Tugume Tugaragaza ko Tumeze Neza
“I[camwa c]’umuco [k]iboneka mu [kumera neza kw]ose no mu kugororoka no mu kuri.”—ABANYEFESO 5:9.
1. Abantu amamiliyoni muri iki gihe berekana gute yuko bemeranya na Zaburi 31:19?
ICIZA gihambaye kuruta umuntu uwo ari we wese ashobora gukora ni ukuninahaza Yehova. Muri iki gihe, abantu amamiliyoni ivyo bariko barabigira mu gushemeza Imana ku bw’ukumera neza kwayo. Kubera turi Ivyabona vya Yehova b’intahemuka, turemeranya n’umutima wacu wose n’umwanditsi wa Zaburi, we yaririmvye ati: “Ereg’uku[mera] neza kwawe ni kwinshi, ukwo wabīkiye abakwubaha!”—Zaburi 31:19.
2, 3. Ni ibiki vyoshitse iyo igikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa kitari kuba kijanirana n’ukwigenza neza?
2 Ugutinya Yehova kuranga ukumwubaha kuratuvyurira umutima wo kumushemeza kubera ameze neza. Kuratuvyurira kandi umutima wo ‘gushima Uhoraho, kumushemagiza no kuvuga ubwiza bw’ubwami bwiwe.’ (Zaburi 145:10-13) Ni co gituma tugira uruhara n’umwete mwinshi mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Yamara ntiwumve, igikorwa cacu co kwamamaza gitegerezwa kujanirana n’ukwigenza neza. Ahandiho, twohava dusiga iceyi izina ryeranda rya Yehova.
3 Abantu benshi bivugisha yuko basenga Imana, mugabo bakigenza mu buryo budahuye n’ingingo mfatirwako ziri mw’Ijambo ryayo ryahumetswe. Ku vyerekeye bamwebamwe bavuga ku karimi gusa ko bakora ivyiza, intumwa Paulo yanditse ati: “Wewe wigisha abandi, mbega ntiwiyigisha? Wewe wihaniza abība, weho ntiwiba? Wewe ubabuza gusambana, weho ntusambana? . . . Izina ry’Imana muritukisha mu mahanga, nk’uko vyanditswe.”—Abaroma 2:21, 22, 24.
4. Ukwigenza neza kwacu kugira ingaruka iyihe?
4 Aho gusiga iceyi izina rya Yehova, turihatira kurininahaza mu kwigenza neza. Ivyo biragira ingaruka nziza ku bantu atari abo mw’ishengero rya gikirisu. Kimwe coco ni uko bidufasha kunumya abaturwanya. (1 Petero 2:15) Igihambaye kuruta, ukwigenza neza kwacu kurakwegera abantu kw’ishirahamwe rya Yehova, kukabacira inzira yo kumuninahaza maze bakaronka ubuzima budahera.—Ivyakozwe 13:48.
5. Ni ibibazo ibihe dukwiye kurimbura ubu?
5 Kubera ko turi abanyakanenge, dushobora gute kwirinda kwigenza mu buryo bwoshobora gukura iteka kuri Yehova kandi bugatsitaza abarondera ukuri? Kukaba nkako, dushobora gute kwererwa mu kugaragaza ko tumeze neza?
Icamwa c’Umuco
6. Ibikorwa bimwebimwe “birumvye vy’umwiza” ni ibihe, mugabo Abakirisu bakwiye kugaragaza ibihe vyamwa?
6 Twebwe Abakirisu biyeguye, turi n’ikintu kidufasha kwirinda “ibikorwa birumvye vy’umwiza.” Ivyo birimwo ibikorwa bidatera iteka Imana nk’ukubesha, kwiba, gucokorana, kuvuga ibishegu, kwigenza mu buryo buteye isoni, ugutebura ku bintu vy’ubushegabo be n’akaborerwe. (Abanyefeso 4:25, 28, 31; 5:3, 4, 11, 12, 18) Aho kwisuka mu bikorwa mwene ivyo, “[tugenda] nk’abana b’umuco.” Intumwa Paulo avuga yuko ‘ivyamwa vy’umuco biboneka mu kumera neza kwose no mu kugororoka no mu kuri.’ (Abanyefeso 5:8, 9) Ni co gituma tugendeye mu muco ari ho dushobora kuguma tugaragaza ko tumeze neza. Mugabo uwo ni umuco bwoko ki?
7. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tubandanye kugaragaza ko tumeze neza?
