Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Ni uburyo ubuhe ishengero rikwiye gukurikiza igihe ryitwararika ivy’amahera azokoreshwa n’umucungezi w’umuzunguruko?
Vyama nantaryo ari vyiza gushikiriza ishengero umwiyemezo, kugira ngo riwushigikire igihe cose amahera y’ishengero akoreshejwe kugira ngo bitwararike ivy’umucungezi w’umuzunguruko akeneye. Indwi umucungezi w’umuzunguruko yagendeyemwo ishengero irangiye, umucungezi muhagarikizi mu bisanzwe arabaza umucungezi w’umuzunguruko ayo yakoresheje muri iyo ndwi. Umucungezi muhagarikizi araheza akayaga n’abandi bakurambere bo mw’ishengero ibijanye n’ayo mahera hanyuma agafata ingingo ku bw’ico kibazo. Kw’ikoraniro ry’umurimo rikurikira, ishengero rirashikirizwa umwiyemezo kugira ngo riwushigikire. Uwo mwiyemezo umaze gushigikirwa, ukwiye gushirwako itariki n’umukono, kandi ugaca ushirwa mw’idosiye y’ishengero.
Ku bijanye n’uburyo bukurikizwa igihe co gushikiriza ishengero imyiyemezo yafashwe, Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Myandagaro 1994, Inyishu ku Bibazo Vyanyu, cavuga giti: “Niba biboneka ko hakenewe gusohora amahera, Inama y’Abakurambere yokwitonda igatohoza ico kibazo. Niba abenshi banamye rimwe ko hogira ico bagira, umwe mu bakurambere, nk’akarorero umwe mu bagize komite nshingwabusuku, yotegura icemezo canditswe, ico ashikiriza Ishengero mu gihe c’ikoraniro ry’ubusuku.
Umukurambere ahagarikiye ivy’iryo tora avuge mu ncamake mugabo atomora ukuntu ibintu vyifashe, kandi asigure ico Inama y’Abakurambere ibona ko bibereye ko cogirwa. Abaharūrwa mw’Ishengero bace rero bahabwa akaryo k’ukubisiguza neza.
Abaharūrwa mw’Ishengero bitanze bakabatizwa ni bo bonyene bagira iryo tora. Ntivyoba ari vyiza abashitsi bavuye mu yandi Mashengero babigiyemwo.
Igihe iciyemezo kimaze gushigikirwa, gikwiye gushirwako itariki n’umukono, hanyuma kigashingurwa mu madosiye y’Ishengero.”