyo guhurizako biserurirwa mu bikorwa bitobito vyinshi biranga ubuntu ababanyi bagiriranira, nk’uguhitanira uwundi ibinyamakuru, gusigaranira uwundi abana, guhitanira uwundi ikintu ku mangazini. Nshaka ko habaho ubwo bucuti muri iyi si irushiriza kubamwo amacakubiri, aho ubwoba be n’ubukozi bw’ikibi bituma ibibano bidakomera kandi bikaburamwo umutekano.” Yaciye yongerako ati: “Hariho ahantu ukwiye gutangurira. Kandi hoshobora kuba ku mubanyi mubangikanije inzu.”
Ikinyamakuru kimwe (Canadian Geographic) na co nyene carashikirije iciyumviro kirumara gishobora gufasha ababanyi gutsimbataza agatima keza hagati yabo. Umwanditsikazi umwe, umupfasoni Marni Jackson yavuze ibi: “Ababanyi ni abantu utigera uhitamwo, nk’uko nyene utigera uhitamwo abaryango. Ivy’ubucuti bisaba ubugenge, urupfasoni kanaka be n’ukwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi.”
Ababanyi Beza Ni Abakunda Gutanga
Ikizwi coco, benshi muri twebwe bashobora kuba bumva ko bitoroshe kwegera ababanyi. Bishobora gusa n’ibirushirije kworoha yuko twirinda imigenderanire maze tukikumira. Ariko rero, Bibiliya ivuga yuko “[g]utanga kuzana [agahimbare], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe 20:35) Ku bw’ivyo, umubanyi mwiza aragerageza kugira akigoro kugira ubwiwe amenyerane n’abantu bamukikuje. Naho bitaba bikenewe ko arondera gutsimbataza ubucuti bwa hafi na bo, aza arihatira kubayagisha, kumbure agatangurira gusa ku kumwenyura kigenzi canke ku kamenyetso karanga ubugenzi.
Nk’uko bihejeje kuvugwa, “ibikorwa bitobito bidaharurwa” ababanyi bagiriranira ni vyo mu vy’ukuri bihambaye mu vy’ugushinga no kuzigama ubucuti bwa kibanyi. Ni vyiza rero kurondera utuntu dutoduto turanga ubuntu ushobora kugirira umubanyi, kubera yuko ivyo akenshi bizoremesha agatima ko gusenyera ku mugozi umwe be n’ukwubahana. Bitayeko, tubigize gutyo, tuzokurikira inkeburo ya Bibiliya igira iti: “Ntukanke kugirira ivyiza ababibereye, ugifise uburyo bgo kubikora.”—Imigani 3:27; Yakobo 2:14-17.
Ababanyi Beza Ni Abakirana Ugukenguruka Ivyo Bahabwa
Vyoba ari vyiza cane hamwe twoshobora kuvuga yuko umuntu wese aronka imfashanyo be n’ingabire avyakirana ugukenguruka. Ikibabaje, ivyo si ko vyama biri. Imfashanyo nyinshi be n’ingabirano nyinshi zitanganywe umutima mwiza ntizihora zirakirwa mu buryo buranga ugukenguruka, ku buryo nyene kuzitanga bivuye ku mutima ashobora kwiyumvira ati: ‘Iryo ribaye irya nyuma ndabigira!’ Mu gihe kanaka, utwigoro twose ugira two kuramutsa kigenzi ababanyi bawe be n’ukubapepera, ushobora gusanga umuntu atwishuye mu kuzungagiza umutwe gusa nk’aho umenga ntabishaka.
Yamara, mu bihe vyinshi uwuramukijwe ntaba ari umuntu mu vy’ukuri adakenguruka, naho inyuma ashobora kuboneka nk’uwudakenguruka. Kumbure imico kama yakuriyemwo ituma aba umuntu atinyatinya canke agira ubuyega, maze bigatuma akora mu buryo buranga ukwitaho ibintu buhoro, mu buryo busa n’ubutarimwo ubugenzi. Ku rundi ruhande, muri ino si y’intashima, abantu bamwebamwe bashobora kubona ubugenzi bwawe nk’ikintu batamenyereye, canke bagashobora mbere kwicura ivyo ushaka gushikako. Boshobora kuba bakeneye ibintu bimwebimwe vyobakura amazinda. Ku bw’ivyo, gushinga imigenderanire iranga ubugenzi bishobora gufata igihe, bigasaba n’ukwihangana. Ariko rero, ababanyi biga ubuhanga bwo kuba abakunda gutanga be n’abakirana ugukenguruka ivyo bahabwa, bazogira ico baterereye mu vy’ugutuma haba agatima ko kwitaho ababanyi karangwa amahoro n’umunezero.
Igihe Icago Giteye
Umubanyi mwiza ni kirumara canecane igihe icago giteye. Mu bihe vy’ivyago, agatima nyakuri ko kwitaho ababanyi karagaragara. Hariho inkuru nyinshi zivuga ivyerekeye ibikorwa vy’ubwikunzi vyakozwe n’ababanyi mu bihe nk’ivyo. Icago ababanyi basangiye gisa n’igica gituma basenyera ku mugozi umwe kandi bakihatira gufashanya. Mbere n’abadahuza ivyiyumviro akenshi bazokorera hamwe.
Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe (The New York Times) cavuze yuko igihe hatera nyamugigima ikaze muri Turukiya mu 1999, abari basanzwe bankana bagaragaje ugufashanya kuranga ukwitaho ababanyi. Umwanditsikazi umwe w’ibinyamakuru w’Umugiriki ari we Anna Stergiou, yanditse mu kinyamakuru co muri Atenayi ati: “Haciye imyaka myinshi twigishwa kwanka Abanyaturukiya. Ariko umubabaro udasanzwe barimwo nta munezero udutera. Twarabuze amahoro, twarakomye induru nk’aho wamenga urwanko rwari ruhitiye rwari rwazimanganye, igihe twabona inzoya zapfuye.” Igihe ibikorwa vy’ugutabara vyahagarikwa mu buryo bwemewe n’amategeko, imigwi y’Abagiriki ijejwe gutabara yaranse guhagarika ivy’ukurondera aboba barokotse.
Kuja mu gikorwa c’ugutabara inyuma y’ivyago, nta nkeka ko ari igikorwa ciza kandi kiranga ubutwari co kwitaho ababanyi. Naho biri ukwo, kurokora ubuzima bw’umubanyi mu kumuburira imbere yuko hatera icago bishobora vy’ukuri kubonwa mbere nk’igikorwa kirushirije kuba ic’agaciro kiranga ukwitaho ababanyi. Ikibabaje, kahise karahishura yuko abantu baburira ababanyi ibijanye n’ivyago vyimirije akenshi batakiranwa agahimbare, kubera yuko muri ico gihe co gutanga imburi abantu badashoka batahura icago kiba cimirije. Abantu baburira abandi akenshi babakirana amakenga. Bisaba uguhozako kwinshi be n’ukwitanga ku bantu abo ari bo bose bariko bagerageza gufasha abantu batitwararitse akaga kabugarije barimwo.
Igikorwa Kiranga Ukwitaho Ababanyi Kiruta Ibindi Vyose
Muri kino gihe, hariho ikintu gihambaye cane kuruta icago gisanzwe, kikaba ari icimirije gushikira umuryango wose w’abantu. Ni igikorwa cabuwe c’Imana Mushoboravyose kizokura kw’isi ubukozi bw’ikibi, ububisha hamwe n’ingorane bijana. (Ivyahishuriwe 16:16; 21:3, 4) Ico kintu gihambaye si ikintu ata co kivuze gishobora kuba, ahubwo kizoba koko! Ivyabona vya Yehova barashashaye guha abantu benshi bashoboka ubumenyi bukenewe kugira bazorokoke ico kintu kigiye kunyiganyiza isi. Ni co gituma badahengeshanya kuja mu gikorwa cabo c’ukwamamaza kizwi cane barangurira kw’isi yose. (Matayo 24:14) Ivyo babigira n’umutima ukunze, bivuye ku rukundo bakunda Imana be n’umubanyi wabo.
Ku bw’ivyo, ntureke ngo ivy’ukuvuga Ivyabona uko batari canke kwumva baguteye ubuyega bikubuze kubumviriza igihe baramukije ku rugi iwanyu, canke igihe bakwegereye aho ari ho hose. Bariko bagerageza kuba ababanyi beza. Ku bw’ivyo, niwemere igihe bagusavye kwigana na bo Bibiliya. Numenye ukuntu Ijambo ry’Imana ridukura amazinda yuko igihe aho hazoba hari ukubana mu kanyamuneza hagati y’ababanyi kiri hafi. Ico gihe, nta macakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba, kw’idini canke ku migwi bizokwonona ubucuti buranga igishika hafi nka twese mu vy’ukuri twipfuza.
[Amafoto ku rup. 6, 7]
Ni vyiza gukora ibikorwa biranga ubuntu mu kibano urimwo
[Abo dukesha ifoto]
Umubumbe: Mountain High Maps® Copyright © 1997 Digital Wisdom, Inc.