“Ntihigeze Kuboneka Umuntu Avuga nka We”
“Bose baramushima, batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe.”—LUKA 4:22.
1, 2. (a) Ni kubera iki ba bagendanyi batumwa gufata Yezu bagarutse iminwe misa? (b) Ni igiki cerekana yuko abo bagendanyi atari bo bonyene batangazwa n’inyigisho ya Yezu?
ABAGENDANYI barananiwe kurangura igikorwa bari bashinzwe. Barungitswe gufata Yezu Kirisitu, mugabo bagarutse iminwe misa. Abaherezi bakuru n’Abafarizayo babasavye kwisigura, babaza bati: “Ko mutamuzanye?” Mu vy’ukuri, ni kubera iki abagendanyi batafashe umugabo atokoresheje inguvu ngo abarwanye? Ba bagendanyi basiguye bati: “Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.” Baratangajwe cane n’inyigisho ya Yezu ku buryo batoshoboye kwiyumvisha ubwabo ivyo gufata uwo mugabo w’umunyamahoro.a—Yohana 7:32, 45, 46.
2 Abo bagendanyi si bo bonyene batangajwe n’inyigisho ya Yezu. Bibiliya itubwira yuko abantu baje ari benshi kugira gusa bumvirize ukuntu avuga. Abantu bo mu gisagara ciwe c’amavukiro baratangajwe “n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe.” (Luka 4:22) Akenshi yaraganirije ari mu bwato ishengero ryinshi ry’abantu ritororokaniye ku nkengera y’Ikiyaga c’i Galilaya. (Mariko 3:9; 4:1; Luka 5:1-3) Igihe kimwe, “ishengero ryinshi” ryaragumanye na we imisi itari mike, mbere bakagenda ata n’ico batamiye.—Mariko 8:1, 2.
3. Ni imvo nyamukuru iyihe yatuma Yezu aba umwigisha yibonekeje gutyo?
3 Ni igiki catumye Yezu aba umwigisha yibonekeje? Urukundo ni rwo rwari yo mvo nyamukuru.b Yezu yarakunda ukuri ashikiriza, kandi yarakunda abantu yigisha. Mugabo Yezu yari afise kandi ubuhanga budasanzwe mu vyo gukoresha uburyo kirumara bwo kwigisha. Mu biganiro vyo kwiga biboneka muri iyi nomero, turaja guca irya n’ino bumwebumwe mu buryo kirumara yakoresha be n’ukuntu dushobora kumwigana.
Imvugo Yoroshe Kandi Itomoye
4, 5. (a) Ni kubera iki Yezu yakoresheje imvugo yoroshe mu kwigisha kwiwe, kandi kuba yabigize gutyo vyerekana iki? (b) Ni gute ya Nsiguro yo ku Musozi ari akarorero k’ukuntu Yezu yigisha mu buryo bworoshe?
4 Ku bantu bize, ni ibintu bimenyerewe gukoresha imvugo ababumviriza badashobora gutahura. Mugabo nimba ivyo tuvuga bidashobora gutahurwa n’abandi, bashobora gute kwungukira ku bumenyi bwacu? Bwa mwigisha, Yezu ntiyigera avuga ivyo abandi badatahura. Ibaze nawe urutonde rw’amajambo agenga ururimi yari gushobora gukoresha. Yamara, naho yari afise ubumenyi bwinshi, yiyumvira abamwumviriza, ntiyiyumvira ivyiwe. Yari azi yuko benshi muri bo bari abantu “batari barize bakaba n’abantu basanzwe.” (Ivyakozwe 4:13, NW) Kugira ngo aganire na bo, yakoresha imvugo abantu nk’abo bashobora gutahura. Ayo majambo ashobora kuba yari yoroshe, mugabo ukuri yashikiriza kwari ukugera ibwina.
5 Nk’akarorero, dufate ya Nkuru yo ku Musozi yanditswe muri Matayo 5:3–7:27. Yezu mu kuyishikiriza bishobora kuba vyamutwaye iminuta 20 gusa. Yamara, inyigisho ziri muri yo ni izigera ibwina, zikinjira mu mizi y’ibintu nk’ubusambanyi, ukwahukana be n’ugukunda amaronko. (Matayo 5:27-32; 6:19-34) Ariko rero, nta mvugo n’imwe igoye itahura canke iranga ubwibone irimwo. Kanatsinda, nta jambo na rimwe ririmwo mbere n’umwana atari gushobora gutahura bitagoranye! Birumvikana yuko igihe yarangiza, ishengero ry’abantu, iryarimwo kumbure abarimyi benshi, abungere benshi, be n’abarovyi benshi, ‘ryatangajwe n’uburyo yigisha’!—Matayo 7:28.
6. Nutange akarorero k’ukuntu Yezu yavuze amajambo yoroshe mugabo ari n’ikintu kinini avuze.
6 Mu gukoresha kenshi imvugo itomoye kandi ngufi, Yezu yavuga amajambo yoroshe mugabo ari n’ikintu kinini avuze. Muri ico kiringo c’imbere yuko habaho ibitabu bicapuwe, kubigenza gutyo vyatumye ubutumwa bwiwe bwiyandika mu mizirikanyi no mu mitima y’abamwumviriza ku buryo batavyibagira. Raba uturorero tumwetumwe: “Nta wusaba abami babiri: . . . Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.” “Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa.” “[M]uzobamenyera ku vyo bama.” “Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’abarwaye.” “[A]babanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota.” “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” “Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.”c (Matayo 6:24; 7:1, 20; 9:12; 26:52; Mariko 12:17; Ivyakozwe 20:35) Gushika muri iki gihe haciye hafi imyaka 2.000 ayo majambo akomeye avuzwe na Yezu, aribukwa bitagoranye.
Ugukoresha Ibibazo
7. Ni kubera iki Yezu yabaza ibibazo?
7 Yezu yarakoresheje ibibazo bimwe vyibonekeje. Ivyo akenshi yarabigira n’igihe vyari kuba vyotwaye umwanya muto kugira gusa abwire abamwumviriza iciyumviro nyamukuru. Ni kubera iki none yabaza ibibazo? Rimwe na rimwe, yakoresha ibibazo vyimba mu mizi kugira ngo ashire ku kabarore imigambi mibi y’abamurwanya, gutyo bigatuma banuma. (Matayo 12:24-30; 21:23-27; 22:41-46) Ariko rero, mu bihe bitari bike, Yezu yarafata umwanya wo kubaza ibibazo kugira ngo ashikirize ukuri, kugira ngo atume abamwumviriza baserura ibiri mu mitima yabo, kandi kugira ngo avyure yongere amenyereze ukwiyumvira kw’abigishwa biwe. Nimuze dusuzume uburorero bubiri, bwompi bukaba bwerekeye intumwa Petero.
8, 9. Yezu yakoresheje gute ibibazo kugira ngo afashe Petero gushika ku ciyumviro c’ukuri ku bijanye no kuriha ikori ry’urusengero?
8 Ubwa mbere, niwibuke igihe abatozakori babaza Petero nimba Yezu yarariha ikori ry’urusengero.d Petero, uwakunda rimwe na rimwe guca avuga atabanje kwiyumvira, yishuye ati: “Ego me.” Ariko rero, haciye akanya gato, Yezu yaramufashije kuzirikana: “Ugira ngw iki ga Simoni? Abami bo mw isi babugurisha canke batoza abahe? N’ababo canke n’abandi? Aramwishura, ati N’abandi. Yesu aramubgira, ati Noneh’ababo baracuna.” (Matayo 17:24-27) Iciyumviro ibibazo vya Yezu vyaserura Petero yari akwiye guca akibona. Kubera iki?
9 Mu gihe ca Yezu, abagize umuryango w’abami bari bazwi ko badatanga ikori. Gutyo, kubera ko yari Umwana w’ikinege w’Umwami wo mw’ijuru yasengerwa muri urwo rusengero, Yezu ntiyari akwiye gusabwa gutanga ikori. Urabona yuko aho kubwira gusa Petero inyishu nyakuri, Yezu yakoresheje ibibazo mu buryo ngirakimazi ariko burimwo ubwitonzi kugira ngo afashe Petero gushika ku ciyumviro c’ukuri, kumbure kandi kugira ngo abone ko bikenewe ko umuntu yiyumvira cane yitonze imbere yo kuvuga.
10, 11. Yezu yavyakiriye gute igihe Petero yaca ugutwi kw’umugabo umwe mw’ijoro rya Pasika yo mu 33 G.C., kandi ivyo vyerekana gute yuko Yezu yatahura agaciro ibibazo bifise?
10 Akarorero kagira kabiri kerekeye ikintu cabaye mw’ijoro rya Pasika yo mu 33 G.C., igihe ikivunga c’abantu baza gufata Yezu. Abigishwa barabajije Yezu nimba bari bakwiye kumurwanira. (Luka 22:49) Ata n’ukurindira inyishu, Petero yaciye aca ugutwi umugabo umwe n’inkota (n’aho Petero ashobora kuba yari afise intumbero yo kumugirira nabi bimwe bikomeye). Petero yakoze mu buryo buhushanye n’ukugomba kwa shebuja, kubera ko Yezu yari yiteguriye bimwe bishitse gufatwa. Yezu yavyakiriye gute? Kubera yuko yama yihangana, yabajije Petero ibibazo bitatu, ati: “Mbeg’igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?” “Ugira ngo sinoshobora kwinginga Data, na we akandungikira ubu nyene abamarayika basāga legiyono cumi na zibiri? Non’ivyanditswe vyoshika bite kw ari ko bikwiye kuba?”—Yohana 18:11; Matayo 26:52-54.
11 Zirikana gatoyi kuri iyo nkuru. Yezu yari akikijwe n’ikivunga c’abantu barakaye, azi yuko urupfu rwiwe rwari rwegereje, kandi yuko gukura iceyi kw’izina rya Se be n’ubukiriro bw’umuryango w’abantu ari we bihagazeko. Yamara, yaciye afata umwanya ubwo nyene wo kwinjiza ukuri guhambaye mu muzirikanyi wa Petero akoresheje ibibazo. Ntibigaragara none yuko Yezu yatahura agaciro ibibazo bifise?
Imvugo Ndezarugero Ikomeye
12, 13. (a) Imvugo ndenzarugero ni iki? (b) Yezu yakoresheje gute imvugo ndezarugero kugira ngo ashimike ku bupfu buri mu kunegura utunenge tw’abavukanyi bacu?
12 Mu busuku bwiwe, Yezu kenshi yarakoresha ubundi buryo kirumara bwo kwigisha, na bwo akaba ari imvugo ndezarugero. Ukwo ni ukurenza urugero umuntu agira nkana afise intumbero yo gushimika ku kintu. Akoresheje imvugo ndenzarugero, Yezu yaratuma umuntu yiha ishusho mu bwenge wasanga bigoye kwibagira. Reka turimbure uturorero dukeyi.
13 Muri ya Nsiguro yo ku Musozi, igihe Yezu yariko ashimika ku vy’uko bikenewe ‘kureka guhinyura’ abandi, yavuze ati: “Urābira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, kand’inkingi iri mu jisho ryawe ntuyitegereze?” (Matayo 7:1-3) Woba ushobora kwiha ishusho y’ivyo bintu? Hari umuntu afise impengamiro yo kunegurana asaba gukura akabango kari mu “jisho” rya mugenziwe. Uwo muntu anegurana yokwivugisha yuko mugenziwe adashobora kubona ibintu mu buryo butomoye bihagije bwotuma aca imanza nziza. Mugabo ubushobozi bwo guca urubanza nyene kunegurana afise usanga bwononwa n’“inkingi,” ni ukuvuga ikigiga canke ikigegene gishobora gukoreshwa mu gushigikira igisenge c’inzu. Ese ukuntu ari uburyo bw’intibagirwa bwo gushimika ku kuntu ari ubupfu kunegura utunenge tw’abavukanyi bacu mu gihe dushobora kuba ubwacu dufise amakosa akomakomeye!
14. Ni kubera iki amajambo ya Yezu yerekeye kumimina agatuku be no kuyongobeza ingamiya yari imvugo ndezarugero ihebuje?
14 Ikindi gihe, Yezu yarashize ku kabarore Abafarizayo ko ari ‘indongozi zihumye, zimimina agatuku ariko ingamiya zikayiyongobeza.’ (Matayo 23:24) Ukwo kwari ugukoresha imvugo ndenzarugero bimwe bikomeye. Kubera iki? Itandukaniro ryari hagati y’agatuku gatoyi cane be n’ingamiya yari kimwe mu bikoko bininibinini vyari bizwi n’abumviriza Yezu, ryari ritangaje. Bagereranya yuko vyosaba ubutuku imiliyoni 70 kugira ngo umuntu aronke ibiro bingana n’ivyo ingamiya igereranye ipima! Ikindi kandi, Yezu yari azi yuko Abafarizayo bamimina vino yabo bakoresheje ikimiminisho c’impuzu. Abo bantu bakurikiza amategeko inyuguti ku yindi babigenza gutyo kugira ngo birinde kumira agatuku, gutyo bakaba banduye mu bijanye n’imigenzo. Yamara, barayongobeza ingamiya mu buryo bw’ikigereranyo, na yo nyene ikaba yari ihumanye. (Abalewi 11:4, 21-24) Iciyumviro Yezu yashikirije cari gitomoye. Abafarizayo baritwararika birenze urugero ivy’ugukurikiza utuntu dutoduto twasabwa n’Ivyagezwe, mugabo bakirengagiza ibintu bihambaye kuruta ibindi, nk’“[u]guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera.” (Matayo 23:23) Ese ukuntu Yezu yashize ku kabarore mu buryo butomoye ukuntu bari bameze!
15. Ni ivyigwa bimwebimwe ibihe Yezu yigishije mu gukoresha imvugo ndezarugero?
15 Mu busuku bwiwe bwose, Yezu kenshi yarakoresha imvugo ndezarugero. Rimbura uturorero tumwetumwe. Mu mvugo ngo “ukwizera kungana n’akabuto [isase] ka sinapi” kwoba gushobora kwimura umusozi, nta bundi buryo burushirije kuba kirumara Yezu yari gushobora kuronka kugira ashimike ku vy’uko n’ukwizera gukeyi gushobora kurangura vyinshi. (Matayo 17:20) Ingamiya amahero igerageza guca mu zuru ry’urushinge! Ese ukuntu ico cerekana neza na neza ingorane ihanze umuntu w’umutunzi agerageza gukorera Imana mu gihe aba acumiye ku buryo bwo kubaho burangwa no kurondera amaronko! (Matayo 19:24) Ntutangazwa none n’imvugo z’ikigereranyo zikora ku mutima Yezu yakoresha be n’ubushobozi bwiwe bwo kugira ico ashitseko gihambaye akoresheje amajambo makeyi?
Uburyo bwo Kuzirikana Bwumvikana Umuntu Atoharira
16. Yezu yama nantaryo akoresha ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira mu buhe buryo?
16 Kubera ko yari afise umuzirikanyi utagira agasembwa, Yezu yari umuhanga mu vyo gufasha abantu kuzirikana mu buryo bwumvikana. Yamara, ntiyigeze akoresha nabi ubwo bushobozi. Mu kwigisha kwiwe, yama nantaryo akoresha ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira kugira ngo ashire imbere ukuri. Rimwe na rimwe, yakoresha uburyo bwo kuzirikana bukomeye kugira ngo abeshuze ibinyoma abamurwanya b’abanyamadini bamwagiriza. Mu bihe bitari bike, yarakoresheje uburyo bwo kuzirikana bwumvikana kugira ngo yigishe abigishwa biwe ivyigwa bihambaye. Reka turabe ubushobozi bukomeye Yezu yari afise bwo gukoresha uburyo bwo kuzirikana bwumvikana.
17, 18. Ni uburyo bwo kuzirikana bukomeye ubuhe Yezu yakoresheje mu kubeshuza ikirego kitari co c’Abafarizayo?
17 Rimbura igihe Yezu yakiza umugabo yiziziwe n’idayimoni yari impumyi kandi atashobora kuvuga. Abafarizayo bamaze kuvyumva, bavuze bati: “Uyu ntashobozwa n’ikindi gusenda abadayimoni, atari Beyezebuli [Shetani], umukuru w’abadayimoni.” Urabona yuko Abafarizayo bemera yuko ubushobozi burengeye ubw’umuntu bwari bukenewe kugira ngo amadayimoni ya Shetani asendwe. Ariko rero, kugira ngo babuze abantu kwizera Yezu, ububasha bwiwe babwitiriye Shetani. Mu kwerekana yuko batari babanje kwiyumvira bitonze ivyo bavuze, Yezu yishuye ati: “Ubgami bgose iyo bgitandukanije ubgabgo burahona. Igisagara cose n’umuryango wose iyo vyitandukanije ntibirama. Na Satani, yosenda Satani, yoba yitandukanije ubgiwe; non’ubgami bgiwe bgorama bute?” (Matayo 12:22-26) Kukaba nkako, Yezu yariko avuga ati: ‘Iyo mba nari umukozi wa Shetani nk’uko mubivuze, nkonona ivyo Shetani yakoze, ico gihe Shetani yoba ariko arakora ibiteye kubiri n’inyungu ziwe bwite, kandi ntiyorama.’ Ubwo bwari uburyo bwo kuzirikana bukomeye, none si ko?
18 Mu nyuma Yezu yarasubiye kuzirikana kuri ico kintu. Yari azi yuko bamwebamwe mu bigishwa b’Abafarizayo bigeze gusenda amadayimoni. Kubera ico, yaciye abaza ikibazo coroshe mugabo kivuruga ubwenge: “Jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni, abana [ari bo bigishwa] banyu bashobozwa na nde kubasenda?” (Matayo 12:27) Mu buryo bunaka, iciyumviro Yezu yashikirije cari iki: ‘Nimba mu vy’ukuri nsenda amadayimoni bivuye ku bubasha bwa Shetani, abigishwa banyu bwite rero bategerezwa kuba bakoreshwa n’ubwo bubasha nyene.’ Ni igiki Abafarizayo boshoboye kuvuga? Ntibokwigeze bemera yuko abigishwa babo bakoreshwa n’ububasha bwa Shetani. Akoresheje ubwo buryo bwo kuzirikana bwumvikana kandi ata muntu yoharira, Yezu yaratumye ibirego bamurega bigaragara ko bitumvikana.
19, 20. (a) Ni mu buryo buremesha ubuhe Yezu yakoresheje uburyo bwo kuzirikana bwumvikana? (b) Yezu yakoresheje gute imvugo ngo ‘mbega ntibirushiriza’ mu bijanye no kuzirikana igihe yishura ico abigishwa biwe bamusavye co kubigisha ukuntu bosenga?
19 Uretse ugukoresha uburyo bwo kuzirikana bwumvikana kugira ngo anumye abamurwanya, Yezu yarakoresha kandi ivyiyumviro vyumvikana, bijijura, kugira ngo yigishe ukuri kuremesha, kweza umutima kwerekeye Yehova. Mu bihe bitari bike, yarakoresha imvugo ngo ‘mbega ntibirushiriza’ mu bijanye no kuzirikana, afasha abamwumviriza gutera imbere bakava ku kuri basanzwe bazi bagashika ku gushwiruka kwiyongereye. Reka turimbure uturorero tubiri gusa.
20 Igihe yishura ku co abigishwa biwe bari bamusavye c’ukubigisha ukuntu bosenga, Yezu yavuze ikigereranirizo cerekeye umugabo ‘yaguma atakamba ata soni agira’ amaherezo bikajijura umugenzi atagira umutima w’ugushaka, agaheza akamuha ivyo amusaba. Yezu kandi yaravuze umutima ukunze abavyeyi bafise wo “guha . . . ingabire nziza” abana babo. Maze yasozereye avuga ati: “Mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?” (Luka 11:1-13, ni twe tubihiritse.) Iciyumviro Yezu yashikirije ntigishingiye ku vy’uko hariho isano, ahubwo gishingiye kw’itandukaniro rihari. Nimba umugenzi atagira umutima wo gushaka amaherezo yarajijuwe agashitsa ivyo uwo mubanyi wiwe akeneye, kandi nimba abavyeyi b’abanyagasembwa bitwararika ivyo abana babo bakeneye, mbega Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru ntazorushiriza guha impwemu yera abasavyi biwe b’intahemuka bamwegera mw’isengesho bicishije bugufi!
21, 22. (a) Ni uburyo bwo kuzirikana ubuhe Yezu yakoresheje igihe yatanga impanuro ku kuntu umuntu yobona amaganya yerekeye ibintu vy’umubiri? (b) Tumaze kwihweza bukeyi mu buryo Yezu yakoresha mu kwigisha, ni iciyumviro ikihe dushikako?
21 Yezu yakoresheje ukuzirikana nk’ukwo nyene igihe yatanga impanuro ku kuntu umuntu yobona amaganya yerekeye ibintu vy’umubiri. Yavuze ati: “Ni mwitegereze ibikōna, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububīko cank’ikigega, kand’Imana irabitunga: erega mwebge muruta ibisīga cane. Ni mwitegereze amashurwe, ingen’akura: ntiyīrirwa aratama, ntajisha impuzu: . . . Non’Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi irtyo, birih’uyu musi, ariko nk’ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebge ab’ukwizera guke mwe?” (Luka 12:24, 27, 28, ni twe tubihiritse.) Vyemere, nimba Yehova yitwararika inyoni n’amashurwe, mbega ntazorushiriza kwitwararika abasavyi biwe! Mwene ukwo kuzirikana kuranga ikibabarwe ariko gukomeye nta gukeka kwarakoze ku mutima w’abumviriza Yezu.
22 Tumaze gusubiramwo bukeyi mu buryo bwo kwigisha Yezu yakoresha, turashobora gusozera bitagoranye tuvuga yuko ba bagendanyi bananirwa kumufata, mu vy’ukuri batari barengeje urugero igihe bavuga bati: “Ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.” Mugabo uburyo bwo kwigisha butuma kumbure Yezu aba uwuzwi cane ni ukuntu yakoresha ibigereranirizo, canke imigani. Ni kubera iki yakoresheje ubwo buryo? Kandi ni igiki catumye ibigereranirizo vyiwe biba kirumara? Ivyo bibazo biraganirwako mu kiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Abo bagendanyi birashoboka ko boba bakora mw’Ikombe kandi barongowe n’abaherezi bakuru.
b Raba ikiganiro kivuga ngo “Mbahaye Akarorero” be n’ikivuga ngo ‘Guma Unkurikirau’ biri mu nomero y’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Myandagaro 2002.
c Ako gace ka nyuma dusanga mu Vyakozwe 20:35, kasubiwemwo gusa n’intumwa Paulo, naho insobanuro y’ayo majambo tuyisanga mu Njili. Paulo ashobora kuba yumvise ayo majambo ku munwa (haba ari ku mwigishwa yumvise Yezu ayavuga canke kuri Yezu yazutse) canke mu vyo yahishuriwe n’Imana.—Ivyakozwe 22:6-15; 1 Ab’i Korinto 15:6, 8.
d Abayuda basabwa gutanga ikori ry’urusengero ku mwaka ku mwaka ry’amashekeli abiri (nk’ingero umuntu aba yaciye mu misi ibiri). Ayo mahera y’ikori yakoreshwa mu kuriha ibijanye n’ukubungabunga urusengero, ibikorwa vyahakorerwa, be n’ibimazi vyatangwa ku musi ku musi bitangiwe iryo hanga.
Woba Uvyibuka?
• Ni uburorero ubuhe bwerekana yuko Yezu yigisha akoresheje imvugo yoroshe kandi itomoye?
• Ni kubera iki Yezu yakoresha ibibazo mu kwigisha kwiwe?
• Imvugo ndenzarugero ni iki, kandi Yezu ubwo buryo bwo kwigisha yabukoresheje gute?
• Yezu yakoresheje gute uburyo bwo kuzirikana bwumvikana kugira yigishe abigishwa biwe ukuri kweza umutima kwerekeye Yehova?
[Ifoto ku rup. 9]
Yezu yarakoresheje imvugo yoroshe abantu basanzwe bashobora gutahura
[Ifoto ku rup. 10]
Abafarizayo ‘baminina agatuku ariko ingamiya bakayiyongobeza’