7 Naho dufise utunenge, turashobora kugaragaza ko tumeze neza mu gihe twoba tugendera mu muco w’ivy’impwemu. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje.” (Zaburi 119:105) Nimba dushaka kuguma tugaragaza “ivyamwa vy’umuco” biciye ku ‘kumera neza kwose,’ dutegerezwa kwama twungukira ku muco w’ivy’impwemu dusanga mw’Ijambo ry’Imana, uwihwezwa mu buryo bwitondewe mu bisohokayandikiro vya gikirisu, kandi ukaganirwako ubudahorereza mu makoraniro tugira ku bw’ugusenga. (Luka 12:42; Abaroma 15:4; Abaheburayo 10:24, 25) Turakeneye kandi kwitwararika bimwe bidasanzwe akarorero ka Yezu Kirisitu be n’inyigisho ziwe, we “muco w’isi” akaba n’“ugukayangana kw’ubgiza [bwa Yehova].”—Yohana 8:12; Abaheburayo 1:1-3.
Icamwa c’Impwemu
8. Ni kuki dushobora kugaragaza ko tumeze neza?
8 Umuco w’ivy’impwemu nta nkeka uradufasha kugaragaza ko tumeze neza. Ikigeretseko, turashobora kugaragaza iyo kamere kubera turongorwa n’impwemu yera y’Imana, ari yo nguvu ikoresha. Ukumera neza kuri mu bigize ‘ivyamwa vy’impwemu.’ (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Nimba tureka impwemu yera ya Yehova ikatuyobora, izokwama muri twebwe icamwa c’agahore c’ukumera neza.
9. Dushobora gute gukora mu buryo buhuje n’amajambo ya Yezu yanditse muri Luka 11:9-13?
9 Icipfuzo gikaze dufise co guhimbara Yehova mu kagaragaza icamwa c’impwemu c’ukumera neza, gikwiye kutuvyurira umutima wo gukora mu buryo buhuje n’amajambo ya Yezu agira ati: “Musabe muzohabga; murondere muzoronka; muramutse muzokwugururirwa. Kuk’ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa. Kandi ni nde muri mwebge w’umuvyeyi, umwana wiwe yomusaba umutsima, akamuha ibuye; canke yomusaba ifi, akamuha inzoka; canke yomusaba irigi, akamuha sikorupiyo? None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri [abanyakanenge gutyo tugereranije mukaba muri] babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?” (Luka 11:9-13) Nimuze dukurikize impanuro ya Yezu mu gusenga dusaba impwemu ya Yehova kugira ngo dushobore kuguma tugaragaza icamwa cayo c’ukumera neza.
Guma ‘Ukora Neza’
10. Ni iyihe mice y’ukumera neza kwa Yehova ivugwa muri Kuvayo 34:6, 7?
10 Dufise umuco w’ivy’impwemu uva mw’Ijambo ry’Imana kandi tugafashwa n’impwemu yera yayo, turashobora kuguma ‘dukora neza.’ (Abaroma 13:3) Biciye ku kwiga Bibiliya tudahorereza, turarushiriza kumenya vyinshi ku vyerekeye ukuntu dushobora kwigana ukumera neza kwa Yehova. Ikiganiro c’imbere y’iki carimbuye imice y’ukumera neza kw’Imana yavuzwe mu majambo yabwiwe Musa yanditse muri Kuvayo 34:6, 7, aho dusoma duti: “Yehova, Yehova, Imana y’ikigongwe n’ubugwaneza, iteba gushavura kandi igwije ubuntu-mvarukundo n’ukuri, izigama ubuntu-mvarukundo ku bw’abantu ibihumbi, ikarekurira ikosa n’icaha n’igicumuro, mugabo ntaho izokura ku muntu igihano.” (NW) Dusuzumye twitonze ubwo buryo Yehova yagaragaje ko ameze neza bizodufasha kuguma ‘dukora neza.’
11. Ukumenya yuko Yehova ari umunyakigongwe n’umugwaneza bikwiye gukora iki kuri twebwe?
11 Ayo majambo Imana yavuze aradukabura tukabona ko dukeneye kwigana Yehova mu kuba abanyakingongwe n’abagwaneza. Yezu yavuze ati: “Hahirwa abagira i[kigongwe] kukw ari bo bazo[k]igirirwa.” (Matayo 5:7; Luka 6:36) Kubera tuzi yuko Yehova ari umugwaneza, turavyurirwa umutima wo kuba abantu b’abagwaneza kandi b’igikundiro ku bandi, ushizemwo abo tubwira inkuru nziza. Ivyo birahuye n’impanuro ya Paulo igira iti: “Imvugo zanyu zamane [“ubugwaneza,” NW], zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.”—Ab’i Kolosayi 4:6.
