“Mbahaye Akarorero”
“Mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga.”—ABAHEBURAYO 5:12.
1. Ni kubera iki amajambo yo mu Baheburayo 5:12 mu bisanzwe ari n’ukuntu ashobora gutuma Umukirisu yumva ko hariho ikimuraje ishinga?
UKO usoma amajambo yahumetswe ari mu canditswe cacu c’ishimikiro, woba hari ukuntu wumva urajwe ishinga n’ibikwerekeye? Nimba ari ukwo, nturi wenyene. Bwa bayoboke ba Kirisitu, turazi yuko dutegerezwa kuba abigisha. (Matayo 28:19, 20) Turazi yuko ibihe tubayemwo bituma biba ivyihutirwa yuko twigisha neza uko dushoboye kwose. Kandi turazi yuko inyigisho twigisha ishobora mbere gutuma abo twigisha baronka ubuzima canke bagapfa! (1 Timoteyo 4:16) Birumvikana rero ko twokwibaza duti: ‘Noba vy’ukuri ndi umwigisha nari nkwiye kuba ndi? Nshobora gute kugira ico ndyohoye?’
2, 3. (a) Umwigisha umwe yasiguye gute ishimikiro ry’ukwigisha neza? (b) Yezu yaduhaye akarorero akahe mu bijanye n’ukwigisha?
2 Ukuturaza ishinga nk’ukwo si ngombwa ngo kuduce intege. Nimba twiyumvira gusa ivyo kwigisha nk’ubuhinga buhanitse bumwebumwe umuntu yize, vyoshika tukiyumvamwo ko bigoye cane kugira ivyo turyohoye. Ariko rero, ishimikiro ry’ukwigisha neza si ubuhinga, ahubwo ni ikintu gihambaye cane rwose. Raba ivyo umwigisha umwe yakanongoreye yanditse mu gitabu kimwe kuri ico kibazo: “Kwigisha neza ntibihagaze ku buhinga kanaka canke ku buryo bwo guserura iciyumviro kanaka, ku migambi kanaka canke ku bikorwa kanaka. . . . Kwigisha ahanini ni ikibazo gisaba kugira urukundo.” Ego ni ko, yabona ibintu nk’umwigisha wo mw’isi. Mugabo, iciyumviro ciwe kirashobora mbere kurushiriza gukora ku kwigisha tugira bwa Bakirisu. Uti gute?
3 Nta wundi ari Karorero kacu mu vy’ukuba umwigisha atari Yezu Kirisitu, we yabwiye abayoboke biwe ati: “Mbahaye akarorero.” (Yohana 13:15) Yariko avuga akarorero kiwe mu vy’ukugaragaza ukwicisha bugufi. Mugabo, akarorero Yezu yaduhaye nta gukeka ko karimwo igikorwa nyamukuru yakoze igihe yari umuntu kw’isi, ni ukuvuga igikorwa co kwigisha abantu inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Luka 4:43) Ufatiye kuri ivyo, hamwe vyosaba ko uhitamwo ijambo rimwe wokoresha kugira ngo udondore ubusuku bwa Yezu, kumbure wohitamwo ijambo “urukundo,” si ko none? (Ab’i Kolosayi 1:15; 1 Yohana 4:8) Urukundo Yezu yakunda Se wiwe wo mw’ijuru, Yehova, rwari agahebuza. (Yohana 14:31) Ariko rero, bwa mwigisha, Yezu yaragaragaje urukundo mu bundi buryo bubiri. Yarakunda ukuri yigisha, agakunda n’abantu yigisha. Nimuze twitunire cane kuri iyo mice ibiri igize akarorero yaduhaye.
Urukundo Yakunda Ukuri kw’Imana Kuva Kera na Rindi
4. Yezu yatsimbataje gute ugukunda inyigisho za Yehova?
4 Inyifato umwigisha agira ku vyo yigisha iragira ico ikoze kinini ku kuntu yigisha. Abaye sindabibazwa na gatoyi, kumbure abanyeshure yigisha bazobibona maze bibandukire. Yezu nta ho yabaye sindabibazwa ku bijanye n’ukuri kw’agaciro yigisha kwerekeye Yehova n’Ubwami bwiwe. Urukundo Yezu yakunda ukwo kuri rwari urugera ibwina. Yari yaratsimbataje urwo rukundo igihe yari umunyeshure. Mu biringo bidaharurwa vy’ukubaho kwiwe imbere yuko aba umuntu nkatwe, uwo Mwana w’ikinege yari umwigishwa abishashaye. Muri Yesaya 50:4, 5 handitse aya majambo abereye agira ati: “Umwami Uhoraho ampaye ururimi rw’abigishwa, kugira ngo mmenye uko nosindagirisha ūrushe amajambo; ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza. Umwami Uhoraho anziburuye ugutwi, nanje sinabaye ikigāba, canke ngo mpindukire nsubire inyuma.”
5, 6. (a) Ni igiki cashikiye Yezu mu buryo buboneka igihe yabatizwa, kandi cagize ingaruka iyihe kuri we? (b) Ni itandukaniro irihe tubona hagati ya Yezu na Shetani mu vyo gukoresha Ijambo ry’Imana?
5 Uko yagenda arakura ari umuntu nkatwe kw’isi, Yezu yabandanije gukunda ubukerebutsi bw’Imana. (Luka 2:52) Gutyo, igihe yabatizwa, yarashikiwe n’ikintu kidasanzwe. Muri Luka 3:21 havuga hati: “Ijuru rirakinguruka.” Bisa n’uko ico gihe ari ho Yezu yaciye ashobora kwibuka ubuzima yagize imbere y’uko aba umuntu nkatwe. Inyuma y’aho, yaciye amara imisi 40 yisonzesha mu bugaragwa. Ategerezwa kuba yarahimbawe cane no kuzirikana ku nyigisho yari yarahawe na Yehova mu biringo vyinshi yamaze mw’ijuru. Ariko rero, budakeye na kabiri, urukundo yakunda ukuri kw’Imana rwarashizwe mu kigeragezo.
6 Igihe Yezu yari arushe kandi ashonje, Shetani yararondeye kumugerageza. Ese ukuntu abo bana babiri b’Imana bahushanye! Bompi barasubiyemwo amajambo yo mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, mugabo bafise agatima gatandukanye cane. Shetani yaragoretse Ijambo ry’Imana, arikoresha mu buryo butaranga icubahiro kugira ngo ashitse imigambi yiwe bwite iranga ubwikunzi. Mu vy’ukuri, uwo mugarariji nta kindi yagira atari ugusuzugura gusa ukuri kuva ku Mana. Ku rundi ruhande, Yezu yasubiramwo Ivyanditswe abigiranye urukundo ruboneka, agakoresha Ijambo ry’Imana n’ukwiyubara kwinshi mu nyishu yose yatanga. Yezu yari yabayeho igihe kirekire imbere yuko ayo majambo yahumetswe atangura kwandikwa, yamara yarayubashe. Yari agize ukuri kw’agaciro kuva kuri Se wiwe wo mw’ijuru! Yabwiye Shetani yuko amajambo nk’ayo ava kuri Yehova yari ahambaye cane kurusha imfungurwa. (Matayo 4:1-11) Vyemere, Yezu yarakunda ukuri kwose Yehova yari yaramwigishije. Ariko none, bwa mwigisha yagaragaje gute urwo rukundo?
Urukundo Yakunda Ukuri Yigisha
7. Ni kuki Yezu yirinze ivy’ukwishiriraho inyigisho ziwe bwite?
7 Urukundo Yezu yakunda ukuri yigisha rwama nantaryo rwibonekeza. Nakare, yari gushobora gutsimbataza ivyiyumviro vyiwe bwite bitamugoye. Yari afise ubumenyi bwinshi n’ubukerebutsi bwinshi. (Ab’i Kolosayi 2:3) Naho ari ukwo, yaguma aza aributsa abamwumviriza yuko ikintu cose yigisha kitava kuri we, ariko yuko cava kuri Se wiwe wo mw’ijuru. (Yohana 7:16; 8:28; 12:49; 14:10) Yarakunda cane ukuri kuva ku Mana ku buryo atogusubirije ivyiyumviro vyiwe bwite.
8. Mu ntango y’ubusuku bwiwe, Yezu yatanze akarorero gute mu vyo kwiheka kw’Ijambo ry’Imana?
8 Igihe Yezu yatangura ubusuku bwiwe bwo ku mugaragaro, yaciye buno nyene atanga akarorero. Rimbura uburyo yabwiye abasavyi b’Imana ari bwo bwa mbere yuko ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Yoba gusa yaja imbere y’ishengero ry’abantu, akivuga yuko ari Kirisitu, maze agaca akora ibitangaro bikomeye kugira ngo yemeze iciyumviro ciwe? Namba. Yaragiye mw’isinagogi, aho abasavyi b’Imana kenshi basoma mu Vyanditswe. Ngaho yarasomye n’ijwi rirenga ubuhanuzi bwo muri Yesaya 61:1, 2 maze arasigura yuko ukwo kuri kwo muri ubwo buhanuzi ari we kwerekeye. (Luka 4:16-22) Ibitangaro vyinshi yakoze vyarafashije kwerekana yuko yari afashwe mu mugongo na Yehova. Mugabo, yama nantaryo yiheka kw’Ijambo ry’Imana mu vyo yigisha.
9. Mu buryo yaganiriye n’Abafarizayo, Yezu yagaragaje gute urukundo rudahemuka akunda Ijambo ry’Imana?
9 Igihe Yezu yaharirizwa n’abamurwanya b’abanyamadini, ntiyaciye aja mu vyo gukwegurana na bo abereka ko abarusha ubwenge, naho yari gushobora kubatsinda bitagoranye muri urwo rugamba. Ahubwo, yararetse Ijambo ry’Imana aba ari ryo ribabeshuza. Nk’akarorero, niwibuke igihe Abafarizayo bagiriza abayoboke ba Yezu ko bari barenze ku cagezwe c’Isabato mu kumyoza udutwe dukeyi tw’ingano mu murima hanyuma bakarya mu gihe bariko bararengana. Yezu yishuye ati: “Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yar’asonzanye n’abāri kumwe na we?” (Matayo 12:1-5) Birumvikana, abo bagabo bibona ubugororotsi bashobora kuba bari barasomye iyo nkuru yahumetswe yanditse muri 1 Samweli 21:1-6. Nimba bari barayisomye, bari barananiwe gutegera icigwa gihambaye cari kiri muri yo. Ariko rero, Yezu ntiyari yarasomye iyo nkuru gusa. Yari yarayizirikanyeko yongera arashira ku mutima ubutumwa buri muri yo. Yarakunda ingingo ngenderwako Yehova yigishije biciye kuri ico canditswe. Ni co gituma yakoresheje iyo nkuru kimwe n’akarorero kavuye mu Vyagezwe vya Musa, kugira ngo ahishure ukuntu ivyo Vyagezwe vyari ibitegereka. Muri ubwo buryo nyene, urukundo rudahemuka rwa Yezu rwaramusunikiye ku gukingira Ijambo ry’Imana utwigoro indongozi z’amadini zagira kugira ngo zirigoreke ku bw’inyungu zazo bwite canke ngo zirihishe mu rusobangane rw’imigenzo y’abantu.
10. Yezu yaranguye gute ubuhanuzi bwerekeye ubwiza bw’ivyo yigisha?
10 Urukundo Yezu yakunda ukuri yigisha ntirwokwigeze rureka ngo yigishe gusa ivyo aza arasubiramwo ku mutwe, mu buryo burambira canke butarimwo inyiyumvo. Ubuhanuzi bwahumetswe bwari bwaravuze yuko Mesiya yovuganye ‘igikundiro ku minwa yiwe,’ akoresheje “amajambo meza.” (Zaburi 45:2; Itanguriro 49:21) Yezu yararanguye ubwo buhanuzi mu gutuma ubutumwa bwiwe buguma bushimishije kandi ari buzima, akoresheje “amajambo y’igikundiro” igihe yigisha ukuri yakunda cane. (Luka 4:22) Ubushwashwanutsi bwiwe ntibubuze kuba bwatuma abiserura mu maso, amaso yiwe na yo agakayanganamwo ugushimishwa gukomeye n’ivyo yigisha. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyari biteye umunezero kumwumviriza, kandi ese ingene ari akarorero keza twebwe twokurikira igihe tubwira abandi ibijanye n’ivyo twize!
