Tubeho Duhuza n’Ukwiyegura Kwacu
1 Haba haciye igihe gitoyi ubatijwe canke haciye imyaka mirongo, birashoboka ko wibuka ico gihe gihambaye cabaye mu buzima bwawe. Ibatisimu yacu si iherezo, ahubwo riho ni intango y’ubuzima tuzomara mu murimo turangura twariyeguye, ushobora kumara ibihe bidahera. (1 Yoh. 2:17) Kubaho duhuza n’ukwiyegura kwacu bisaba iki?
2 Gukurikira Akarorero ka Kirisitu: Yezu amaze kubatizwa, ‘yaciye atangura igikorwa ciwe,’ aramamaza “ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana.” (Luka 3:23; 4:43) Muri ubwo buryo nyene, tumaze kugereranya ukwiyegurira Yehova kwacu mu kubatizwa, twaracitse abasuku batiwe b’inkuru nziza. Naho bishobora gusaba umwanya munini n’akigoro kanini kugira ngo twironse ivyo dukeneye mu buzima, igikorwa cacu nyamukuru ni ubusuku bwa gikirisu. (Mat. 6:33) Aho kwihatira kuronka ubutunzi canke icubahiro, abiyeguriye Imana barondera ‘kuninahaza igikorwa cabo,’ nk’uko intumwa Paulo yakininahaza. (Rom. 11:13) Woba uha agaciro agateka ufise ko gusukurira Yehova kandi ukabigira uko ushoboye kwose?
3 Nk’uko Yezu yabigize, dutegerezwa ‘kurwanya Shetani.’ (Yak. 4:7, UB) Aho Yezu amariye kubatizwa, Shetani yaragerageje kumwosha nabi, kandi ni na kwo muri iki gihe arondera kwosha nabi abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye. (Luka 4:1-13) Kubera dukikijwe n’isi ya Shetani, dutegerezwa kwigumya, tukirinda ikintu cose coshobora kwanduza umuzirikanyi canke kwonona umutima wacu. (Imig. 4:23; Mat. 5:29, 30) Abakirisu bahanurwa yuko “[bada]shobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.” (1 Kor. 10:21) Ivyo bisaba yuko twirinda ivyo kwinezereza bitameze neza, abagenzi babi be n’ibintu birimwo ingeramizi vyerekanwa kuri bwa buhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru bwitwa Interineti. Bisaba kandi yuko tuzibukira ibintu abahakanyi bandika. Kuba maso kuri ivyo bintu be no ku yandi mayeri Shetani akoresha bizodufasha kubaho duhuza n’ukwiyegura kwacu.
4 Gukoresha Intunganyo Imana Yashizeho: Kugira ngo Yehova adufashe kubaho twisunga ukwiyegura kwacu, yaraturonkeje imfashanyo biciye kw’Ijambo ryiwe no kw’ishengero rya gikirisu. Ugusoma Bibiliya n’ugusenga Yehova nubishire mu bintu urangura mu buzima bwawe bwa misi yose. (Yos. 1:8; 1 Tes. 5:17) Nuhimbarwe n’amakoraniro y’ishengero. (Zab. 122:1) Niwifatanye n’abatinya Yehova kandi ugume witondera amabwirizwa yiwe.—Zab. 119:63.
5 Ufashijwe na Yehova, urashobora kubaho uhuza n’ukwiyegurira Yehova kwawe kandi ukagira umunezero wo kumusukurira ibihe bidahera.—Zab. 22:26, 27; Flp. 4:13.