12. (a) Kubera ko Imana iteba gushavura, dukwiye gufata gute abandi? (b) Ubuntu-mvarukundo bwa Yehova butuvyurira umutima wo gukora iki?
12 Kubera Imana iteba gushavura, icipfuzo cacu co ‘kuguma dukora neza’ kiratuvyurira umutima wo kwihanganira utunenge dutoduto tw’abo dusangiye ukwemera n’uwo kwitwararika canecane kamere nziza bafise. (Matayo 7:5; Yakobo 1:19) Ubuntu-mvarukundo bwa Yehova buratuvyurira umutima wo kugaragaza urukundo rudahemuka, mbere no mu bihe vy’ibigeragezo bikomeye kuruta. Nta nkeka ko ico ari ikintu c’agaciro.—Imigani 19:22.
13. Dukwiye kwifata gute kugira ngo tugaragaze yuko Yehova ‘agwije ukuri’?
13 Kubera ko Data wa twese wo mw’ijuru ‘agwije ukuri,’ turondera ‘kwishimagiza nk’abakozi b’Imana mw’ijambo ry’ukuri.’ (2 Ab’i Korinto 6:3-7) Mu bintu indwi bisesema Yehova harimwo “ururimi rw’ibinyoma” be n’“icabona c’ibinyoma kivuga ivy’ubuhūmvyi.” (Imigani 6:16-19) Rero, icipfuzo cacu co guhimbara Imana caradusunikiye ku ‘kwiyambura ibinyoma maze tukavuga ivy’ukuri.’ (Abanyefeso 4:25) Nimuze ntitwigere tunanirwa kugaragaza ko tumeze neza muri uwo muce uhambaye.
14. Ni kuki dukwiye kuba abantu baharira?
14 Ivyo Imana yabwiye Musa bikwiye kandi kutuvyurira umutima wo kuba abantu baharira, kubera Yehova yiteguriye guharira. (Matayo 6:14, 15) Mugabo ntiwumve, Yehova ntareka guhana abacumuzi batigaya. Ni co gituma dutegerezwa gushigikira uburyo abona ibintu vyiza mu bijanye no kubungabunga ishengero kugira rigume ridahumanye mu vy’impwemu.—Abalewi 5:1; 1 Ab’i Korinto 5:11, 12; 1 Timoteyo 5:22.
“Mwirinde Cane”
15, 16. Impanuro ya Paulo yanditse mu Banyefeso 5:15-19 ishobora kudufasha gute kubandanya gukora ibiranga ko tumeze neza?
15 Kugira ngo tubandanye kugaragaza ko tumeze neza naho dukikijwe n’ibibi, dukeneye kwuzura impwemu y’Imana no kuba maso ku kuntu tugenda. Kubera ico, Paulo yahimirije Abakirisu b’i Efeso ati: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi. Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’Umwami wacu agomba ivy’ari vyo. Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ubuhumbu; ariko mwuzure [im]pwemu. Mubgirane zaburi n’indirimbo n’amatazirano y’ivy’[im]pwemu, muririmba, mucurarangira Umwami wacu mu mitima yanyu.” (Abanyefeso 5:15-19) Iyo mpanuro nta nkeka irabereye kuri twebwe muri iyi misi y’iherezo igoye.—2 Timoteyo 3:1.
16 Nimba dushaka kubandanya gukora ibiranga ko tumeze neza, dutegerezwa kuguma twiyubara turaba ko tugenda nk’abantu bagaragaza ubukerebutsi buva ku Mana. (Yakobo 3:17) Dutegerezwa kwirinda ibicumuro bikomakomeye kandi dutegerezwa kwuzura impwemu yera, tukareka ikaba ari yo iturongora. (Ab’i Galatiya 5:19-25) Dushize mu ngiro amacishabwenge yo mu vy’impwemu atangwa ku makoraniro ya gikirisu, ku materaniro, no ku mahwaniro, turashobora kuguma dukora ivyiza. Amajambo Paulo yandikiye Abanyefeso yoshobora kandi kutwibutsa yuko mu bihe vyinshi tuba dukoraniye hamwe ku bw’ugusenga, tuhakura inyungu nyinshi bivuye ku kuririmba bivuye ku mutima ‘indirimbo z’ivy’impwemu.’ Nyinshi muri zo zikaba zivuga ibiraba kamere z’ivy’impwemu, nk’akarorero ukumera neza.
