‘Ubu Ni bwo Buzima Budahera’
Twisunze amajambo Yezu yavuze muri Yohana 17:3, ubumenyi nyakuri bw’Ijambo ry’Imana bujana mu buzima budahera. Kwama twiga Ijambo ry’Imana tudahorereza, biradufasha kwongereza ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova n’umugambi wiwe. Guhera ku wa 21 Rusama gushika ku wa 26 Munyonyo 2001, tuzoronka akaryo ko kwongera kwiga ca gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera mu Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Uzosanga urwo rutonde rukuronsa umwanya munini kuruta wo kwihweza amayagwa arimwo, no gusoma bimwebimwe mu vyanditswe nyamukuru vyatanzwe mugabo bitasubiwemwo mu majambo. Ubumenyi dufise bw’Ijambo ry’Imana be n’ukuritahura kwacu ntibizobandanya kwongerekana gusa, ahubwo tuzorushiriza kandi kugira ivyangombwa vyotuma turyigisha abandi. Nurabe neza ko wewe be n’abo mu rugo rwawe mwitegura bikwiye, muze muritaba iryo koraniro kandi murigiremwo uruhara ata ndwi ibacika. Nutumire abashimishijwe bitabe Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Iyo nyigisho izobafasha bimwe bikomeye gukura mu vyo kumenya ya Mana yonyene y’ukuri, Yehova.