11. Ni kuki ubushobozi Yezu yari afise bwa mwigisha butigeze butuma yikakisha?
11 Ugutahura kwinshi ivyerekeye ukuri kuva ku Mana Yezu yari afise be n’uburyo amajambo yiwe yakwegera, vyoba vyamutumye yikakisha? Ivyo kenshi birakunda gushika ku vyerekeye abigisha b’abantu. Ariko rero, ibuka yuko Yezu yari inkerebutsi ku buryo vyagaragaza ugutinya Imana kwiwe. Ubukerebutsi nk’ubwo butuma umuntu atagira ubwibone, kubera “ubu[kerebutsi] bubana n’abicish[a] bugufi.” (Imigani 11:2) Hariho ikindi kintu catuma Yezu atagira ubwishime canke ngo agire ubwibone.
Yezu Yarakunda Abantu Yigisha
12. Yezu yerekanye gute yuko atashaka ko abayoboke biwe bumva ko bamutinye?
12 Urukundo rugera ibwina Yezu yakunda abantu rwama nantaryo rugaragarira mu vyo yigisha. Inyigisho ziwe ntizigera zituma abantu bagira ubwoba, zari zihushanye n’iz’abantu b’abanyabwibone. (Umusiguzi 8:9) Petero amaze kwibonera kimwe mu bitangaro Yezu yakoze, yararengewe n’ugutangara, maze yikubita imbere y’amavi ya Yezu. Mugabo Yezu ntiyashaka yuko abayoboke biwe bamutinya mu buryo butabereye. Yaciye avuga n’ubugwaneza ati “Nta co utinya,” hanyuma abwira Petero ivyerekeye igikorwa c’inkoramutima co guhindura abantu abigishwa, ari na co yogizemwo uruhara. (Luka 5:8-10) Yezu yashaka yuko abigishwa biwe basunikwa n’urukundo ubwabo bakunda ukuri kw’agaciro kwerekeye Imana, atari ugutinya umwigisha wabo.
13, 14. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yezu yagaragarije abantu impuhwe?
13 Urukundo Yezu yakunda abantu yigisha rwaragaragaye kandi mu kuntu yabumvira impuhwe. “Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Matayo 9:36) Yarabumvira impuhwe kubera ko bari bamerewe nabi, agashaka kubafasha.
14 Raba impuhwe Yezu yagaragaje ikindi gihe. Igihe umugore umwe yari arwaye ubutinyanka yamwegera mw’ishengero ry’abantu agakora ku mutwe w’impuzu yiwe, yaciye akira ku gitangaro. Yezu yaciye yumva hari ububasha bumuvuyemwo, ariko ntiyabona uwari akize. Yagumye ashaka kubona uwo mugore. Kubera iki? Si uko yashaka kumuhambarira kubera arenze ku Vyagezwe canke ku mategeko y’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo, ari na co nya mugore ashobora kuba yaratinya. Ahubwo, yamubwiye ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.” (Mariko 5:25-34) Raba izo mpuhwe ziri muri ayo majambo. Ntiyavuze gusa ngo “Nukire.” Ahubwo, yavuze ati: “Ukire rwose icago cawe.” Mariko hano akoresha ijambo urudome ku rundi rishobora gusobanura “gutonagura,” akaba ari uburyo bwo gukubita kenshi bwakoreshwa nk’ugukanagiza. Gutyo, Yezu yaremeye icese yuko indwara yari arwaye yari yaramuteje umubabaro, kumbure umubabaro ukaze wo ku mubiri no mu mutima. Yaramwumviye impuhwe.
15, 16. Ni ibiki vyabaye mu busuku bwa Yezu vyerekana yuko yarondera iciza mu bantu?
15 Yezu kandi yarerekanye urukundo yakunda abantu mu kurondera iciza kiri muri bo. Rimbura ivyabaye igihe yahura na Natanayeli, uwahavuye aba intumwa. “Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako, at’Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ubugunge.” Mu buryo bw’igitangaro, Yezu yari yaravye mu mutima wa Natanayeli, gutyo aramenya vyinshi ku bimwerekeye. Ariko ntiwumve, Natanayeli yari umuntu adatunganye. Yari afise amahinyu, nk’uko natwe twese tuyafise. Kukaba nkako, aho yumviye ivyerekeye Yezu, hari ukuntu yaciye avuga amajambo ataranga ukwiyubara ati: “Mbeg’i Nazareti hova iciza?” (Yohana 1:45-51) Ariko rero, mu bintu vyose vyashoboye kuvugwa ku vyerekeye Natanayeli, Yezu yahisemwo ikintu ciza aba ari co ashimikako, na co kikaba cari ukuntu atagira ubugunge.
16 Muri ubwo buryo nyene, igihe umugabisha w’abasoda, kumbure yari Umunyamahanga w’Umuroma yegera Yezu hanyuma akamusaba gukiza umushumba wiwe arwaye, Yezu yari azi yuko uwo musoda yari afise amahinyu. Umugabisha w’abasoda wo muri ico gihe ashobora kuba yahora akora ibikorwa vyinshi biranga ubukazi, ugusesa amaraso be n’ugusenga kw’ikinyoma. Yamara, Yezu yituniye ku kintu ciza, ni ukuvuga ukwizera kwibonekeje uwo mugabo yari afise. (Matayo 8:5-13) Mu nyuma, igihe Yezu yavugisha ya nkozi y’ikibi yari imanitswe iruhande yiwe ku giti co kubabarizwako, Yezu ntiyakankamiye uwo mugabo kubera ibintu bibi yahora akora, ahubwo yaramuremesheje mu kumuha icizigiro ca kazoza. (Luka 23:43) Yezu yari azi neza yuko kubona abandi mu buryo bubi, bwo kubacira urubanza, ata kindi vyokoze atari ukubaca intege. Nta nkeka ko utwigoro yagize two kubona iciza mu bandi twaremesheje benshi gukora mbere neza gusumba.
Umutima Ukunze wo Gukorera Abandi
17, 18. Mu kwemera kurungikwa ngo aze kw’isi, Yezu yerekanye gute umutima ukunze wo gukorera abandi?
17 Ikindi kimenyamenya c’ububasha kigaragaza urukundo Yezu yakunda abantu yigisha wari umutima wiwe ukunze wo kubakorera. Mu buzima yagize imbere yuko aba umuntu nkatwe, Umwana w’Imana yari yamye nantaryo ahimbarwa n’umuryango w’abantu. (Imigani 8:30, 31) Bwa “Jambo” wa Yehova canke umuvugizi wiwe, ashobora kuba yarinovora ubucuti bwinshi yagiranira n’abantu. (Yohana 1:1) Ariko rero, kimwe mu vyatumye aza kw’isi kwari ukugira ngo yigishe abantu mu buryo burushirije kuba uburashe, “yīsi[ze] ubusa, yābīr[iye] ishusho y’umugurano,” aheba ikibanza ciwe gihambaye co mw’ijuru. (Ab’i Filipi 2:7; 2 Ab’i Korinto 8:9) Igihe yari kw’isi, Yezu ntiyitega gukorerwa. Ahubwo, yavuze ati: “Umwana w’umuntu [ntiya]zanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubu[zima] bgiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Yezu yararanguye ayo majambo bimwe bishitse.
18 Yezu yarafashije yicishije bugufi abo yigisha mu vyo bari bakeneye, arabitangira ata kugonanwa. Yaragendagenze Igihugu c’Isezerano n’amaguru, aragenda ibirometero amajana n’amajana agira ingendo zo kwamamaza, kugira ashobore gushikira abantu benshi bashoboka. Mu buryo butandukanye na ba Bafarizayo be n’abanyabwenge b’ivyanditswe b’abanyabwibone, we yagumye yicisha bugufi kandi akaba uwegereka. Abantu b’uburyo bwose, abanyacubahiro, abasoda, abashingwamanza, abagore, abana, aboro, abarwaye, eka mbere n’abantu ikibano cakumira, baramwegera n’igishika, ata gutinya. Naho yari atunganye, Yezu yari umuntu nkatwe, yararuha n’ugusonza agasonza. Ariko rero, n’igihe mbere yari arushe canke akeneye kuruhuka canke akeneye umwanya w’agacerere ko gusenga, yashira imbere ivyo abandi bakeneye aho gushira imbere ivyiwe.—Mariko 1:35-39.
19. Yezu yatanze akarorero gute mu gufata abigishwa biwe mu buryo buranga ukwicisha bugufi, ukwihangana n’ubugwaneza?
19 Yezu kandi yari afise umutima ukunze wo gukorera abigishwa biwe bwite. Yabigira mu kubigisha abigiranye ubugwaneza n’ukwihangana. Igihe bateba gutahura ivyigwa bimwebimwe bihambaye, ntiyaca aheba, ngo ashavure, canke ngo abahambarire. Yabandanya kurondera ubundi buryo bwo kubafasha gutahura iciyumviro ashikirije. Nk’akarorero, iyumvire gatoyi, kangahe abigishwa baguma bahazuka bashaka kumenya umukuru muri bo uwo ari we. Incuro n’izindi, gushika mw’ijoro rya nyuma imbere yuko yicwa, Yezu yararondeye ubundi buryo bwo kubigisha gufatana mu buryo buranga ukwicisha bugufi. Kuri ico kibazo co kwicisha bugufi, cokimwe no mu bindi bintu vyose, Yezu yarashoboye kuvuga bikwiriye ati: “Mbahaye akarorero.”—Yohana 13:5-15; Matayo 20:25; Mariko 9:34-37.
20. Ni uburyo ubuhe bwo kwigisha bwatumye Yezu aba uwutandukanye n’Abafarizayo, kandi ni kuki ubwo buryo bwari ngirakimazi?
20 Urabona yuko Yezu atapfuye kubwira abigishwa biwe ako karorero ako ari ko; “[yara]bahaye akarorero.” Yabigisha akoresheje akarorero. Ntiyabavugisha nk’aho we ari umukuru kuri bo, nk’aho yifata ko arengeye gukora ibintu vyose yababwira gukora. Ukwo ni ko Abafarizayo bakora. Yezu yavuze ibiberekeye ati: “[I]vyo bavuga [si] vyo bakora.” (Matayo 23:3) Yezu yareretse yicishije bugufi abigishwa biwe neza na neza ico inyigisho ziwe zasobanura mu kubaho azisunga, azishira mu ngiro. Ni co gituma igihe yahimiriza abayoboke biwe kugira ubuzima bworoshe butuzuye ibihinda, bitasaba ko bahwihwisha ku co yashaka kuvuga. Barashobora kubona ko aya majambo yiwe ari ay’ukuri: “Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’Umwana w’umuntu we ntagira ah’arambika umusaya.” (Matayo 8:20) Yezu yakorera abigishwa biwe mu kubaha akarorero abigiranye ukwicisha bugufi.
21. Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
21 Nta mazinda, Yezu yari we Mwigisha ahambaye kuruta ababayeho bose kw’isi! Urukundo yakunda ivyo yigisha n’urwo yakunda abantu yigisha rwarigaragaje ku bantu bose b’umutima nziraburyarya bamubonye kandi bakamwumva. Ruragaragara nk’ukwo nyene, no kuri twebwe muri iki gihe twiga akarorero yatanze. None, dushobora gute gukurikira akarorero katagira agahaze ka Kirisitu? Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ico kibazo.
Wokwishura Gute?
• Ishimikiro ry’ukwigisha neza ni irihe, nk’uko ryatangiwe akarorero na nde?
• Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Yezu yerekanye urukundo yakunda ukuri yigisha?
• Yezu yerekanye gute urukundo yakunda abantu yigisha?
• Ni uburorero ubuhe bwerekana umutima ukunze Yezu yari afise wo kwicisha bugufi kugira ngo akorere abo yigisha?
[Ifoto ku rup. 12]
Yezu yerekanye gute yuko yakunda ingingo ngenderwako ziri mw’Ijambo ry’Imana?