17. Mu gihe Abakirisu barwaye indwara ikomeye ibabuza kwitaba amakoraniro ubudahorereza bitewe n’iyo ngorane, ni ibiki batokeka?
17 Tuvuge iki ku vyerekeye abo dusangiye ukwizera badashobora kwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudahorereza kubera barwaye indwara ikomeye iteba gukira? Barashobora kwumva bavunitse umutima kubera badashobora kwama nantaryo basenga Yehova bifatanije n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo bo mu vy’impwemu. Mugabo barashobora kudakeka yuko Yehova atahura uko ivyabo vyifashe, ko azobagumiza mu muco, ko azobaha impwemu yera yiwe kandi ko azobafasha kubandanya gukora ivyiza.—Yesaya 57:15.
18. Ni ibiki bizodufasha kubandanya kugaragaza ko tumeze neza?
18 Kubandanya kugaragaza ko tumeze neza bisaba yuko tuba maso ku bo twifatanya maze tukazibukira ‘abadakunda ivyiza.’ (2 Timoteyo 3:2-5; 1 Ab’i Korinto 15:33) Dushize mu ngiro impanuro nk’iyo biradufasha kwirinda ‘kubabaza impwemu yera y’Imana’ bivuye ku gukora ibihushanye n’uburongozi bwayo. (Abanyefeso 4:30) Vyongeye, turafashwa gukora ivyiza mu gihe dutsimbataje ubucuti bwa hafi n’abantu mu buryo babayeho bagaragaza yuko bakunda ivyiza kandi ko barongorwa n’impwemu yera ya Yehova.—Amosi 5:15; Abaroma 8:14; Ab’i Galatiya 5:18.
Ukumera Neza Kuvamwo Ingaruka Nziza
19-21. Niwigane ivyabaye vyerekana ingaruka ziva ku gukora iciza.
19 Kugendera mu muco w’ivy’impwemu, kwemera kuyoborwa n’impwemu y’Imana no kuba maso ku kuntu tugenda bizodufasha kwirinda ibibi no ‘kuguma dukora neza.’ Ivyo na vyo bishobora kuvamwo ivyiza. Rimbura ivyabaye kuri Zongezile, Icabona ca Yehova wo muri Afirika y’Epfo. Umusi umwe mu gitondo agiye kw’ishure, yaciye gusuzuma uko uduhera amaze kuziganya muri banki tungana. Barihenze, asanga ku gakaratasi imashini yanditse, amahera yaziga arengako nk’imiliyoni 5 z’amarundi (Amadolali 6.000). Umwe mu barinda ibanki be n’abandi bamuhimirije kuja kwakira ayo mahera ngo maze ayiziganirize mu yindi banki. Umugabo n’umugore wiwe b’Ivyabona babana na we ni bo bonyene bamukeje kubera atakuye muri banki n’ifaranga na rimwe.
20 Ku musi w’akazi ukurikira, Zongezile yaramenyesheje iyo banki ko bihenze. Baciye bubura yuko yari afise inomero y’ikonte ihuje n’iy’umudandaza umwe w’umutunzi yari yarihenze ashira amahera yiwe kuri konte itariyo. Uwo mudandaza yaratangajwe n’ukubona Zongezile ata faranga na rimwe yakoresheje, maze aca amubaza ati: “Uri mw’idini irihe?” Zongezile yasiguye yuko ari Icabona ca Yehova. Abakozi bo kuri iyo banki baramukeje n’igishika cinshi, bavuga bati: “Twipfuza ko abantu bose boba inzirabugunge nk’Ivyabona vya Yehova.” Mu vy’ukuri, ibikorwa biranga ukutagunga n’ukumera neza birashobora gutuma abandi baninahaza Yehova.—Abaheburayo 13:18.
21 Kugira ngo ibikorwa biranga ukumera neza bigire ingaruka nziza, si ngombwa ngo birinde kuba ari ibintu vy’igitangaza. Tubitangire akarorero. Hari Icabona akiri muto w’umwamamaji w’igihe cose wo muri rimwe mu mazinga ya Samoa, yagiye ku bitaro vy’aho hantu. Abantu bari barindiriye kubonana na muganga, maze ico Cabona arabona ko umutamakazi yari yicaye iruhande yiwe aremvye. Yararekeye ikibanza uwo mutamakazi kugira ngo ashobore guca avugwa ubwo nyene. Ikindi gihe, ico Cabona yarahuriye kw’isoko na wa mutamakazi. Nya mutamakazi yaramwibutse yongera yibuka iciza yamukoreye ku bitaro. Yavuze ati: “Ubu ndazi yuko Ivyabona vya Yehova bakunda abandi bantu vy’ukuri.” Naho yahora atakira neza ubutumwa bw’ubwami, iciza ico Cabona camugiriye caragize ingaruka nziza. Yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana gutyo atangura kwakira ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana.
22. Uburyo bumwe buhambaye bidasanzwe mu vy’‘ukuguma dukora neza’ ni ubuhe?
22 Kumbure urashoboka kuba ufise ivyabaye wokwigana vyerekana agaciro ko gukora iciza. Uburyo bumwe buhambaye na canecane mu ‘kuguma dukora neza’ ni ukugira uruhara ubudahorereza mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Nimuze tubandanye turangurana umwete ico gikorwa c’agaciro, dutahura yuko ubwo ari uburyo bumwe bwo gukora ivyiza, na canecane ku bantu bavyakira neza. Igihambaye kuruta, ubusuku bwacu be n’ukwigenza neza kwacu biraninahaza Yehova, we soko nyene ry’ukumera neza.—Matayo 19:16, 17.
Tubandanye “Kugira Neza”
23. Ni kuki ubusuku bwa gikirisu ari igikorwa ciza?
23 Nta nkeka ko ubusuku bwacu ari igikorwa ciza. Burashobora gutuma turonka ubukiriro n’abumviriza ubutumwa bwa Bibiliya bakaburonka mu gihe bitumye baja mu nzira ijana mu buzima budahera. (Matayo 7:13, 14; 1 Timoteyo 4:16) Igihe duhanganye no gufata ingingo, ico gihe icipfuzo co gukora ivyiza kirashobora gutuma twibaza duti: “Iyo ngingo izogira ingaruka iyihe ku gikorwa canje co kwamamaza Ubwami? Iyi ngendo ndiko ndiyumvira gufata yoba vy’ukuri ari nziza? Yoba izomfasha gusahiriza abandi kugira ngo bemere “ubutumwa bgiza butazoshira” hanyuma bagiranire ubucuti bwa hafi na Yehova Imana?” (Ivyahishuriwe 14:6) Tuzogira agahimbare kenshi turamutse dufashe ingingo iteza imbere ivy’Ubwami.—Matayo 6:33; Ivyakozwe 20:35.
24, 25. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe bwo gukora neza mw’ishengero, kandi ni igiki dushobora kudakeka mu gihe tubandanya kugaragaza ko tumeze neza?
24 Nimuze ntitwigere dufatira mu rwara ingaruka nziza ziva ku kumera neza. Turashobora kubandanya kugaragaza iyo kamere mu gushigikira ishengero rya gikirisu no mu gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo twitwararike ineza yaryo. Nta nkeka ko tuba tugize neza igihe twitaba amakoraniro ya gikirisu tudahorereza kandi tukayagiramwo uruhara. Ukuba ari ho turi, ubwavyo biraremesha abo dusangiye ukwemera, insasanuro zacu twateguye neza nazo zikabubaka mu buryo bw’impwemu. Turagira neza no mu gihe dukoresheje ivyo dutunze kugira ngo dusanasane Ingoro y’Ubwami be n’igihe dufasha mu vy’ukuyibungabunga. (2 Abami 22:3-7; 2 Ab’i Korinto 9:6, 7) Kukaba nkako, “iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.”—Ab’i Galatiya 6:10.
25 Ntidushobora kumenya imbere y’igihe ibintu vyose vyosaba ko tugaragaza ko tumeze neza. Igihe rero duhanganye n’ingorane tutari tumenyereye, nimuze turonderere umuco mu Vyanditswe, dusenge dusaba impwemu yera ya Yehova twongere dukore uko dushoboye kwose kugira ngo turangure ukugomba kwiwe kwiza kandi kutagira akanenge. (Abaroma 2:9, 10; 12:2) Turashobora kwizigira yuko Yehova azoduhezagira cane uko tubandanya kugaragaza ko tumeze neza.
Wokwishura Gute?
• Dushobora gute gukora iciza gihambaye kuruta?
• Ni kuki ukumera neza kwitwa ‘icamwa c’umuco’?
• Ni kuki ukumera neza kwitwa ‘icamwa c’impwemu’?
• Ukwigenza neza kwacu kugira iyihe ngaruka?
[Ifoto ku rup. 15]
Ijambo ry’Imana be n’impwemu yera yayo biradufasha kugaragaza ko tumeze neza
[Amafoto ku rup. 16]
Kugaragaza ko tumeze neza bivamwo ivyiza