Yezu Kristu, wa Mumisiyonari mukuru
“Ndi uwumuserukira yavuye kuri we, kandi Uwo yarantumye”.—YOH. 7:29.
1, 2. Ijambo “umumisiyonari” risobanura iki, kandi ni nde ashobora kwitwa Umumisiyonari mukuru?
NI IGIKI uca ubona mu bwenge igihe wumvise ijambo “umumisiyonari”? Hari abaca biyumvira ba bamisiyonari bo mu madini y’abiyita abakirisu, benshi muri bo bakaba bivanga mu vya politike no mu vy’ubutunzi vyo mu bihugu baba bakoreramwo. Ariko rero, kubera ko uri Icabona ca Yehova, birashoboka ko weho uca wiyumvira abamisiyonari barungikwa n’Inama Nyobozi kugira ngo bamamaze inkuru nziza mu bihugu bitandukanye hirya no hino kw’isi (Mat. 24:14). Abo bamisiyonari barahebera ico gikorwa giteye iteka umwanya wabo n’inguvu zabo ata bwikunzi kugira ngo bafashe abantu kwiyegereza Yehova Imana no kugiranira na we ubucuti bw’agaciro.—Yak. 4:8.
2 Ijambo “umumisiyonari” be n’ijambo “abamisiyonari” ntaboneka mu gisomwa nyamukuru c’Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe Vyeranda. Yamara rero, akajambo k’epfo dusanga mu Banyefeso 4:11 muri ya Bibiliya y’amarabiro (Bible de référence) gatanga iciyumviro c’uko ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “abamamaji b’injili” rishobora kandi guhindurwa ngo “abamisiyonari”. Yehova ni we Mwamamaji w’injili mukuru, ariko ntashobora kwitwa Umumisiyonari mukuru, kuko ata muntu n’umwe yigeze amutuma. Yamara, Yezu Kristu yavuze ku bijanye na Se wiwe wo mw’ijuru ati: “Ndi uwumuserukira yavuye kuri we, kandi Uwo yarantumye” (Yoh. 7:29). Mu kugaragaza urukundo ruhambaye Yehova akunda abari mw’isi, yararungitse Umwana wiwe w’ikinege kw’isi (Yoh. 3:16). Yezu arashobora kwitwa Umumisiyonari mukuru, ni ukuvuga Umumisiyonari ntangere, kubera ko ‘gushingira intahe ukuri’ ari kimwe mu vyatumye arungikwa kw’isi (Yoh. 18:37). Yarashoboye bimwe bishitse gutangaza inkuru nziza y’Ubwami, kandi ivyiza vyavuye mu murimo yaranguye n’ubu turacavyungukirako. Nk’akarorero, twaba turi abamisiyonari canke tutari bo, turashobora gukurikiza mu busuku bwacu uburyo yakoresha mu kwigisha.
3. Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?
3 Uruhara Yezu yaranguye ari umwamamaji w’Ubwami rutuma twibaza ibibazo mwene ibi: Ni ibiki vyashikiye Yezu ngaha kw’isi? Ni kubera iki inyigisho ziwe zari ngirakamaro? Kandi ni igiki catumye ubusuku bwiwe bugenda neza?
Yari afise umutima ukunze wo gukorera ahantu atari amenyereye
4-6. Ni amahinduka amwamwe ayahe Yezu yihanganiye bivuye ku kuba yararungitswe kw’isi?
4 Abamisiyonari bo muri iki gihe be n’abakirisu bamwebamwe bimukira aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi, hari aho usanga babwirizwa kumenyera uburyo bwo kubaho buri musi y’ubwo bahorana. Mugabo, ntidushobora mbere no kwiha ishusho y’itandukaniro ryari hagati y’ukuntu ivya Yezu vyari vyifashe kw’isi be n’uko vyari vyifashe mw’ijuru, aho yabana na Se ari kumwe n’abamarayika bakorera Yehova babitumwe n’imvo zityoroye (Yobu 1:6; 2:1). Ese ukuntu ivyo vyari bitandukanye cane n’ukuba mu bantu b’abacumuzi mw’isi yononekaye (Mrk. 7:20-23)! Mbere vyaranabaye ngombwa ko Yezu yihanganira agatima ko guhiganwa kari mu bigishwa biwe somambike (Luka 20:46; 22:24). Emwe, ibintu vyose vyamushikiye ngaha kw’isi yaravyifashemwo neza cane.
5 Yezu ntiyatanguye kuvuga ururimi rw’abantu ku gitangaro; yatanguye kurwiga akiri uruyoya. Mbega ihinduka rikomeye ku wahora ategeka abamarayika mw’ijuru! Igihe Yezu yari kw’isi, yarakoresheje n’imiburiburi rumwe mu “ndimi z’abantu”. Urwo rurimi rwari rutandukanye rwose n’‘indimi z’abamarayika’ (1 Kor. 13:1). Ariko rero, ku bijanye n’ugukoresha amajambo y’igikundiro, nta muntu n’umwe yigeze kunganya na Yezu.—Luka 4:22.
6 Rimbura ubundi buryo butandukanye bwerekana ukuntu habaye amahinduka akomeye ku bijanye n’Umwana w’Imana igihe yaza ngaha kw’isi. Naho Yezu atarazwe icaha kiva kuri Adamu, yarabaye umuntu cokimwe n’abahavuye bacika “abavukanyi” biwe, ari bo bayoboke biwe basizwe (Soma Abaheburayo 2:17, 18.). Mw’ijoro rya nyuma ry’ubuzima bwiwe bwo ngaha kw’isi, Yezu yararetse gusaba Se wiwe wo mw’ijuru kurungika “legiyoni z’abamarayika zirenga cumi na zibiri”. Ariko, zirikana gatoyi ku bijanye n’abamarayika ubwiwe yigeze kuba afiseko ubukuru ari Mikaheli wa Mumarayika mukuru (Mat. 26:53; Yuda 9)! Ego ni ko, Yezu yarakoze ibitangaro; ariko, ivyo yakoze igihe yari kw’isi hari ukuntu vyari n’aho bigarukira ugereranije n’ivyo yoshoboye kuba yari gukora ari mw’ijuru.
7. Abayuda bavyifashemwo gute ku bijanye na rya Tegeko?
7 Yezu, ari we “Jambo” igihe atari bwabe umuntu nkatwe, ashobora kuba ari we yari Umuvugizi w’Imana yayoboye Abisirayeli mu bugaragwa (Yoh. 1:1; Kuv. 23:20-23). Ariko rero, bari ‘bararonse Itegeko nk’uko ryashikirijwe n’abamarayika mugabo ntibarigumya’ (Ibik. 7:53; Heb. 2:2, 3). Nkako, indongozi z’idini ry’Abayuda zo mu kinjana ca mbere ntizatahuye insobanuro nyakuri y’iryo Tegeko. Nk’akarorero, rimbura ibijanye n’itegeko ry’Isabato (Soma Mariko 3:4-6.). Abanditsi n’Abafarizayo “[bari]rengagije ibihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ari vyo butungane n’imbabazi n’ukwizigirwa” (Mat. 23:23). Naho vyari ukwo, Yezu ntiyatanye n’akabando ngo areke kubamenyesha ukuri.
8. Ni kubera iki Yezu ashobora kudufasha?
8 Yezu yari afise umutima ukunze. Urukundo yakunda abantu rwaragize ico rukoze muri we maze aragira icipfuzo gikomeye co kubafasha. Ntiyigeze atakaza agatima yari afise ko kwamamaza injili. Vyongeye, kubera ko Yezu yagumye ari umwizigirwa kuri Yehova igihe yari ngaha kw’isi, “ya[ra]citse uwujejwe ubukiriro budahera ku bamugamburukira bose”. N’ikindi kandi, “kubera ko we ubwiwe yababajwe igihe yariko aragezwa, arashoboye gutabara abariko baragezwa [nkatwe]”.—Heb. 2:18; 5:8, 9.
Ni umwigisha yari yaramenyerejwe neza
9, 10. Ni ukumenyerezwa bwoko ki Yezu yaronse imbere y’uko arungikwa ngaha kw’isi?
9 Imbere y’uko abakirisu bo muri iki gihe barungikwa gusukura ari abamisiyonari, Inama Nyobozi iratunganya ibijanye n’uko bamenyerezwa. None Yezu Kristu yoba yaramenyerejwe? Ego cane. Yamara we, imbere y’uko asigwa impwemu akaba Mesiya, ntiyabanje guca mu mashure y’Abarabi canke ngo yigishirizwe imbere y’ibirenge vya zimwezimwe mu ndongozi z’idini zari rurangiranwa (Yoh. 7:15; gereranya n’Ibikorwa 22:3.). Ni kubera iki none Yezu yari akwije ibisabwa ukuraho vyo kwigisha?
10 Turetse ivyo Yezu ashobora kuba yarigiye kuri Mariya nyina wiwe be no kuri Yozefu se wiwe murezi, ukumenyerezwa kwiwe nyamukuru ku bijanye n’ubusuku yagukuye kw’Isoko riri hejuru kuruta ayandi yose. Ku bijanye n’iryo soko, Yezu yavuze ati: “[Sina]vuze ndavyitumye, ahubwo Data ubwiwe yandungitse ni we yampaye ibwirizwa ry’ivyo ntegerezwa kumenyesha n’ivyo ntegerezwa kuvuga” (Yoh. 12:49). Urabona ko uwo Mwana yahawe ubuyobozi butomoye bujanye n’ivyo yokwigishije. Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, nta gukeka ko yamaze igihe kinini yumviriza ubuyobozi bwa Se wiwe. Wumva none atashoboye kuronka ukumenyerezwa kwiza kuruta?
11. Yezu yiganye ku rugero rungana gute ukuntu Se wiwe afata umuryango w’abantu?
11 Kuva uwo Mwana akiremwa, yaragiriraniye na Se ubucuti bwa hafi. Imbere y’uko Yezu aba umuntu nkatwe, yaratahuye ukuntu Yehova Imana afata abantu mu kwihweza ingene yabitwararika. Urukundo Imana ikunda abantu rwaragaragariye muri uwo Mwana gushika naho, adondowe ko ari ubukerebutsi bwafashwe nk’umuntu, yashoboye kuvuga ati: “Mpimbarwa n’abana b’abantu”.—Imig. 8:22, 31.
12, 13. (a) Yezu yigiye gute ku kwihweza ingene Se wiwe yafata Abisirayeli? (b) Yezu yakoresheje gute ukumenyerezwa yari yararonse?
12 Ukumenyerezwa uwo Mwana yaronse kwarimwo n’ukwihweza ingene Se wiwe yatorera umuti ibintu bigoye cane. Nk’akarorero, rimbura ukuntu Yehova yafata Abisirayeli bigira ibiro biteze. Muri Nehemiya 9:28 havuga hati: “Ngo babone impore, bagasubira gukorera ibibi imbere yawe [Yehova], nawe ukongera kubagabura mu maboko y’abansi babo bakabaganza. Mugabo, basubiye kugutakambira ukabumva uri mw ijuru, ukabarokora ibihe n’ibihe kubg’imbabazi zawe”. Kubera ko Yezu yakoranye na Yehova akongera akamwihweza, yaragiriye impuhwe nk’iza Se abantu bo mu cibare ciwe.—Yoh. 5:19.
13 Ukumenyerezwa Yezu yari yararonse yaragushize mu ngiro igihe yafatana impuhwe abigishwa biwe. Muri rya joro ry’imbere y’uko apfa, intumwa ziwe zose yari yarakunze cane ‘zaramutaye, zirahunga’ (Mat. 26:56; Yoh. 13:1). Intumwa Petero yaranihakanye Kristu incuro zitatu zose! Yamara rero, Yezu yagumye yiteguriye kwakira izo ntumwa ziwe yizigiye ko zoshoboye kugaruka kuri we. Yabwiye Petero ati: “Natakamvye ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere; nawe, niwamara kugaruka, ukomeze abavukanyi bawe” (Luka 22:32). Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu yarashoboye gushingwa ku “ntumwa n’abahanuzi”, kandi amabuye y’umushinge agize uruhome rwa Yeruzalemu Nshasha aranditseko amazina ya za ntumwa 12 z’intahemuka za wa Mwagazi w’intama ari we Yezu Kristu. Muri iki gihe, abakirisu basizwe hamwe na bagenzi babo biyeguriye Imana, ni ukuvuga abagize “izindi ntama”, barasagamvye uko bagize ishirahamwe ryamamaza Ubwami bari munsi y’ukuboko kw’inkomezi kw’Imana kandi bayobowe n’Umwana wiwe mukundwa.—Ef. 2:20; Yoh. 10:16; Ivyah. 21:14.
Ingene Yezu yigisha
14, 15. Ni mu buryo butandukanye ubuhe inyigisho za Yezu ata ho zasa zisana n’iz’abanditsi n’Abafarizayo?
14 None ukumenyerezwa Yezu yari yararonse yagushize mu ngiro gute mu kwigisha abayoboke biwe? Igihe tugereranije inyigisho Yezu yatanga be n’izo indongozi z’idini ry’Abayuda zatanga, duca tubona neza ko uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha bwari ruheta. Abanditsi n’Abafarizayo bari ‘baratituye ijambo ry’Imana kubera umugenzo wabo’. Yezu we, ntiyavuga ivyo yibwiye; yaguma yumiye kw’ijambo ry’Imana, ari bwo butumwa bwayo (Mat. 15:6; Yoh. 14:10). Ivyo ni vyo na twebwe dukwiye kugira.
15 Hariho ikindi kintu catuma Yezu aba uwutandukanye rwose n’izo ndongozi z’idini. Ku bijanye n’abanditsi be n’Abafarizayo, yavuze ati: “Ivyo bababwira vyose . . . , mubikore kandi mubikurikize, mugabo ntimukore nk’uko ibikorwa vyabo biri, kuko bavuga mugabo ntibakore” (Mat. 23:3). Yezu yarashira mu ngiro ivyo yigisha. Reka turimbure akarorero kamwe kerekana ko imvugo yiwe yajana n’ingiro.
16. Ni kubera iki wovuga ko Yezu yabayeho ahuza n’amajambo yavuze dusanga muri Matayo 6:19-21?
16 Yezu yarahimirije abigishwa biwe ‘kwirundaniriza amatunga mw’ijuru’ (Soma Matayo 6:19-21.). None Yezu yoba ubwiwe yabayeho yisunga iyo nkeburo? Egome, kubera ko yashoboye kuvugisha ukuri ku bimwerekeye ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe” (Luka 9:58). Yezu yabayeho mu buryo bubayabaye. Gutangaza inkuru nziza y’Ubwami ni co kintu ca mbere yitwararika, kandi yarerekanye ico bisobanura kwirinda amaganya aterwa n’ukwirundaniriza amatunga mw’isi. Yezu yarerekanye ukuntu ari vyiza kwirundaniriza amatunga mw’ijuru, “aho ata bunyundo canke ingese biyarya, aho kandi ata bisuma bimena ngo vyibe”. Woba uriko urakurikiza iyo nkeburo Yezu yatanze ijanye no kwirundaniriza amatunga mw’ijuru?
Kamere zatuma Yezu akundwa n’abantu
17. Ni kamere izihe zatumye Yezu aba umwamamaji w’injili adasanzwe?
17 Ni kamere izihe zatumye Yezu aba umwamamaji w’injili adasanzwe? Imwe muri izo kari agatima yagaragariza abantu yafasha. Ukwicisha bugufi, urukundo be n’impuhwe ni zimwezimwe muri kamere nziza za Yehova Yezu yagaragaje. Raba ukuntu izo kamere zatumye abantu benshi biyegereza Yezu.
18. Ni kubera iki bishobora kuvugwa ko Yezu yicisha bugufi?
18 Kubera ko Yezu yemeye kuza ngaha kw’isi, “ya[ra]hevye vyose afata imero y’umushumba, acika uwusa n’abantu” (Flp. 2:7). Ico cari ikintu kiranga ukwicisha bugufi. Vyongeye, Yezu ntiyakengera abantu. Ntiyagaragaje agatima ko kuvuga ngo ‘Jewe naje mvuye mw’ijuru, ku bw’ivyo rero mukwiye kunyumviriza’. Yezu yari atandukanye n’abiyita ngo ni ba mesiya. Wewe ntiyagenda aravuza inzamba ngo ni we yari Mesiya w’ukuri. Rimwe na rimwe yarabuza abantu kubwira abandi uwo yari ari canke ivyo yaba yakoze (Mat. 12:15-21). Yezu yashaka ko abantu baba ari bo bifatira ingingo yo kumukurikira bishimikije ivyo baba biboneye. Ese ukuntu abigishwa biwe bahezagiwe cane kubona Umukama wabo atitega ko baba nk’abamarayika batunganye yahora akorana na bo mw’ijuru!
19, 20. Ni mu buryo ki urukundo n’impuhwe vyatumye Yezu afasha abantu?
19 Yezu kandi yaragaragaza urukundo, iyo na yo ikaba ari kamere nkuru ya Se wiwe wo mw’ijuru (1 Yoh. 4:8). Yezu yigisha abamwumviriza abitumwe n’urukundo. Nk’akarorero, rimbura ukuntu yumvise amerewe ku bijanye n’umutware umwe yari akiri muto (Soma Mariko 10:17-22.). Yezu ‘yumvise amukunze’ maze aca ashaka kumufasha; ariko uwo mutware akiri muto ntiyahevye ibintu vyinshi yari atunze kugira ngo abe umuyoboke wa Kristu.
20 Muri kamere z’igikundiro za Yezu harimwo n’ukuba yari umunyempuhwe. Cokimwe n’abantu bose b’abanyagasembwa, abemera inyigisho ziwe bari baremerewe n’ingorane. Kubera ko ivyo Yezu yari abizi, yarabigisha abigiranye impuhwe n’ikigongwe. Reka tubitangire akarorero. Igihe kimwe, Yezu n’intumwa ziwe bari bafise vyinshi bakora ku buryo bataronse n’akanya ko gufungura. Ariko none, Yezu yavyifashemwo gute igihe yabona isinzi ryari rikoraniye hamwe? Bibiliya yishura iti: “Bamutera ikigongwe, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere. Aca atangura kubigisha ibintu vyinshi” (Mrk. 6:34). Yezu yarabonye ko abo bantu bo mu cibare ciwe bari bateye ikigongwe maze aca aritanga mu kubigisha no mu gukora ibitangaro ku bw’ineza yabo. Bamwebamwe barakwegerewe n’izo kamere ziwe nziza, barakorwa ku mutima n’amajambo yiwe maze baracika abigishwa biwe.
21. Ni ibiki tuza kurimbura mu kiganiro gikurikira?
21 Hari n’ibindi vyinshi dushobora kwigira ku busuku Yezu yaranguriye ngaha kw’isi, nk’uko ikiganiro gikurikira kiza kuvyerekana. Ni mu bundi buryo butandukanye ubuhe dushobora kwigana Yezu Kristu, wa Mumisiyonari mukuru?
Wokwishura gute?
• Ni ukumenyerezwa ukuhe Yezu yaronse imbere y’uko aza ngaha kw’isi?
• Ni gute uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha bwaruta kure n’iyo ubwo abanditsi n’Abafarizayo bakoresha?
• Ni kamere izihe zatuma abantu bakunda Yezu?
[Ifoto ku rup. 15]
Yezu yigisha gute amasinzi y’abantu?