Twigane ukumera neza kwa Yehova
1 Igihe duhejeje kwitegereza ikirengazuba giteye igomwe canke duhejeje gufungura imfungurwa ziryoshe, ntitwumva tuvyuriwe umutima wo gukengurukira Yehova we Soko ry’ukumera neza kwose? Ukumera neza kwiwe kuratuvyurira umutima wo gushaka kumwigana (Zab. 119:66, 68; Ef. 5:1). Twogaragaza gute kamere y’ukumera neza?
2 Ku batizera: Uburyo bumwe dushobora kwigana ukumera neza kwa Yehova, ni mu kwerekana ko twitwararika bivuye ku mutima abo tudasangiye ukwizera (Gal. 6:10). Kubagaragariza ukumera neza mu buryo ngirakamaro birashobora kugira ingaruka nziza ku kuntu babona Ivyabona vya Yehova be n’ubutumwa dushikiriza.
3 Nk’akarorero, igihe umuvukanyi umwe w’umutsimvyi akiri muto yari kwa muganga arindiriye muganga, yaricaye impande y’umukenyezi ageze mu zabukuru yasa n’uwuremvye kuruta abandi bari ngaho. Igihe yari ashikiriwe ngo abonane na muganga, yaciye areka uwo mukenyezi aba ari we yinjira mu gishingo ciwe. Mu nyuma barasubiye guhurira mw’isoko, uwo mukenyezi arahimbarwa cane n’uko basubiye kubonana. Naho yari yahoze atakira neza inkuru nziza, yavuze yuko asigaye azi ko Ivyabona vya Yehova bakunda ababanyi babo. Baciye batangura kumugirira inyigisho ya Bibiliya idahorereza.
4 Ku bavukanyi bacu: Turigana kandi ukumera neza kwa Yehova igihe twitanga kugira ngo dufashe abo dusangiye ukwemera. Igihe ivyago vyadutse, tuba mu ba mbere bagarukira ku bavukanyi bacu. Turagaragaza ako gatima nyene igihe dusahiriza abakeneye ikibunguruza ngo baje ku makoraniro, igihe tugendera abamugaye n’igihe twaguka mu rukundo tugakunda n’abo tutazi neza mw’ishengero.—2 Kor. 6:11-13; Heb. 13:16.
5 Ubundi buryo Yehova agaragarizamwo ukumera neza kwiwe, ni mu kuba “[a]gabirije guharira” (Zab. 86:5). Mu kumwigana, turashobora kugaragaza ko dukunda ukumera neza, mu guharira abandi (Ef. 4:32). Ivyo birafasha kugira ngo ukwifatanya n’abo dusangiye ukwemera kube ‘kwiza kandi kw’igikundiro’.—Zab. 133:1-3.
6 Ese ukumera neza kwinshi kwa Yehova kwotuma tumushemeza twivuye inyuma kandi tukuzura umunezero! Kandi ese kwodusunikira ku kwihatira kwigana ukumera neza kwiwe mu vyo dukora vyose!—Zab. 145:7; Yer. 31:12.