ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/03 rup. 1
  • Igikorwa kimara akanyota

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igikorwa kimara akanyota
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • “Mwishireko ingǒgo yanje”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • “Nimuze kuri jewe, . . . nanje ndabaruhurira”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Yezu yararuhurira abandi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Umuti Nyawo wo Kuturemurura Umwitwarariko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 8/03 rup. 1

Igikorwa kimara akanyota

1 Ubutumwa buri muri Bibiliya buramara akanyota abantu bose babwemera kandi bakabushira mu ngiro mu buzima bwabo (Zab. 19:7, 8). Burabafasha kuvavanura n’inyigisho z’ikinyoma be n’ingeso zonona kandi bukabaha icizigiro ntakekeranywa ca kazoza. Ariko rero, abakira inkuru nziza si bo bonyene bayungukirako. Abashikiriza abandi ukuri kwa Bibiliya kumara akanyota, na bo nyene ubwabo barashira akanyota.—Imig. 11:25.

2 Kugarurirwa agatege biciye ku busuku: Yezu yavuze yuko abemera ingogo yo kuba abigishwa bakirisu, ivyo bikaba birimwo igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, ‘boronse uburuhukiro bw’imitima yabo’ (Mat. 11:29). Na we nyene ubwiwe yariboneye ko gushinga intahe ku bandi bigarura agatege. Kuri we, vyari nk’imfungurwa (Yoh. 4:34). Igihe yarungika ba bigishwa 70 kwamamaza, baranezerejwe no kubona Yehova abashigikira mu twigoro bagira.—Luka 10:17.

3 Abakirisu benshi muri iki gihe baragarurirwa agatege nk’ukwo nyene biciye ku kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Umuvukanyikazi umwe yavuze ati: “Ubusuku buramara akanyota kubera yuko butuma ubuzima bwanje bugira intumbero kandi bukagira ico buvuze. Igihe ndi mu murimo ingorane mba mfise be n’imikazo ya misi yose, nca mba ndavyibagiye”. Uwundi musuku w’umunyamwete yavuze ati: “Ubusuku . . . butuma imisi yose nibuka ko Yehova ari umuntu abaho koko kandi burampa amahoro n’agahimbare mu mutima ata kindi kintu cobindonsa”. Ese ingene ari agateka kuba ‘abakorana n’Imana’!—1 Kor. 3:9.

4 Ingogo ya Kirisitu ntibabaza: Naho abakirisu bahimirizwa ‘kwihata cane’ (UB), Yezu ntadusaba ibirengeye ivyo dushobora gutanga (Luka 13:24). Kukaba nkako, aradutera akamo abigiranye urukundo ngo ‘dufatanye na we kwikorera ingogo yiwe’ (Mat. 11:29, NW). Abategerezwa kunyinyana n’ibintu bigoye barashobora kwizigira yuko umurimo barangura n’ubugingo bwabo bwose uhimbara Imana, naho boba batarangura vyinshi.—Mrk. 14:6-8; Kol. 3:23.

5 Ese ukuntu bimara akanyota gusukurira Imana iha agaciro ivyo dukora vyose ku bw’izina ryayo (Heb. 6:10)! Nimuze twame nantaryo tugira akigoro ko kuyiha ikintu ciza kuruta ibindi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika