ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/01 rup. 8
  • “Twarahetuye Icibare Cacu Incuro Nyinshi!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Twarahetuye Icibare Cacu Incuro Nyinshi!”
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 5/01 rup. 8

“Twarahetuye Icibare Cacu Incuro Nyinshi!”

1 Woba warigeze wiyumvamwo ko icibare cawe cakorewemwo kenshi ku buryo ata bandi bantu bameze nk’intama bakibonekamwo? Kumbure woba wariyumviriye uti: ‘Ndazi ingene abantu bazovyakira. None ni kuki noguma nsubira kugendera abantu badashimishwa?’ Ni ivy’ukuri ko ivyibare vyinshi vyahetuwe akatari gake. Ariko rero, ivyo bikwiye kubonwa mu buryo bwiza, atari bubi. Ni kuki ari uko vyomera? Niwihweze impamvu zine zatanzwe aha hepfo.

2 Amasengesho Yacu Yarishuwe:Yezu yavuze ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, arikw abimbuzi ni bo bake: nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa, arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.” (Luka 10:2) Turamaze imyaka mirongo dutakambira Yehova kugira ngo arushirize kudufasha. Mu bibanza vyinshi, ubu turahafise abandi bakozi bakenewe, kandi turahetura icibare kenshikenshi. Kubona Yehova yarishuye amasengesho yacu, ubwo ntivyari bikwiye gutuma tunezerwa?

3 Gukomera ku Muheto Bivamwo Icamwa Ciza: No mu vyibare bikorerwamwo akatari gake, abantu bariko barakira ubutumwa bw’Ubwami bongera bagana ku bumenyi bw’ukuri. Ku bw’ico rero, turakwiye kuguma tubagendera tudahorereza twizigiye kuronka abandi bantu b’imitima nziraburyarya. (Yes. 6:8-11) Nk’uko abayoboke bo mu ntango ba Yezu babigize, ‘nitubandanye kugendera’ (NW) abantu bari mu cibare twakebewe, twite ku rutare kugira ngo tubavyurire ugushimishwa n’Ubwami bw’Imana.—Mat. 10:6, 7.

4 Mu gihugu ca Porotigali, amashengero menshi arahetura icibare cayo uko umushamvu utashe, ariko baracaronka abantu bameze nk’intama. Hariho canecane umuvukanyikazi umwe yari afise agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza. Avuga ati: “Imbere yuko ngenda mu murimo imisi yose mu gitondo, ndasaba Yehova kugira ngo amfashe nze kuronka umuntu ashimishwa n’ukwiga Bibiliya.” Umusi umwe yaratunganije ivy’ukwigana n’abakora ahantu batunganiriza imishatsi. Mugabo mu nyuma umuntu umwe gusa ni we vyabonetse ko ashimishwa no kwiga. Uwo muntu yavuze ati: “Abandi ntibashimishijwe, ariko jewe ndashimishijwe.” Mu kwezi kumwe, uwo muvukanyikazi yari afise inyigisho zibiri ziwe bwite za Bibiliya arongora. Bidatevye inyuma y’aho, wa muntu yarabatijwe, maze haciye igihe aca atangura umurimo w’ubutsimvyi!

5 Igikorwa Kiriko Kirakorwa: Inkuru nziza iriko iravugwa, nk’uko nyene Yezu yari yarabivuze imbere y’igihe ko vyovuzwe. (Mat. 24:14) Mbere n’ahantu usanga abantu ‘badashaka kutwumviriza,’ baraburirwa biciye ku gikorwa co kwamamaza. Turitega ko bamwe batakira ukuri canke mbere bakakurwanya. Yamara, mwene abo bantu barakwiye kuburirwa mu buryo bubereye ku bijanye n’urubanza rwa Yehova rwimirije.—Ezk. 2:4, 5; 3:7, 8, 19.

6 Ntiharagera ko Turangiza: Si ivyacu gufata ingingo y’igihe co guhagarika igikorwa co kwamamaza. Yehova arazi neza na neza igihe gikwiriye kurangira. Arazi nimba mu cibare cacu hari abantu boba bokwumviriza inkuru nziza. Muri iki gihe, abantu bamwebamwe bavuga ko badashimishwa, ariko hagize ibihinduka bikomeye mu buzima bwabo nko kubura akazi, indwara isinzikaza, kubura uwo bakunda, vyotuma bakira ubutumwa mu kindi gihe. Bivuye ku mwikeko canke kubera ko bacurumba gusa muri vyinshi maze ntibumvirize, abantu benshi ntibarigera vy’ukuri bumva ivyo twamamaza. Kuguma tubagendera kigenzi vyotuma babizirikana maze bakumviriza.

7 Abageze mu bigero mu myaka ya vuba maze ubu bakaba bafise imiryango yabo bwite, ubuzima barabufatana uburemere kuruta kandi bakabaza ibibazo bishobora kwishurwa n’Ijambo ry’Imana gusa. Umuvyeyi umwe akiri muto yatumiye Ivyabona bibiri mu nzu yiwe maze ababwira ati: “Nkiri agakobwa gatoyi, sinigeze ntahura igituma mawe yirukana Ivyabona kandi akababwira yuko adashimishijwe, kandi ata kindi bashaka atari ukuganira ivyerekeye Bibiliya. Ndaheza rero mfata ingingo y’uko ninakura, nkubaka urwanje, nzosaba Ivyabona vya Yehova kwinjira mu nzu maze bakansigurira Bibiliya.” Ivyo ni vyo yagize, maze bitera akanyamuneza Ivyabona bamugendeye.

8 Woshobora Kurushiriza Kuba Kirumara? Kenshi na kenshi abantu tugendera si bo batuma bisa n’ibigora gukora icibare incuro nyishi. Rimwe na rimwe biva kuri twebwe ubwacu. Twoba dutangura dufise agatima ko kubona ko ibintu bitazogenda neza? Ivyo birashobora kugira ico bikoze ku nyifato yacu, kumbure nko ku rugero rw’ijwi dukoresha be no ku bimenyetso vyo mu maso hacu. Nitugaragaze agatima ko kubona ibintu mu buryo bwiza tugire n’umunezero mu maso. Gerageza gukoresha uburyo bushasha bwo kuganiriza umuntu. Niwame uhindura uburyo ushikiriza inkuru, kandi wihate kugira ngo uburyohore. Kumbure ushobora guhindura ikibazo utanguza ikiganiro canke ugakoresha icanditswe gitandukanye. Baza abandi bavukanyi n’abavukanyikazi ibintu babonye ko bituma baroranirwa mu gukora mu cibare. Nukorane n’abamamaji hamwe n’abatsimvyi batandukanye mu murimo, kandi ufate nka nkama igituma ubusuku bwabo buba kirumara.

9 Igikorwa c’ukwamamaza Ubwami gishigikiwe na Yehova kandi aragihezagira, kandi igihe tukigizemwo uruhara biragaragaza urukundo tumufitiye n’urwo dufitiye bagenzi bacu. (Mat. 22:37-39) Nimuze rero turangure igikorwa cacu gushika igihe kizorangirira, ntituruhishwe no gukora rimwe na rimwe mu cibare cacu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika